IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yarakiriye intumwa zo mu gihugu c’Ubuyapani

Umukuru w’igihugu yarakiriye intumwa zo mu gihugu c’Ubuyapani

mercredi 21 Myandagaro 2013

Intumwa zo mu gihugu c’Ubuyapani zirongowe n’umushingamateka Kikawada Hitoshi, ari kumwe na Tashima Kozho, icegera c’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Buyapayi, akongera akaba n’umunyamabanga nshingwabikorwa barakiriwe ku munsi w’ejo kuwa kabiri n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Izo ntumwa zo mu gihugu c’Ubuyapani zarashimye ingene umukuru w’igihugu yitayeho inkino, ari naco gituma ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri ico gihugu ryaciye ritanga ingabire y’imipira y’amaguru igihumbi.

Urwo rugendo rw’izo ntumwa zo mu gihugu c’Ubuyapani ruje inyuma y’aho umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yitabiye, mu kwezi kwa Ruheshi, inama igira gatanu ya TICAD. Umushingamateka Kikawada Hitoshi akaba yitavye ubutumire bw’umukuru w’igihugu bwo kugendera Uburundi.

Ibiganiro bagiraniye vyashimikiye ku gukomeza ubucuti hagati y’Uburundi n’Ubuyapani, kubandanya imigenderanire muvy’Ubudandaji, inkino n’ibindi. Muri uwo mubonano, kabaye n’akaryo ko gushikiriza umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ikete ry’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani.

Izo ntumwa zo mu gihugu c’Ubuyapani zarashimye ibikorwa vy’iterambere abarundi bariko barirangurira, umushingamateka Kikawada Hitoshi nawe yemera kuzovugira Uburundi aho azoba ari hose.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.