IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yashikirije ijambo inyuma y’ishingwa rya Reta (...)

Umukuru w’igihugu yashikirije ijambo inyuma y’ishingwa rya Reta nshasha

mercredi 26 Myandagaro 2015

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asaba abagize Reta gutunganaya neza Reta no kuyisigurira abanyagihugu,kandi ibafashe kubateza imbere kuko iterambere ribakomokako kandi rikabasubirako.

Umukuru w’igihugu asba kandi abasirikare kuguma barikanuye ntihagire uwubaca mu ryahumye ngo ahungabanye amahoro n’umutekano.

Mw’ijambo yashikirije abarundi kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 26 Myandagaro yavuze ati:

Barundi,Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,
1. Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yo yatuzigamye gushika uyu musi, tukayisaba kwama hafi yacu mw’irangurwa ry’imigambi twategekanije muri iyi myaka itanu duherutse gutorerwa yo gusubira kurongora Uburundi. Nihabwe icubahiro kiyibereye.

2. Mwaraye mwitavye amatora, akaba yose yagenze neza, ku mugaragaro, ata gitsure canke umusunikano.

3. Turasubiye rero kubashimira bimwe bivuye ku mutima kuko mwatwizeye, mugashima imigambi twabashikirije, mukaduhitamwo mu bandi twariko turahiganwa.

Barundi,Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,
4. Ubu rero amatora yaheze, ivyo kudutora canke kutadutora vyarangiranye n’itariki ya 21 Mukakaro. Ubu ni igihe gishasha co gukorera igihugu cacu twese turi hamwe, gushigikira inzego twatoye no kurangura imigambi mwadutoreye, ahanini ishingiye ku gutsimbataza amahoro, umutekano n’ubutungane ; gutsimbataza intwaro ibereye ishingiye kuri demokarasi n’iterambere ridakumira kandi rirama.

5. Twarayiciye ku mayange igihe twashikira amabanga yo gusubira kurongora igihugu, ariko tugasaba abagize Leta nshasha duhejeje gushinga ngo bayitunganye neza, bayisigurire abenegihugu, irangurwe kandi ifashe abanyagihugu kurangura imigambi yabo mito mito iyikomokako.

6. Nkuko mubizi, umutekano ni wo nkingi ya vyose, tuzohagararira amahoro n’umutekano, tuburizemwo imvo n’ibikorwa vyose vyotuma amahoro n’umutekano bihungabana, vyaba ibiva hagati canke hanze y’igihugu. Dusavye inzego zijejwe umutekano kwama zigavye kugira ntihagire umwansi w’amahoro n’umutekano azicarukana.

7. Tuzoronsa amakomite y’umutekano inyigisho ziyafasha gukorera neza muri ya nyabune igizwe n’abajejwe umutekano, abajejwe ubutungane, abajejwe int waro hamwe n’abenegihugu. Tuzobandanya gutanga inyigisho zo gukunda igihugu zumvisha abanyagihugu kugira urunani rw’intamenwa mu gucungera amahoro n’umutekano w’aho baba. Guhera ubu, urwaruka ruzoronka inyigisho n’ubuhinga mfatiro zo gukunda igihugu (Ivyo twita Service Civique Obligatoire), cane cane ku banyeshure bo muri za Kaminuza.

8. Ayo ma komite y’umutekano asabwa gukora ijoro n’umurango kugira uturwi twose twiyadukiza tugenzwa n’u-bwicanyi mu guhungabanya umutekano dusamburwe ku buryo mu kiringo kitarenze amezi abiri gusa tuzoba twatujijwe, na cane cane mu gisagara ca Bujumbura. Tukaba duhamagariye abanyagihugu bose kuvira hasi rimwe gukorana n’abajejwe umutekano kugira iryo hangiro turishikeko.

9. Tuzobandanya umugambi wo kwaka ibigwanisho ababitunze batabifitiye uruhusha, dukarihirize ubwenge abajejwe umutekano, twongere tubaronse ibikoresho bikwiye kugira babashe gukingira igihugu no kugarukana amahoro n’umutekano mu bindi bihugu.

