IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’inama nshingamateka yoba yahungiye mu gihugu ca Suisse

Umukuru w’inama nshingamateka yoba yahungiye mu gihugu ca Suisse

samedi 27 Ruheshi 2015

Bimaze iminsi bivugwa, ariko ikimaze kumenyekana co, ni uko, Piyo Ntavyohanyuma umukuru w’inama nshingamateka atari mu Burundi, mu gihe imyiyamamazo mu mugambwe iwe ikomeje.

Umukuru w’inama nshingamateka Piyo Ntavyohanyuma, nawe ashobora kuba yarahungiye mu gihugu ca Suisse. Piyo Ntavyohanyuma akaba yavuye mu Burundi mu minsi iheze, kandi bikab vyagumye binugwanugwa ko nawe yoba yahunze. Amakuru y’ihunga rya Piyo Ntavyohanyuma aremezwa na Aime Magera wo mu mugambwe FNL wigenga, yabibwiye ikinyamakuru dw.com.

Avuga ko uwo asanzwe ari umutegetsi adasanzwe mu Burundi, ndetse akaba n’igihangange mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD ari muri ico gihugu ca Suisse. Umukuru w’inama nshingamateka akaba aje akurikira icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yigeze n’ukuba umukuru w’inama nkenguzamateka Gerevazi Rufyikiri yahungiye mu gihugu c’Ububirigi, hamwe n’abandi bakomeye muri CNDD FDD, aha tukabibutsa nk’uwari umuvugizi w’umukuru w’igihugu, uwahoze ari umuvugizi w’umugambwe, umukuru w’abakenyerera rugamba, abashingamateka n’abandi banyacubahiro baturuka muri uyo mugambwe.

Abo bose hamwe n’abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, bakaba bahunze batinya ihungabana ry’umutekano wabo, inyuma yaho bagaragarije ko barwanya ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.


IGIHE

Messages

  • uwowewe nahunge nuko afi inziracamwo twebwe twarabuzahoduca

  • Ariko kajisho naba adolphe barindiriye iki,bobo ntanindege boronka ibatwara nabandi barinyuma

  • Imana imuj mbere yanse guhonyang amasejerano ya arusha!! Na nkurumb buca ahung kuk yokwihend tukamufata twomumesa!! Mudushikirj ivyiyumviro imbere vyac abanyagihug!! Sitw tuzobona faraon aratuvuyeko!!

  • ABOBOSE BAHUNGA BIRASHOBOKA KOBATINYA KUMUTEKANO WABO UHUNGABANA GUKO POLITIQUE IRIKIBA IRATEY UBWOBA !ARIKO KANDI NTITWIBAGIRE KOBABONA KIKIRINGO CABO KIGIYE KURANGIRA! IKINDI TWOKWIBAZA:MBEGA UMUTEKANO WABO UBANGAMIWE NA BANDE?UBWONTIBAJA HANZE GUTEGURA GUHUNGABANYA UMUTEKANO MUGIHUGU BABITEGURIYE MUMAHANGA? MANA! GUMA HAFI Y’UBURUNDI NTITWIPFUZA GUSUBIRA INYUMA!

  • BAREKE BAGENDE NAKARE NTACO BODUFASHIJE MWITERAMBERE.

  • Mana Tabara Uburundi Nayo Ahandiho Twe Abantu Batobato Tudafise Uburyo Bwo Guhunga Turagowe!

  • batashe iwabo, umugambwe warabahaye ubuzima ifranga bagiye bajanye ntaryo bopfuye baronkeye mumahanga ndakurahiye, barazoshimira umugambwe hama baze bame bibuka abarundi kuko iryofranga bayoye ryavuye muribo. nkakarorero amahera make mwabobategetsi yatwara murugendo rumwe yari 60000000 cufata ingendo zose yagize namahera yahembwa ugwize n’imyaka 10 hama famille yiwe yose ikaba yibera hanze abarundi bazindukira kwisuka nabo bahembwa, nibareke rero igihugu gisubire muminywe yabeneco hama abo badukengerango igihugu kiriko gitwagwa nuduhutu canke udututsi ataco tumaze tuzorabe, abonyene bagaya nibo babashikanye muburundi kwiyorera ifranga batopfuye bahashitse.

  • NIWIGIRE MUTAMA IZONTAMBWE ZITAKURYA MBONA ZASAZE YAMARA HARIGIHE ZIZOHURA NABAGABOZI GUTEGA INTAMBWE EREGA BURYA BARIHO BAZI KUZITEGA NUKURI,BATARIHO

  • Nagende.Tubabajw Nabenewacu Babanyarwanda Babatutsi Bintagondwa Bazoza Kudutera Tugaca Bubaniga Hama Tukinjira Kigali Tugasiga Twimitse Umu Hutu Wumu FDLR Kugira Atware Urwanda.Kagame Nadukoroge Azotubona.Nyakubahwa Nkurunziza Nagume Kwivolant.

