Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’igihugu yemeye gutwarira abarundi bose mu budasa bwabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yemeye gutwarira abarundi bose mu budasa bwabo

Umukuru w’igihugu yemeye gutwarira abarundi bose mu budasa bwabo

jeudi 20 Myandagaro 2015

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza amenyesha ko mu kiringo c’imyaka itanu iri imbere azotwarira abarundi bose,agaharanira ineza y’abarundi bose mu budasa bwabo,kandi ko imigambi yo kwigisha abana ku buntu,kuvura abavyeyi n’abana batarashika imyaka itanu ku buntu bizobandanya.

Mw’ijambo ryiwe yashikirije mu ngoro y’amakoraniro y’abashingamateka mu Kigobe ahejeje kurahira,yavuze ati:

1. Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose kuko yatuzigamye kandi ikarinda Abarundi bose n’igihugu cacu gushika uyu musi utazigera wibagirwa. Imana n’ihabwe icubahiro kirengeye vyose, integuro yayo ni nziza ku Barundi no ku Burundi.

2. Nkako, kuri uno musi uri hejuru, igenekerezo rya 20 myandagaro 2015, turamutse dushikirizwa icese amabanga yo kurongora igihugu c’Uburundi inyuma y’amatora yabaye mu kwezi kwa Mukakaro kw’uyu mwaka nyene.

3. Turashimiye rero bimwe bivuye ku mutima mwebwe mwese mwitavye ubutumire, kuko mwaduteye iteka mu kuba mwaje kudushigikira muri bino birori bihambaye kandi biteye igomwe. Barundi mwese aho mushagaje mu gihugu cacu no mu bindi bihugu, musangwe inganji y’amahoro, umutekano, umunezero n’iterambere mwaraye mudutoreye.

4. Turabakeje kw’iteka mwaduteye, iteka mwateye igihugu, eka na mwebwe nyene mwiteye mu kugaragaza ko mumaze gutahura akamaro k’amatora mu gusonera intwaro ya Demokarasi. « Abarundi rero turi abagabo. »

5. Mu kwitaba amatora yose yategekanijwe, mwaranguye igikorwa c’iteka gihambaye co kugaragaza ukwikukira kw’igihugu cacu no gusonera ingingo zipfunditswe n’abenegihugu, mwongera mwubahiriza uburenganzira bwanyu bwo kwitorera inzego zikwiye kurongora igihugu, naho basesankuyoze batari babuze, ariko baraye babonye ko atawubuza izuba kwaka.

6. Turabibashimiye bimwe bivuye ku mutima, kuko mu kutwizera mukaduhunda amajwi, mwerekanye ko mwategereye mukongera mugashima imigambi twabashikirije mu gihe twariko turiyamamaza, ari na co gituma mwaduhaye ikibanza ca mbere mu bandi twariko turahiganwa. Tubemereye kubabera umwizigirwa, no kubabera umukozi mwiza wanyu nkuko mutuzi.

7. Tuboneyeho n’akanya ko gukengurukira abo nyene bari bitavye urubanza rwo guhiganirwa ikibanza c’Umukuru w’igihugu, bakaba baremeye gushira aho intahe ishize. Intsinzi yacu, ni intsinzi yabo nabo nyene.

8. Twashaka kandi gushimira abasengeye igihugu cacu mu kuri no mu mpwemu muri ibi bihe vyose vy’amatora. Imana yarumvise igisabisho cabo, tukaba tuyikengurukiye, kuko amatora yose yabaye mu mahoro n’umutekano ; harageze aho abasenze nabi basaba Imana imbabazi n’abo bahumbishije abandi bakabazimiza.

9. Turakengurukiye kandi abateguye amatora n’abo bose bagize ico baterereye : Umugwi wigenga ujejwe amatora (CENI), abajejwe intwaro ku ngero zose, inzego zijejwe umutekano, Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwashingiro, n’abandi…

10. Intambwe tugezeko uno musi, ni ikimenyetso gikomeye kandi gihumuriza, cerekana yuko Abarundi twisununuye tugapfundika ijambo ntabanduka ku bijanye n’intwaro ya Demokarasi ishingiye ku gusonera aho abenegihugu bashize biciye mu matora.