10. Kugira amahoro, umutekano n’ubutungane bibandanye bisasagara mu gihugu cose, tuzobandanya gutunganya urwego rw’ubutungane, turonse inyigisho n’uburyo bikwiye abacamanza, kuko Twipfuza ko ubutungane bukora neza bwigenga, ariko bukorera ku gitsure c’amategeko. Nayo amategeko yose agenga igihugu ajanye n’ubutungane canke n’ibindi bisata vyegereye abanyagihugu, azobandanya kwandikwa mu Kirundi. Tuzobandanya kandi guhuza amategeko ariho n’ibihe tugezemwo, twubahirize ibitigiri vy’ubwoko mu buzi bwose, twisunze ibwirizwa nshingiro, amasezerano y’i Arusha n’ayo guhagarika intambara burundu.

11. Mu ntumbero yo gutsimbataza discipline mu nzego zo kwivuna abansi n’iz’umutekano, tuzosaba abize amategeko badufashe, bibaye ngombwa, guhinyanyura igitabo mpanavyaha, baturabire igihano gikwiriye abari muri izo nzego bazofatwa n’amakosa yo kwica bakoresheje ibigwanisho bizwi ko bigenewe gukingira abenegihugu.

Barundi,Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,
12. Mu bijanye n’intwaro ibereye ishingiye kuri demokarasi, Tuzobandanya gutsimbataza intwaro ibereye yitaho ineza y’abenegihugu no kubigisha kugira ngo bayigire iyabo ; dushire mu ngiro politike yo gutanga akazi hakwirikijwe ubushobozi, abakenyezi n’urwaruka baronke ikibanza mu nzego zose z’igihugu, twongere duhimirize abashinzwe amabanga y’igihugu kubera akarorero keza abandi mu kwubahiriza amategeko n’inzego z’igihugu, no mu kwubaha agateka ka zina muntu.

13. Mw’ihangiro twihaye, tuzoronsa buri komine imiliyoni 500 buri mwaka, kugira amakomine ashobore gutunganya ibikorwa vy’iterambere ku rugero rumwe. Mu ntumbero yo gukingira ibidukikije, mw’Ikomine yose hazotegekanywa ikibanza c’uburinganire bungana canke mbere bunarenga ihegitari mirongo itanu bizoba biteyemwo ibiti vy’ubwoko butandukanye kandi hategerezwa gukingirwa.

14. Tuzotangura gushira mu ngiro wa mugambi wo kugabanya ubusumbasumbane bw’imishahara kuva mu mwaka uza w’2016, Leta ikaba izotanga imiriyaridi 80 FrBu mu myaka ine, ni ukuvuga imiriyaridi 20 ku mwaka.

Barundi,Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,
15. Mu bijanye n’iterambere ridakumira, tuzotegura kandi dushire mu ngiro umugambi mushasha wo kuzamura ubutunzi no kurwanya ubukene, dusigurire abenegihugu politike y’amakori, akamaro kayo n’ingene atangwa hisunzwe amategeko. Abarya ibiturire, abasesagura amatungo ya Leta n’abanka gutanga amakori bazohanwa vy’akarorero kandi ata kibabagwe.

16. Tugiye kwiga neza ingene hoshingwa urwego rwiga kandi rukemerera gukora amashirahamwe ava hanze y’igihugu n’ayo hagati mu gihugu (AMA ONGs), bigaragara ko arangwamwo akajagari.

Urwo rwego ruzongenzura ingene ayo mashirahamwe arangura imirimo yayo, kugira uruhara rwayo mw’iterambere ruboneke kandi rwiyongere gusumba hisunzwe amategeko y’igihugu agiye gushirwaho. Amafaranga akoreshwa n’ayo mashirahamwe azobwirizwa guca mu nzira zizwi kandi akoreshwe ico yagenewe. Bitagenze gurtyo, amategeko azokwubahirizwa, uwuzoba yayarenzeko uwo ariwe wese abihanirwe.

