IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yashize amashurwe ku ntatemwa ya Ntaryamira (...)

Umukuru w’igihugu yashize amashurwe ku ntatemwa ya Ntaryamira Cyprien

samedi 6 Ndamukiza 2013

Mu Burundi bibutse imyaka cumi n’icenda y’urupfu rw’uwahoze ari umukuru w’igihugu c’uburundi Cyprien Ntaryamira, yaguye mw’isanganya ry’indege yari imureruye na mugenzi we wo mu gihugu c’Urwanda Juvenal Habyarimana, ku kibuga c’indege c’i Kanombe.

Nk’uko bisanzwe, ibirori vyatanguriye ku nkuka y’imisa yo kumushikanira Imana, muri Cathédrale régina Mundi, bahava baja ku ntatemwa y’uwo muhisi kumwunamira no kumushirako ingori z’amashurwe.

JPEG - 51 ko

Umukuru w’igihugu, Nyenicubahiro Petero Nkurunziza n’umutambukanyi wiwe bari bateye iteka ivyo birori bari kumwe n’abandi banyecubahiro: Uwahoze ari umukuru w’igihugu Sylvestre Ntibantunganya, Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Therence Sinunguruza, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyikiri, umuhuza w’abarundi Mohammed Rukara, umunyamabanga mukuru n’umuvugizi wa Leta Philippe Nzobonariba, umukuru w’inama nkenguzamateka Gabriel Ntisezerana, umukuru w’inama nshingamateka Pie Ntavyohanyuma, uwuserukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu, n’abandi benshi harimwo n’umuryango wiwe.

JPEG - 44.7 ko
JPEG - 40.5 ko

Abari bitavye ivyo birori bumvirije ijambo nyamukuru rya nyakwigendera Cyprien ntaryamira, yashikirije igihe agenwa nk’umukuru w’igihugu, aho yasavye abarundi gufatana mu nda mu kurondera amahoro, gutuza ubwicanyi. Muri iryo jambo ryiwe benshi bibukira ku cipfuzo ciwe co kugarukana indero (discipline) mu mice yose y’akazi ka Leta, yarasavye imigambwe yose gukora yisunze amategeko no gutsimbataza intwaro rusangi.

JPEG - 46.4 ko

Kuri uno musi twibuka urupfu rw’uwo mukuru w’igihugu, dushimye kubamenyesha ibice nyamukuru vyaranze ubuzima bwa Cyprien Ntaryamira.

Cyprien Ntaryamira yavutse igenekerezo rya 6 Ntwarante umwaka w’1954 ku musozi Gitwe, zone Mageyo, komine Mubimbi, intara ya Bujumbura rural. Amashure mato mato yayize mu Rushubi, aca aja kubandaniriza ayisumbura kw’ishure bitirira irya mutima mweranda.

Mu mwaka w’1972, yarahungiye mu gihugu kibanyi c’Urwanda, aho yaciye abandaniriza amashure yisumbuye n’aya kaminuza, aharonkera urupapuro rw’impamyabushobozi mu bushakashatsi mu mwaka w’1979 n’urupapuro rw’umutsindo nk’umuhinga w’indimo mu mwaka w’1982.

Ari mubatanguje mu gihugu c’Urwanda umuhari w’abanyeshure b’abarundi (BAMPERE),aho yari arongoye igisata co guhanahana amakuru. Mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’1979, ari kumwe na Salvator Buyagu, Melchior Ndadaye, Jérôme Ndiho, Festus Ntantungu, Jean Ndikumana, Sylvestre Ntibantungaya n’abandi, baratanguje umugambwe w’abakozi b’abarundi(UBU).

JPEG - 39.5 ko

Mu kwezi kwa Ntwarante umwaka w’1983, yaratahutse mu Burundi nk’uwuje gutegurira inzira Melchior Ndadaye. Mu kwezi kwa Rusama umwaka w’1985, yaratawe mu mvuto, amara umwaka wose apfungiwe mu bohero rikuru rya Mpimba, ata rubanza yaciriwe, azira imvo za politike (yagirizwa kuba ariwe arongoye mu kinyegero abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’ico gihe bwari burongowe na Yohani Batista Bagaza.

Ni muri uwo mwanya nyene baca bashinga mu kinyegero umugambwe Sahwanya Frodebu, utangujwe ahanini na Cyprien Ntaryamira, Melchiol Ndadaye, Leonarudo Nyangoma, mu kwezi kwa Myandagaro umwaka w’1986.

Inyuma y’imyaka itandatu ari umuyobozi mukuru w’uburimyi n’ubworozi, yaragenwe kuba umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi mu kwezi kwa Mukakaro umwaka w’1993, muri Leta ya Melchiol Ndadaye.

JPEG - 44.6 ko
JPEG - 35.9 ko
JPEG - 38 ko
JPEG - 50.6 ko

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.