11. Intsinzi twaronse muri ayo matora ikaba rero ari iy’Abarundi bose, baba abadutoye canke abatadutoye, eka mbere n’abanyamahanga baba mu Burundi canke bazoza mu Burundi. Twiyemeje kubahiriza ingingo za Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro ku bijanye na kino kiringo canyuma mwaraye mutwongeye cemejwe na Sentare yo muri Afrika y’ubuseruko ; bisigure ko Imana yuguruye atawugara ; ntawigerezako.

12. Nta numwe abiyobewe, mu ntwaro ya Demokarasi, ukwishira n’ukwizana kw’umwumwe ni co gihambaye, ukuraba icahuriweko na benshi navyo bikaza vyuhira. Mwomenya yuko ”uwutsinzwe badatsindaho“, kuko abăhūriye mw’ihiganwa ari abavukanyi atari abansi. Uwutowe aba atorewe bose, uwarushijwe nawe agategerezwa kuja hamwe n’abandi ngo basangire igikorwa co kwubaka igihugu.

13. Turakengurukiye abakuru b’imigambwe n’Abarundi bahurikiye mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike, abamenyeshamakuru, eka abo bose bitanze mu gukwirikiranira hafi kandi bagashikiriza ukuntu amatora yariko aragenda mu gihugu cose, gutyo bakaba babaye ivyabona vyemeza inkuru y’imvaho, yuko amatora yabaye mu mwidegemvyo kandi ku mugaragaro.

14. Iyi ntsinzi tuyikesha abenegihugu, ariko n’incuti z’Uburundi zarabigizemwo uruhara. Turashimiye Amakungu, Ishirahamwe rya Afrika n’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, ku twigoro twinshi vyagiye biragira kugira amatora abe mu kiringo gitegekanijwe n’Ibwirizwa Shingiro ry’igihugu cacu, kandi agende neza nkuko babihanura.

15. Turashimiye cane bivuye ku mutima Abarundi n’incuti z’Uburundi twateye akamo ko gutêrēra amatora ata gahato, bakaba babikoranye umutima ubikunze, kugera aho uburyo bwabura bwabonetse amatora abona gutunganywa neza.

16. Ku bitwerekeye, Tugiye gushira ahabona ubugombe hamwe no kwitanga tuzogira mu gutunganya ivy’igihugu ku neza y’Abarundi bose, bo benigihugu. Tugiye mbere gushinga vuba Leta hamwe n’izindi nzego z’igihugu zugururiwe n’abandi zizofasha gutunganiriza abanyagihugu bose, nkuko tubisabwa n’Ibwirizwa Shingiro n’amasezerano y’i Arusha. Kugira bigende neza gusumba uko biri, tuzobija inama n’ingingo mu kuraba ko, bibaye ngombwa, hohinyanyurwa ingingo y’i 129 y’ibwirizwa shingiro.

17. Twēmeye amabānga yo kurongora Abarundi n’igihugu cose c’Uburundi ; ingingo nziza zose tuzofata zizoba zerekeye ineza y’Abarundi bose, ata gusobanura. Ico twiyemeje, ni uko tuzokorana n’Abarundi bose, tugakorera Abarundi bose, ata numwe akumiriwe.

18. Vyaragaragaye yuko abahunze igihugu babitumwe n’ibihuha. Duhamagariye rero impunzi gutahuka bifatanye na benewabo kwubaka igihugu c’amavukiro. Vyongeye, abafashe inzira idashika yo gutera no kurwanya igihugu cabo, tubahanuye kubiheba, atari uko bagiye guhigura n’Imana Mushobora vyose ; bazohera nk’ifu yimijira, Imana yo mw’ijuru niyo cabona, maze abarundi basangwe amahoro meza.