  • !nibara,kubona abategesti,babarundi bata igihugu kubera ukutunvikana kwabarundi nene izongorane,zizohera gute?pita nabone ko,abiwe bamuhezek o abivemwo

  • KOMERA MUTAMA PIYO WAKOZE IBIKORA INKA MUKWANKA KUZOJA KUBORERA MUGASHU MPUZAMAKUNGU KANDI UGIKENEYE KWIBERA KWISI MUMWIDEGEMVYO NTANGERE HAMA PETER BUCA ASANGA ASIGARANYE LETA IGIZWE NAWE NA BUNYONI NA KAZUNGU NA ADOLPHE NAWAMUHUNGU WIWE AHERUKA KURUNGIKA MURI ISCAM UH EWESHA PETER URIMARAMAJE BASI MBE BURYA AHO WARUNGIKA UYO MUHUNGU WAWE NGO AZOHEZE AGUSUBIRIRE KUBUTEGETSI? MBE UWAGUHENZE YUKO UBURUNDI ARI UBWASO CANKE NYOKO NINDE? URAHUMBA TWAMAZE GUCUBWENGE SHA HARIKERA UBU UYE NTUGENDA USUBIRIYE KUDUTWARA WIYUMVIRA YUKWARI WEWE WENYENE MU BURUNDI UZI GUTWARA WANGUHA EKA MBERE RORERA GATOYI BUCUJA IMBERE Y’UBUTUNGANE KWISHURA KUMABI WAKOREYE ABARUNDI!

  • NKURUNZIZA(PHARAO)MUTU MUBAYA ALIWATESA WANA WA BURUNDI(WANA WA ISLAELI)PHARAO WE NTA KWEZI USIGAJE KU BUTEGETSI BWAWE.

  • NKURUNZIZA(PHARAO)MUTU MUBAYA ALIWATESA WANA WA BURUNDI(WANA WA ISLAELI)PHARAO WE NTA KWEZI USIGAJE KU BUTEGETSI BWAWE.

  • NKURUNZIZA(PHARAO)MUTU MUBAYA ALIWATESA WANA WA BURUNDI(WANA WA ISLAELI)PHARAO WE NTA KWEZI USIGAJE KU BUTEGETSI BWAWE.

  • NKURUNZIZA(PHARAO)MUTU MUBAYA ALIWATESA WANA WA BURUNDI(WANA WA ISLAELI)PHARAO WE NTA KWEZI USIGAJE KU BUTEGETSI BWAWE.

  • Nukuri bitey agahinda ndabaza abafis ivyamoko cank abigisha amoko nibabon ko ari ikibazo capolitique gihanz igihugu inyishi ni twicaar hamw tugikemur aharabagabo ntihagwa ibara nimwadadaza amerika namakungu barabona ko mudahanurwa hama ifaranga ryanyu rikorok mz mukoresha umufuko wuzuy amahera mukugura umukat cank ibindi murakoz ava

  • Nkuru Nareke Poritike Yamunaniye Kuko Abiwebamushiriyeko Nkibuji Ntamuperezida Yigisha Amacakubiri Nicogituma Bahunga Kandi Bahunga Hageze.Imperanimperuka Tuzobimubaza.

  • Weyavuyeyo,atakinuma Tweho,twahunze tuvunwe Imbavu.

  • Ikimbabaza Sabo Bahunga Hubwo Twe Batobato Tutaronka Icoduhungana.

  • Ha!erega mugihugu nta mutegetsi ari mubaharaniye démocratie ahasigaye!!hasigaye za Aimé NYAMITWE bejo ata nico bashoboye!

  • EWE NKURUMBI REKA BAGUHEREREKO .NABADO RINDIRA KAZIMA NAWE IYO WOHUNGIY WAHATEYE AMAHWA TUZORABA

  • Abatutsi niko bapfuy rer yahunz kugir yitwaz politik iyo ni politik yamoko turamuz ariyorobeka

  • MUTAMA KOMERA WAKOZ IVY’ABARUNDI BASHAKA NIWIRAMBIRE MUTAMA.NONE NKURUNZIZA ANGOMBA MWESE MUTE IGIHUGU.NUKURI NDAMUSAVYE YIMVIRE AHEBE IYO MANDA YA 3 KUKO YOBA AKIJIJE ABARUNDI BESHI.EXCELENT HANURWA WUMVE VYOGUHA ITEKA MUMAKUNGU.NUKURI ABARUNDI TURARUSHE,NUKURI ABARUNDI TURIKUMAVI DUSENGERA NKURUNZIZA AHEBE 3€ MANDA KANDI IMANA IZOTWISHURA AMEN.TURANGIJE TUREMESHA ABAHUNZE BOSE MWIHANGANE MUGIYE GUTAHUKA VUBA.3 MANDA N’EXISTE PAS DANS MON PAYS EN DEMOCRATIE.

