Accueil > Amakuru > u Burundi > Umwaka w’ishure 2014-2015 muri ISCAM watanguye icese
Umwaka w’ishure 2014-2015 muri ISCAM watanguye icese
mardi 24 Ntwarante 2015, par
Umwaka w’ishure w’2014 ushira uw’2015 watangujwe icese muri kaminuza y’intwaramiheto ISCAM. Umukuru w’igihugu yatanguje uwo mwaka akaba yaboneyeho akaryo ko gutanga impanuro zitandukanye kuri abo banyeshure biga muri iyo kaminuza ya gisirikare.


Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 24 Ntwarante niho mw’ishure ry’intwazangabo ISCAM (Institut Supérieur des cadres Militaires) bugurura icese umwaka w’ishure w’2014 ushira uw’2015. Nk’igihe c’isaha zine n’igice niho umukuru wùigihugu Petero Nkurunziza yashika muri ico kigo, agishika yabanje kugenzura araba ingabo z’iyo kaminuza y’intwaramiheto. Inyuma y’aho haciye haba ibirori vyo guhana intahe hagati y’umurwi wa 41 na 42 (Passage de témoin de la 41ème promotion à la 42 ème promotion).
Inyuma y’aho haciye haba ibirori vyo kwemerwa burundu n’umukuru w’igihugu ku ntwazangabo zo mu murwi wa 45 (Incorporation définitive des officiers de la 45ème promotion).

Ibirori vyagiye kubandaniriza kw’irahira imbere y’umukuru w’igihugu, ku ntwazangabo zo kw’ipete rya "Lieutenant" bari bamaze igihe bagira imyimenyerezo muri iyo kaminuza, mu murwi "session" igira 15.
Inyuma y’ivyo hakaba haciye haba urugendo rw’abanyeshure bo muri iyo kaminuza y’intwaramiheto "ISCAM".
Urwo rugendo rumaze kurangira haciye hakurikira ijambo ry’uwusanzwe arongoye iyo kaminuza. Uwo nawe yasavye abanyeshure muri rusangi ko borondera isoko ry’ubumenyi, abasaba ko batokwirengagiza ico cose coza kibategurira kuba intwazangabo z’ukuri, zizerwa, kandi zikunda akazi. Yabasavye kandi kwihatira kuri kazoza kabo kuko ari nako kazoza k’Uburundi bw’ejo, indero runtu, gukurikiza amategeko, ukuvugisha ukuri, hamwe n’umutima wo gukunda akazi.
Uwurongoye kaminuza y’intwaramiheto yaronkeyeho akaryo kandi ko gushikiriza umukuru w’igihugu, ibimaze kurangurwa, hamwe n’ingorane zihanze iyo kaminuza imaze imyaka 40 ikorera ku mugaragaro. Muri izo nazo harimwo ingorane y’inyubakwa bakoreramwo, kwongereza ibitabo, ububiko bw’iyo kaminuza n’ibindi.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahumurije abarongoye iyo kaminuza ko batocika intege ku ngorane bahura nazo, kuko ku bwiwe "Uwuzi kwoga abonekera mu mikuba".
Akaba yabemereye ko mu kwezi kumwe gusa azoba yabahaye ibisakazo bishasha kuri izo nyubakwa. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahaye ikaze abo banyeshure bo mu murwi wa 46 mu gisirikare c’Uburundi, abasaba gukora batiziganya kugira bize biboneke ko batihenze mu kubatora mu bandi barenga ijana bakoranye
ibibazo vyo kwinjira muri iyo kaminuza.











Floxella Karire
Messages
24 Ntwarante 2015, 16:04, par Uhuru africa
mbega umuhungu wiwe ko yafashe iyambere mu gukora ikibzo , yoba yaramenye??
24 Ntwarante 2015, 16:58, par muhorakeye
NIWE RERO YAMENYE YABAYE UWA MBERE
24 Ntwarante 2015, 18:22, par Ntazina
@Uhuru africa
"mbega umuhungu wiwe ko yafashe iyambere mu gukora ikibzo , yoba yaramenye ??"
Nanje sinumva ingene abamenyeshamakuru boba bamuhushije n’ingene bakunda agahuha!!!
24 Ntwarante 2015, 20:33, par nshimiroimana ariane
Nibinjire natw turinyuma nkaba nteyintge abobigme ut komer kwibanga
26 Ntwarante 2015, 08:38, par Aferky
Peter ntimumuhende ngo arekure ubuteketsi, Abazungu ni babi hari ahantu bateguriye Abapresident ba Afrique barungikwa iyo batakiyobora( Lahe). Niyavaho dossier ntazomenye iyo zivuye. Uwo mutama rero nimumureke