17. Tuzobandanya guhinyanyura amategeko no gufata izindi ngingo zorohereza abagwizatunga mu bisata vy’ubudandaji, amahinguriro n’ibindi bisata bitari bimenyerewe nk’ubushakashatsi, kunonora imitsi, ingenzi n’ibindi. Tuzoshigikira imico kama, hatunganywe ibigo vy’ingenzi hafi y’ibimenyetso ndangakaranga vy’igihugu, hongere hashigwe imbere ingoma z’Uburundi narirya zisigaye ziri mu butunzi mpuzamakungu ndangakaranga, nkuko vyemejwe n’ishirahamwe mpuzamakungu UNESCO.

18. Twaravuze yuko amatungo y’abahunze abungwabungwa n’abajejwe intwaro n’ubutungane. Dusavye rero, nk’uko twavyiyemereje mu masezerano y’i Arusha, ko umurwi CNTB usubira ku kivi kugira ngo urenganure abarenganijwe kandi ubikorane umutima wa kivyeyi. Aho bitazogenda neza naho, abazobona ko batatunganirijwe bazoheza biture ya Sentare idasanzwe ijejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo.

19. Tuzokomeza ubushakashatsi mu vyerekeye ubutare, ibitoro, n’irindi tunga riri mu gataka k’Uburundi, kuko bigaragara ko ivyo bisata bitaratera imbere, kandi vyodufasha cane mw’iterambere rirama turondera.

Barundi,Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,
20. Kugira dushike kw’iterambere rirama, Tugiye kwitaho ibikorwa rusangi gusumba uko twahora tubikora : tubandanye kwubaka amashure, amavuriro, ibitaro, ibibuga vy’inkino, ibiro vy’indongozi nka ba buramatari, ba musitanteri n’abandi, guca imikobeko, guca amabarabara y’imigenderanire, kubaka amazi meza ya rusengo n’ibindi. Ivyo bikorwa tuzobishira imbere, kandi twongereze uburyo bwo kubishigikira. Amashirahamwe n’amashengero azokora mwenivyo bikorwa bihuza abanywanyi babo nabo nyene tuzobashigikira. Hazotegekanywa udushimwe ku makomine azoba yavyitabiriye gusumba ayandi.

21. Tuzorushirizaho kandi gushira mu ngiro ingingo twafashe yo kwiyubakira ibigwati vy’iterambere. Muri ivyo bigwati hazokwubakwamwo amashure, amavuriro, ibibanza vyo guteramiramwo, amashure y’imyuga izoteza imbere cane cane urwaruka, amazi meza, n’ibindi.

22. Ku bijanye n’uwo mugambi kandi, tuzobandanya guhimiriza abarundi kwijukira kuba mu bigwati vy’iterambere, dufate mbere mu mugongo abazokwitaba uwo mugambi bose mu kubaronsa amabati. Ariko, abazoronswa wa muyagankuba w’imishwarara y’izuba bazoba ari abubakishije amatafari ahiye gusa, kandi ku nzu ziteye igomwe. Aha tugasaba uwuzokwubaka wese kugira akigoro kugira azoje ku rutonde rw’abaronswa uyo muyagankuba.

23. Mu kirundi barayamaze bati :" Ubugirigiri bugira babiri". Tuzohimiriza abanyagihugu kuja hamwe mu mashirahamwe yabo yo kwiteza imbere haba mu burimyi, ubworozi, ubudandaji, amagara y’abantu, gufasha abatishoboye nk’impfuvyi n’abapfakazi, n’iyindi migambi. Tuzoheza tubafate mu mugongo bidasanzwe no kuborohereza mu bijanye n’amakori.

24. Imiryango myinshi izoronswa ibitungwa vya kijambere bitanga umwimbu mwinshi nk’inka, impene, ingurube, n’ibindi ; twijukire gusumba ibiterwa mbumbarugo bigwanya inzara nk’umuceri, ibiharage, ibigori, ibiraya, ibitoke, imyumbati, n’ibigazi ; tutibagiye imboga n’ivyamwa twisunze uburere, tukagira ihangiro rya buri giterwa mu karere. Amahinguriro mato mato, cane cane mu bisata vy’uburimyi n’ubworozi azogwizwa. Tuzogwiza kandi amazi meza, kanatsinda amazi ni yo buzima.

25. Mu bijanye n’inyubako nshasha, hagiye kwubakwa ibiro vy’Umukuru w’Igihugu bishasha aho mbere n’inzego zibikukira zizokorera ; ivyo bikorwa bikaba bigiye gutangura mu maguru masha.

