Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yarifadikanije n’abandi mu kwubaka kaminuza y’i (...)
Umukuru w’igihugu yarifadikanije n’abandi mu kwubaka kaminuza y’i Gitega
dimanche 3 Ruhuhuma 2013
Nk’uko abigira buri wa gatandatu, umukuru w’igihugu yarifadikanije n’abanyagitega, mu kwubaka ishure kaminuza yigenga, mu bikorwa rusangi vyo kuri uyu wa gatandatu, ku musozi Tankoma uri ku mugwa mukuru w’intare ya Gitega.
Ico gihe, bariko begeranya ibikoresho vyo kwubaka igisenge ca kabiri. Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri ari mu bagomba gutanguza iyo kaminuza nawe nyene yari muri ivyo bikorwa.
Bitegekanijwe ko ivyigwa kuri iyo kaminuza bizotangura mu 2014. Umukuru w’igihugu yavuyeho abasezeranije kuzogaruka mu kwezi kwa gatatu.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka nawe yari muri komine Mpanda, mu ntara ya Bubanza aho yifadikanije n’abanyagihugu mu gukora ibarabara no gutegura ikibanza kizubakwamwo ishure ry’intango.
Marie Claire Ingabire