19. Turibukije ko amatongo n’ayandi matungo vya bene Burundi bahunze bitegerezwa gukingirwa. Tukaba dusavye intwaro n’abajejwe ubutungane kubikurikiranira hafi, kugira bizigamwe, birindwe neza, kuko ivyo biri mu vyateye ingorane muri kahise. Kirazira rero kikaziririzwa kugura canke kugurisha ivyabo nk’amazu, imiduga, amatongo, n’ibindi.

20. Naho amatora turiko turayasozera, turateye ivyatsi abadashaka amatora canke batayerekwa bikitse mu migumuko mu kugerageza gusenyura ubutegetsi, bafise intumbero y’ukwankiriza demokarasi. Abarundi turi maso, n’igitsure c’Imana kiri kuri bo, uwoshaka yobiheba bicitwa vuba.

21. Turashimiye inzego zijejwe umutekano n’isinzi ry’abarundi bahagurutse bakabarwanya bakabatesha iyo ngendo yashaje. Bibere icirwa abarundi bose n’amakungu.

22. Mu gihugu kiriko cihatira gukomeza amahoro, umutekano, n’ubutungane nk’uku kwaha iwacu I Burundi, nta yindi nkingi ikomeye y’intwaro ishingiye ku mategeko atari amatora twemeranije twese mu masezerano y’i Arusha ku mugaragaro, bikunganirwa n’ingendo ibereye ya demokarasi.

Vyongeye, tugiye guhagararira kubahiriza Ibwirizwa Shingiro n’amasezerano y’i Arusha nayo guhagarika intambara burundu mu gukosora ibihengeri biri mu bisata bimwe bimwe ; dushimiye abadukebuye, tugiye kubivira hasi.

23. Ni co gituma Tugiye gukora ibishoboka vyose kugira amahoro n’umutekano bikomere mu gihugu, imibano yatosekaye bivuye ku vyiyumviro n’akajagari vy’aba na bariya ku bijanye n’aya matora arangiye isanasanwe.

24. Turasavye cane cane imigambwe ngo yikebuke, isubire kwihweza neza ingingo zijanye na ” discipline “ kwihanganiranira, be no guhimiriza abanywanyi babo kwama bafatanye mu nda.

25. Turabibasavye rero dushimitse, ni mwamirire kure amacakubiri ayo ari yo yose, mwirinde izo nyosha mbi zibararikira kumarana mwitwaje ngo ntimusangiye imigambwe, ubwoko, intara, ivyiyumwiro vya politike canke ibindi.

26. Turasavye abanyapolitike abo ari bo bose, ngo mu gukina politike, birinde gukinisha ubuzima bw’abanyagihugu. Mu vyo muvuga n’ivyo mukora, mwese muhamagariwe gusonera agateka ka zina muntu, mukirinda ikintu cose cohungabanya amahoro n’umutekano. « Ubuzima bwa kiremwa muntu ni katihabwa. »Amatohoza ariko arakorwa, bitebe bitebuke abariko barica benewabo bazofatwa babihanirwe bikomeye, ari abari hanze canke hagati mu gihugu, haba muma sentare y’uburundi canke mumasentare mpuzamakungu.

27. Dusavye amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike ngo yirinde kwivanga mu vya politike, yongere yirinde gukora ico ari co cose cotuma haba indyane n’amacakubiri aho aturutse hose ; gukokeza mu bwicanyi, nkuko vyagaragaye mu migumuko iheruka.
Nimwiteho ahubwo ineza y’Abarundi mu kubafasha mu bikorwa vy’iterambere nkuko mwavyiyemeje. Kubw’ivyo hagiye gusubirwamwo neza amategeko abagenga kugira akajagari kibonekeje ntikaze gasubire.

28. Turasavye abarongozi b’Amashengero kubandanya ibikorwa batumwe n’Imana vyo kuvuga ubutumwa bwiza no kuremesha abanyamashengero babo. Nimwirinde ibikorwa vya politike bibatesha intumbero mwahawe n’Imana mukorera, mubandanye mufasha mu bikorwa vy’iterambere mu gihugu, mutibagiye gushikiriza inyigisho zijanye no gusonera no kwubahiriza agateka ka zina muntu n’urukundo mu bantu.