26. Muri ya migambi yerekana ingene Uburundi buzoba bumeze mu mwaka w’i 2025, hagiye gutangura kwubakwa mu ntara ya Gitega inyubakwa zizosasamwo Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka ; hazotangura kandi kubakwa ikibuga c’indege c’i Bugendana muri iyo ntara nyene.

27. Tuzobandanya kwubaka ingomero z’umuyagankuba twatanguye n’izizotangurwa ku nzuzi za Mpanda, Kaburantwa, Jiji na Murembwe, n’ahandi bizokenerwa kubera ibikorwa bizoba biriko biraharangurirwa bisaba umuyagankuba mwinshi.

28. Tuzobandanya kwubaka no gusanura amabarabara y’ikaburimbo no kubungabunga amabarabara y’imigenderanire yo hagati mu gihugu. Dutegekanya kandi kwubaka ibarabara ry’indarayi riva i Gitega rigaca i Musongati rikabandanya i Makamba, rigashika i Kigoma muri Tanzaniya.

29. Mu bijanye n’imigenderanire n’ugufashanya n’amakungu, tuzokwubahiriza amasezerano mpuzamakungu Uburundi bwateyeko igikumu, dukomeze umwumvikano, ubucuti, imibano myiza n’imigambi yo gufashanya n’amakungu, na cane cane ibihugu duhana imbibe canke dusangiye akarere turimwo.

30. Twashaka kubasaba kwubaha no kuyoboka abo mwitoreye, kuva ku mutumba gushika ku rwego rw’igihugu ; murangure imigambi yategekanijwe musangira ijambo, maze twese, inyuma y’imyaka itanu, tuze dushime iterambere tuzoba twashitseko, n’uruhara tuzoba twagize mw’izina ryiza igihugu kizoba caronse mu makungu.

31. Mu gusozera, dusubiriye kwemerera Abarundi n’amakungu ko inyuma y’amatora, amahoro, umutekano n’iterambere bigiye gusasagara mu Burundi. Ntiduhahamire amaronko y’umurengera yuzuyemwo imitego yo kuryanisha Abarundi, tuzobumbwa n’ibidukwiye kandi vy’iteka. Tuzonezerwa turonse bike vyiza bituma Abarundi tuguma dufatanye mu nda nk’abavukanyi, dusangira akabisi n’agahiye, hako tworondera vyinshi ataco vyotumarira.


Van Naris Mugisha

Messages

  • IJAMBO NIRYA NYANGOMA,NAYO WEHO UHEJJ KURAGA.NTASANDUGU YO URAKORESHA?BYE,BYE

  • imigambi mutanga nimyiza.aroko nuko mwigungirako gusa.

  • Turashimye iyo migambi myiza ya nyakubahwa

  • Uburundi ntamukuru w’igihugu bufise guhera unomusi wewe nuhitemo wiyahure batarakwahura nayo ayo majambo yawe nayanyuma.

  • Nyenicubahiro mukuru wigihugu cacu cuburundi,jewe ndagukunda goooooose sinzi nukuntu nobivuga ngwabantu babibone kwarukuri. Ibintuvyoserero nifuza ntanakimwe mutavuze ariko ndashaka kwuganira kucinwavuze cogukura ibirwanisho mubabyagihugu gisanzwe kinaruko kirakorwaneza, iconsavye nshaka muronderere abobajejwe umutekano ibikoresho vyokuborohereza canke vyokunuarutsa kumenya ahabahari ibirwanisho munzu mugihe bayegereye ndavuga mugihe bagiye gusaka ahantu bakihashika ivyobukoresho bigatangura kwerekana ibimenyetso vyokohobahariyo ibirwanisho. Wirambire papa.

  • Mamjambo Yo, Wama Wayavuze. Kuja Mungiro Nico Kibazo. Ngo Mukiringo Iki, Ibi Bizoba Vyakozwe. Ngo Mundwi Imwe Gusa Abishe Bikomagu Babe Bamenyekanye. Ubu Naho Ngo Amezi Abiri Umutekano Ube Wagarutse. Uwakunaniye Kugarukana Mu Myaka Cumi Uwuzana Mumezi Abiri? Bisa Abandi Bakurusha Bawugarukane, Kuko Ivyakunaniye N’ Ukwemera Ko Hari Abobishobora Ntakindi.