  • None Kohatanguye Guhunga Abategetsi Nkabo Twebwe Abanyahihugu Batoyi Duhunge?????

  • Uhoraho,niwenyishu,yavyose

  • Nabandi bagiye guhunga ninde abaha ubuhungiro bagiye banyuruje amhra yigihugu

  • Mweh Muraronk Iyo Muhungir.Tweh Tugiy Gupfa Nkabana Binyon.

  • mubisanzwe,nimba barikobahunga vyo nibigre.naje nuko mbuze uburyo nahonca.

  • MANA DUFASHETWEHOTUGEZE AHATEMBA. KABATEGETSI BA
    KURU BAHUNGA BAFISEI YOBAJA
    TWEHOTUZOJAHE NKURUNZIZA
    ATAYE ABARUNDI MUMANGA.

  • ahaaaaa!!nyarucari nagogwe

  • nagende.abafis.iyo.bajabaragenda.ariko.nuguhemukira.abarundi.nuburundi

  • Ewe wiyita Cumacindaruha nawe wiyita Murundiyiyemera eka nawe Kelly ,icobanshikiriza nokwinginga abarundi b’umutima bakabamfatira nkabaramiza umuti wurukundo uvura amacakubiri heba iyonzigo niyo nzikira ntanyungu numutahe muzobikuramwo,wewe wavuze nguzoja murwanda kwimikayo abajonosidere reka reka kurota kumurango ntukoze agati muntozi n

  • None Bahunga iki?koAmahoro,ari,mirongo icenda,nibice icenda,kwijana,kumbe,niBijuju?Baribesha kumbe nabo BaratinyaØŒntavyabo,niBatembe,mugaboIrahe,barababona.

  • NONE IGIHUGU GISI GAYEMWO BANDE? EWE MANA TABARA UBURUNDI.

  • Jewe nkeneye kumenya umuntu yigishije Abarundi ibijanye na politiki. Mbega nivyo bihugu bahungiramwo? Nimba arivyo uko iwabo niko bakemura ibibazo vy’ibihugu vyabo? Mbega ivyo biganiro bisabwa bazoganira kubiki ko tuzi ko himirije amatora, nukuganira ingene bizogenda? Mbira; erega mbwira?

  • Yaba piyo,rufyikiri ,onesime n’abandi,ntaco bambwiye nibahunge ariko bareke kuduhenda twebwe abanyagihugu ata ma ambitions dufise,babonye ata avenir politique bagifise no kuba bashingamateka batavyemerewe ati reka dutembe dutembanye système yose,baca babanza bararya imyaka 10 yose inda baruzuza,hasigaye iminsi ibiri ngo amatora abe ngo turahunze ,ngo umutekeno wacu wifashe nabi,mon oeil,ahubwo sinarinzi ko mu mugambwe cnddfdd harimwo ibijuju nkivyo bishaka kudufata twese nk’ibijuju,attends,on va voter rien que pour les punir ces ventriotes bashaka kudusubiza mw’ihumbi kubera vya bi euro birigwa batemberamwo bigiye guhagarara nabo bati tubivuyemwo ntawuzobijamwo,murahumba da uburundi ntibufufise mwebwe gusa turabiyamirije,none aho mwamariye iki abanyagihugu bo badafise za nationalités ngo batahe i bulaya bandes de cons,mubasize he?Nimureke Dolofu ,Bunyoni,Ndakugarika na kazungu batwareahubwo muze mureka kubamiza mu kanwa,kubera encore une fois bariko badusubiza igihugu abahutu bamwe bamwe bashaka kutwaka bitwaje ngo babaye i bulaya et par consequent bibazako bazi ubwenge canke bazi ivyo abanyagihugu dukeneye,nimutembe ntimuzogaruke nizere ko mwese mwasize amahoteri ubonako ariyo agezweho,tuzoyahindura amavuriro y’abanyagihugu .

  • Iyi video ndayituye ibihutu vyose biri muri opposition biriko birwanya Nkurunziza!!Ivyo birofa ngirango babigaburiye amagi y’ibihuna

    Tore iyi video ngira ho mwoca akenge

    http://www.youtube.com/watch?v=CLqrI9KIgDk

  • Bitey ubwoba iyo inyungu z umuntu umwe z ishizwe imbere kuruta inyungu zigihugu cose.none tuzohunga amavukiro yacu gushika ryari!kwibiganiro yavyanse,agahonyanga amabwirizwa y igihugu n amasezerano,bikwiyeko abanyagihugu tuja hamwe tukunga ubumwe tukiyamiriza muburyo bwose iyo ntwaro mbere tugataka n amakungu akadufasha.