29. Turasavye kandi Abashingamateka n’Abakenguzamateka ngo mukwirikiranire hafi abanyagihugu babatoye. Mwamane ku kivi, nimwame mwibuka yuko intwaro turimwo ari intwaro y’abanyagihugu, mwihatire na ntaryo guteza imbere intara muvamwo.

30. Ingendo yo kuja inama n’ingingo ni yo itegerezwa kwama ituranga twese mu vyo dukora, kuko igihugu kizokomera kigire inguvu kubera yuko gifise imigambwe ikomeye, amadini akomeye,amashengero akomeye, amashirahamwe akomeye, ni ukuvuga abanywanyi babo basangira ijambo mu ciza, bagasonera ivyiyumviro vyabo batavuga rumwe.

31. Ku vyerekeye ibiganiro bamwe bamwe badusaba kugira, twashaka tubibutse ko atari bishasha mu Burundi, kuko iyo ni ingendo twiyemeje kuva mu mwaka w’i 2005, bikaba vyadushikanye kuri ibi bikurikira : ihuriro ry’imigambwe ryavuyemwo urupapuro rw’inzira rwo mu Kayanza ; imigambi ngenderwako y’igihugu mu gukomeza intwaro ibereye harimwo kugwanya ba kaboko no kubashengeza imbere y’inzego z’ubutungane ; guteramira umutekano, ukurwanya ubukene no gukomeza iterambere ; ukuntu Uburundi bwoba bumeze mu 2025, n’ibindi… Nubu rero, twemeza ko kuja inama n’ingingo bizobandanya, kuko niyo ngendo iranga ubutegetsi bwiza. Abarundi rero bokwamiza ku muzirikanyiko ari igikorwa cabo bwite, kandi ko babishoboye. Vyongeye igihugu c’uburundi kizokubakwa na bene co, kandi tuzirikane ko atawuzokunda uburundi gusumba twebwe bene bwo.

32. Muri iyi myaka itanu twizewe kurongora Uburundi, imigambi twabemereye ishingiye ku ngingo zitatu, tukaba tuzozigarukako tumaze gushinga Leta nshasha. Izo ngingo zishimikiye ubwa mbere : ku mahoro, umutekano, n’ubutungane kuri bose.
Ubwa kabiri:Intwaro ibereye ishingiye kuri demokarasi. Ubwa gatatu : Iterambere rirama kandi ridakumira

33. Imbere yo kurangiza, twashaka tubahe impanuro, tukabasaba kuzifata nka nkama. Mwese murazi ko amatora yarangiye, kandi akaba yagenze neza. Ubu hageze yuko umwe wese asubira ku murimo, abatowe nabo bagatangura kwerekana ico bamariye Uburundi n’Abarundi babatoye.

34. Tubasavye gukoresha ubwenge Imana yaduhaye mu kwubaka no gukomeza igihugu cacu.

35. Kugira urunani rw’intamenwa mu kurwanya inyigisho mbi z’amacakubiri n’izisambura igihugu cacu aho zoturuka hose.

36. Duhamagariye cane cane urwaruka kwima amatwi ba sesankuyoze babahenze bakabasuka mu migumuko, mugaheba ishure, mukaja muvyo kunywa ibiyayuramutwe, kwiba, kwica, n’izindi ngeso mbi tutarinze kudondagura.Twame tuzirikana ko akazi kagabuye.

37. Ivyo bikorwa tubararikiye gusubirako, bishoboka hari umutekano. Uwo nawo ni wo mushinge wa vyose, ka kandi gahara mu ruganda ntibacure, kuko ahabuze umutekano, ntaciza, nta terambere. Tubararikiye kuwuteramira ijoro n‘umurango, mukomeze ya nyabune tudahengeshanya kubabarira : abajejwe intwaro, abajejwe umutekano, abajejwe ubutungane, abenegihugu. Umutekano ni igikorwa ca twese kandi ca misi yose.