  • abo kri kaminuza ko bbagiw?

  • Mbekoharutujambo nzandabona tuvugango ijambongonirya Nyangoma ngonayo umukuruwigihugu isadugu iramurindiye mwobamutegekanya gushikira ubutegetsi arukomwishe umukuru wigihugu? Ivyomurabipanga abarundi tukarushaho kubanka mumisi rindiranabomwishimiye nibahezakubateranya nabenewanyubabarundi bazobankurunuka mwumurwe!. Niwirambire nyakwubahwa mukuruwigihugu Pierre Nkurunziza.

  • Komera kumuheto umwansi aguchir’ icobo imana nayo ikaguciri cahanzo. Imigambi niyo uwanka nawe ni yangare.azogaruke 2020

  • NYAKUBAHWA KOMERA KUMUHETO IYOMIGAMBI ABANYAGIHUGU TURAYISHIMYE IMANA IBIGUFASHEMWO UBISHIKANE KUBANYAGIHUGU

  • Nkuruziza uri agatangaza. Umwanya wamaze ukina umupira aho gutunganya igihugu, ugira uwirihe mu kutwuka amajambo buri munsi. Ntawugisoma amajambo yawe ataja ntaze, atagira ico asigura. Twarababonye imyaka 10 yose mumaze mutoba, mwiba, mwica... Nuko utagira ico ukora, ahandi ho ntiwokwamye ari amajamabo gusa.

    Wamaze imyaka 10 ukina umupira, ubu naho ugira umare iyindi 5 ari ama discours. Uburundi bwaragowe kweri.

  • Mufis’imigambi myiza Imana nibajimbere, muyishitse, muberakarorero ababakuriye mukazi, Mungu ibaliki inchiangu Burundi

  • Komra Mutama.Bandanya Werekabakeba Koko Kri Umugabo,wimamatwi Cakigugu Nyangoma,nizi NJEBAJEVYI(RUFYIKIRI,PIE,ONESIM...) bashaka kuba nka BIZIMUNGU,yakuy URWANDA mwisezerano akabujana mubuja.ab Imana Yahzagiy tri inyuma yaw.imigambi yaw turayishima.

  • Komera Mutuma,ububandany Uzura Uburundi,nabo Aboba Nyangoma Bashaka Kudutangir Igihugu Nka Bizimungu Mu Rwanda,bazopfa Bangara Nka Gahini.

  • ewe barundi iyo muva muraguguta!aho abo baba soutena ngomuzgusambura uburund?mwibagyeko abazorwa mw’iyo ntambara ari benewany,bashkany,n’abavyeyi bany?mbega nyangoma,uzotwara abahe muriko mutmako abanyamahanga ngobaze kuduhony?mureke mutama ahubwo nimuhunguke kuneza mwubke ighugu canyu nayo kwica umukuri w’igihug siwomuti ahubwo ni akagegene ko kwenyegeza umuriro w’ingorane mu burundi souvenez-vs ke wica isake utica ico yabitse!! conseils gratwits àvs tous.

  • komera mutama imigabi mufise nimyiza chane mukore gusumba uko mwakoze mumyaka chumi iheze mwere ke amakungu ko abarundi ndukunda ibikorwa twanka ubunebwe abarundi turikumwe twese . ntimwunvirize nyango ma agomba gutanga igihugu natange umugore wiwe numuryango wiwe arabe abamwirukako arake gutanga burunndi bwatsu abarundi tubuhanze amaso .turasavye umushikirangaji witwaro yohagati mugihungu arabe neza abogore babanamurenge bari muburundi nabo bari mubagishibije .

  • ARIKO MURABE ABANYESHURE BIGA BATAHA UKUNTU MWOBARONDERERA UMUYAGANKUBA UVA KUZUBA

  • IMANA IKUZIGAME YONGERE IGUSHOBOZE GUHINDUKA,KWIGAYA,KUDAHEMUKA NO GUSHITSA IVYO UTWEMEREYE KUZODUKORERA.