  • Nagomba Nsabe Amakungu Aturabire Neza Ruvyikiri Ntavyohanyuma Bagiye Basahuye Itunga Ry,igihugu,bamenyeko Abeneg,ihugu Bari Babashinze Amabanga Y,igihugu Bitebe Bitebuke Bazobitwarira,mbega Biyumviriye Kuba Aba President Ntibikunde Baca Bava Mugihugu?Non Bataheshe Iwabo Nakare Bari Bamukera Rugendo (gupagasa) Ikibabaje N,uko Bagi Badusahuye!

  • nagende nuko bona kw’atoco yokuye muraya matora.

  • birateye ubwoba PE nne KO abategetsi bakuru bakuru batanguye guhunga nne twebwe tuzojahe mana tabara igihugu cawef

  • Kubera iki iyo umuntu ahimvye aca yidahisha urugogo! Uwozura intwari ziguze Uburundi n’abanyagihugu muguhabuza démocratie bakambonera ingene abahaze bariko barahemukira abanyagihugu kandi bahora babitwa mugusuka mumifuko none barakwije amahera namazuzu baradutaye bigiriye iburaya kuba abacangero babazungu !? Birababaje cane. Système ya Cndd-Fdd ize yige abagiye guhabwa amabanga ntiyongere kuzana abacangero babazungu! Turahatswe. Mpunge urwaha yakimajije amaguru.aho guhunga bari gusaba ikigongwe abanyagihugu bari babatoye. Uwusavye imbabazi arazihabwa.

  • Uyu mugambwe cndd fdd usigaye aruwakajagari muravye ivyo bigira ubonako bajejwe guhungabanya umutekano mbe bibazako uburundi arirwabo? Canke? Kuberiki bigira ivyobishakiye mukwica no gutoteza abantu bamenye ko turikwisezerano ry Imana ntaco bazoshikako

  • Baca umugani "on estime la valeur d’une montagne lorsqu’on s’en ecarte de loin"

  • Les responsables de ce site sont des opposants de l’Etat ça se voit!!!

  • Non Ibibavyose Ntcovyokwigisha Abategetsibikigihe Hahunze Abomuyindimyaka Hazohunga Abomurundi Ruhande Ibisigayentimumbaze

  • Non Ibibavyose Ntcovyokwigisha Abategetsibikigihe Hahunze Abomuyindimyaka Hazohunga Abomurundi Ruhande Ibisigayentimumbaze

  • uwomugambwe w’amabingira utowuvamwo afise ubwenge yoba arinde?reke buce tubamaramaze.

  • Emwe Reka Turindire Ico Aya Matora Azovamwo.

  • Nyishu
    Caba ari ikibazo ca politique abatutsi mugaturira umwana w’umuhutu mwi pine n’abandi bahutu mukabica ngo ni imbonerakure,mukaba mutanguye kwagiriza abo kwa rwasa ko aribo bazanye violence mu myiyerekano iheruka?ibijuju nivyo vyibazako ari politique,inararibonye mu ngorane zaranze uburundi twe turabonako ari ingorane z’amoko zinyegeje comme d’habitude.
    Mbega basha abantu muvuga ngo abantu baheze kuri peter mwibaza iki,uzi abantu bari prete et capable gukora ako kazi bakorera abarundi atari abo bakora ngo bazoshimirwe n’ababiligi batugumije mu gacinyizo k’abatutsi,nibagende bose i buruseli igihugu cuzuyemwo abagumyabanga babona kure bakoreye umugambwe kurusha abo bari mu ma filiti na za jupiler i bulaya,bon debarras .

  • Ahaaa....!! bobo barya isake iyidi iziritse. umunyagihugu nawe abaye uwande? Dusabimana ifashe abarundi!.

  • Muvyukuri mtama RWASA aratumaramaje cane,kuko ntako twoguma tumwuma inyuma mugabo ngo kumunota wanyuma akaca atubwirako avuye mumatora.none twebwe tuzoba bande?mutama ukwiye kwikebuka guko ntawuvuka rimwe ngo yuzure ingovyi.kandi mutama akwiye kumenyako umwanya w’umuntu ko atariwe awiha ahubwo tuzohava dusanga abanywanyi batuvuyeko kubera kurambirwa kwacane gose.nkubu twebwe kubijanye namatora tukigenze gute?tutegerezwa kuja gutora guko ntakundi twogira.

  • JE MBONA KO MU BURUNDI AKAGWI KA CNDD FDD KAGIYE GUTOBA UBURUNDI AMAHANGA ATAVYIHUTIYE BUGIYE KUGWA KURE ARIKO IVYO BAGIRA VYOSE BATINYA KO AMABI BAKOZE AJA AHABONA ARIKO IBISAKA VY’IMBWA BIGIYE GUSHA.

  • NONEKOYAHUNZE INAMAIBAGUTE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.