38. Duhamagariwe twese kuva hasi tugafata uturwi tw’inkozi z’ibibi no gutuza abicanyi bamaze iminsi bahekura uburundi, mwihangiro twiyemeje ritarenze amezi abiri gusa. Kubwivyo tumare umunota twibuka benewacu bamaze imisi bagandagurwa.

[Turabasavye muhaguruke tumare umunota twibuka abacu duheruka kubura tutanka]
39. Twarashizeho umurwi wo kumenya ukuri, kurekuriranira no kunywanisha abarundi (CVR). Tubasavye kuja ku kivi, naburya amatora ariko arahera, kugira tumenye ivyatugoye nivyo twashoboye, kugira dusezerere ubutakigaruka indyane twaciyemwo ubutakigaruka mu gihugu cacu, maze twubake kazoza keza ku bahari ubu n’abazovuka.

40. Dukunde igihugu cacu n’Imana yakiduhaye. Niyo twita : Niyonkuru, Niyonzima ; tugeze mu gihe ca Nahimana. Iyo nayo ntinanirwa ; niyo ntango n’iherezo ya vyose kw‘isi yose, na cane cane mu Burundi, na burya abarundi benshi tuyemera tukayizera ku bwinshi.

41. Mu gusozera, twashaka gusubira gutangaza icese yuko twiyemeje guharanira ineza y’Abarundi bose mu budasa bwabo, bufatiye ku migambwe n’ivyiyumviro vya politike, ubwoko canke amadini n’ibindi.

42. Turangije kandi dusubiye gutangariza Abarundi n’amakungu ko mu bijanye n’indero hamwe n’amagara y’abantu ingingo yo kwigisha abana ku buntu no kubavuza ku buntu hamwe n’uko abavyeyi bibaruka ku buntu mu bitaro vya leta bizobandanya.

43. Dutangarije ubugira kandi uburundi n’amakungu ko inyuma yaya matora, hagiye kuba ikiringo c’amahoro, umutekano n’iterambere, tukanagabisha ko uzokwitambika imbere yavyo, ari umurundi canke umunyamahanga azohigura n’Imana mushobora vyose, ivyago bizomushikako giturumbuka atagitabara ; Imana yo mw’ijuru niyo cabona ; Imana yaduhaye Burundi, ikabudutungira.

IMANA IBAHEZAGIRE YONGERE IBAHUNDE IMIGISHA YAYO
MURAKOZE.


IGIHE

Messages

  • Papa wanje Nkurunziza ndagukinda cane. Ikintu cokuvugurura amashirahamwe yitwako ari Society CVL mucicarire vyihuta barataye umurongo kugezanaho turetse natwebwe barundi nincutizu Burundi zibajijeko yobarama society yabasazi kukonokubita abanye politike ntivyaribibabereye! Ahobaribagezeho bavugango nuguhigura numukuru wigihugu! Kandaribotwarituziko badaharanira ivyicaro muri reta barikuzabarasukamwo mabisi ekavyanashoboka tukabatoramwo ababa abahuza!?.

  • Uwutashoboye Gutwarira Bose Mumyaka Cumi Iheze, Ubu Niho Azobishobora? Turamuzi N’ Areke Kuduhenda

  • UBURYARYA SIKO GUTUNGANA.ARYA MARADIYO YO KUTAYUGURUYE?UMUNTU AMVUMEREZA ATI MWAMI MWAMI SIWE SIWE AZOKWINJIRA MUBWAMI BWIMANA.