  • IMANA YAKIRE IMIGAMBI UDUSHIKIRIJE IBE NKISENGESHO IMBERE YAYO KANDI IMANA IYEMEZE IJANA KWI JANA 100% KUGIRA AMAHORO,ITERAMBERE RIDAKUMIRA,UBUTUNGANE,DEMOCRATIE MUGISODA

  • EGO MUTWARE WACU TURINYUMAYAWE NATWE ABAJEJWE UMUTEKANO WIGIHUGU KOMERA

  • Komera mutama tubifurije kuroranigwa mumabonga mwatorewe imana ibongere ubushishozi nubuhinga mukurongora igihugu twaraye dushimye Reta mwashikirije abenegihugu imana ibongere imigisha mutama

  • kmera mutma ukinyonge nibararirwe twbwe twarkwitoreye kndi turagushingikiye kmera wirambre

  • EMWE TWIFUZA ICO UDASHOBOY A MAHORO N ITERAMBERE ARIKO NTACO USHOBOY TURAVYE ICO WAMAZE GUSA ABA DD BIBE BICE NTA KINDI NABONYE .

  • Imigambi Yawe Turayishima Cane Komera Ramba Nico Catumye Tukwongera.Hama Kimwe Mubinezereye Cane Kuba Hoba Ukungana Kwimishahara Ku Bakozi.Rero Mutama Se barundi Nukuri Murabe Mwisunge Urwaruka Mukururonsa Akazi Tuma Muze Murarungika Abana Hanze Kwiga Kubwishi Kand Aho Politique Yotera Imbere Gusumba Kuko Je Mbiraba Bose Bikika Kukibazo C’urwaruka Ukibatange Mutama Bamaramare.Hama Kandi Ushigikire Caane Igisata C’uburimyi Hamwe N’uko Mwogabanya Ikiguzi Ku Makori Kugira Infungugwa Zigurwe Make Mugihugu.

  • ICOTWIPHUZA NAMAHORONTAKINDI MUTAMA NIYIRAMBIRE

  • Nyakubahwa Ndashimyimbigambi Yose Mudushikirije.Imanibafashe Cane.

  • Tuhaye ikaze nyakubahwa mukuruwigihugu.sebarundi nukuri natwe abarundi turihanze turagushigikiye munwaroyamahoro.uyigiremwo umugisha.uwukwanka azojane nugwanko gwiwe duhamaro abansi bigihu batangare murakoze

  • Tuhaye ikaze nyakubahwa mukuruwigihugu.sebarundi nukuri natwe abarundi turihanze turagushigikiye munwaroyamahoro.uyigiremwo umugisha.uwukwanka azojane nugwanko gwiwe duhamaro abansi bigihu batangare murakoze

  • Reka guhendwa na bana babantu urabe ko uhagaze mukuri Imana ikunda muvyo ukora vyoseeee!!!

  • Reka guhendwa na bana babantu urabe ko uhagaze mukuri Imana ikunda muvyo ukora vyoseeee!!!

  • Niwisuzume urabe ko ibikogwa mugihugu ari ukuri kunezereza Imana. kuko kuri wamusi ari wewe Ni Mana yonyene ntanumwe wundi muzoba murikumwe!!!

  • DUKENEYE,IGISIKARECIZACIZEWENABOSE;!? NIGIPORISICIZEWENABOSE

  • ARIKO jewe piere nkurunziza arantweza cane ivyo utakoze mumyaka cumi urangije mumywaka itanu uzoba wabikoze wibazako abo uyoboye arabana canke ibigugu buri gihe utanga discour aho utanagirira isoni ugatanguza Imana wiyorobeka kuva uja kubutegetsi abantu bapfa mwiba musahura ntimurahaga?? Nikihe kintu cakuranze muriyimyaka iishize guturira amasoko kwica abonudasangiye ivyiyu nviro jewe uraNshisha pe!

  • KOMERA MUTAMA UBU NI HEZA NAGOMBE NDABASABE MUREKURE ZA RADIYO ZIGENGA NAZO ZISUBIRE ZIVUGE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.