IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yarifadikanije n’abandi mu kwubaka kaminuza y’i (...)

Umukuru w’igihugu yarifadikanije n’abandi mu kwubaka kaminuza y’i Gitega

dimanche 3 Ruhuhuma 2013

Nk’uko abigira buri wa gatandatu, umukuru w’igihugu yarifadikanije n’abanyagitega, mu kwubaka ishure kaminuza yigenga, mu bikorwa rusangi vyo kuri uyu wa gatandatu, ku musozi Tankoma uri ku mugwa mukuru w’intare ya Gitega.

Ico gihe, bariko begeranya ibikoresho vyo kwubaka igisenge ca kabiri. Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri ari mu bagomba gutanguza iyo kaminuza nawe nyene yari muri ivyo bikorwa.

Bitegekanijwe ko ivyigwa kuri iyo kaminuza bizotangura mu 2014. Umukuru w’igihugu yavuyeho abasezeranije kuzogaruka mu kwezi kwa gatatu.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka nawe yari muri komine Mpanda, mu ntara ya Bubanza aho yifadikanije n’abanyagihugu mu gukora ibarabara no gutegura ikibanza kizubakwamwo ishure ry’intango.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.