  • Uwokwizera yoba atamutimagira twarabibonye ivyo wadukoreye ubuho uzoza gukuraho nakari gasigaye

  • turagukeje bimwe bivuye kumutima niwirambire imana ikuzigame kimwe gusa ugomba kuba maso babamenja hamwe navyabinywamaraso bamenyereye kwamiza uburundi mumarira namaganya ntibicaye tugusavye kurikanura natwe turijisho ryawe kurya twagoranywe tubohoza igihugu niko tugomba kugiteramira abo bamenja barongowe barongôwe na pasifiké ’sinduhije vitari bobo mbonimpa rufyiri barikumwe nibihemu manase niyombare nyangoma pankarasi onesime lehonidasi nabandi tutadondaguye birirwa barazunguruka isi bahenda abarundi nabazungu KO umuheto ariyo nzira basigaranye yokuduhekura niharambe nkurunziza nabarundi

  • NYAKUBAHWA WAVUZE NEZA MWIJAMBO RYAWE UTI URAVYE AHO IGIHUGU KIGEZE HASIGAYE AHIMANA NIVYO!BURYA IHEREZO RYUMUNTU RIRAGOYE.WARI WATANGUYE NEZA UGAHEZA NABI BIRABABAJE.2005 WARUFISE AMA SUCCES NONE UBU WASHIZE UBURYOHE NKAWA MUNYU UCA UKANDAGIRWA NA BOSE.IKUBITE AGASHI.

  • sukurahira nukuraga yabonye atogenda atavuze ijambo ryanyuma.ndazi urwo nurupfu ruriko rumubiza.

  • Urarahiye! Muga Hariho Abataryohewe Niyotsinzi.

  • N’y en icubahiro,Yesu ari kumusaraba yasabiye abamubamvye ngw’Imana ibarekurire kuko batazi ico bakora.Hari abahimbarwa amaraso ya benewabo atemvye nk’umugende.L’IRA noneho no mukirundi barayamaze KO atawukundwa nabose ariko mweho mwankwa na bake nkuko vyagaragajwe n’isinzi ry’abarundi mukubahunda amajwi.Mwijambo mwashikirije narashimye cane cane ihangiro mwihaye ryo gutohoza Guyana n’ugutuza inkozi z’ibibi mukiringo gito c’amezi abiri.Turashima kandi ingingo zizofatirwa amashirahamwe yiyitirira ayadaharanira ivya politique ariko ntahengeshanye mugukokeza indwano no mugusuzugura abenegihugu batwambika ibara ngo baraduserukira muntumbero yo guta igihugu mumanga nuguharanira gushikira igihugu biciye mugutembagaza ubutegetsi bwishiriweho n’abenegihugu.Kira noneho niryo bwirizwa nshingiro nirihinyanyurwe ingingo y’ukugera ibiringo isezeregwe na Kate abarundi nitwe bacarubanza ntawuhambirira inkambi ahatagira igikomere.Hangama nyen’icubahiro abarundi isinzi turi inyuma yanyu kandi twiteguriye gufasha lugutuza umwansi w’uburundi aho azoturuka hose.

  • Nyenicubahiro,Turagukeje kandi isinzi ry’abarundi turi inhuma yawe nk’uko mwavyiboneye KO tutayaze amasigara cicaro mukubahunda amajwi.Turifuza ihinduka ry’ibitari bike mwibwirizwa nshingiro canne mwitungaywa ry’amategeko.Turifuza kuwo abarundi twizeye yotwara adaharuriwe ibiringo,hagashingwa n’amategeko ahagarika akajagari n’ubusimbirahamwe nk’uko bigaragazwa na bamwe bamwemubarongoye amashirahamwe na bamwe mubamenyesha makuru aho bubahuka gutyoza kizigenza Mukumutuka ubwiwe
    ,gutyoza inzego zitorewe nabenegihugu muvyo bavuga canke muvyo bandika.

  • TWARA IGIHUGU MUTAMA.MUGABO AGACE KA 19 MWIRYO JAMBO NIKO KANDYOHEYE.BAVUGA NGO NTUZORAHIRA,KO URAHIYE?ZA MBUBUSI ZA PACIFIQUE NA NYANGOMA N’ABANDI BIRYE MPAKA BIYISHE.BAHERE NK’IFU Y’IMIJIRA MAZE DUSAMGWE AMAHORO MEZA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.