IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umumenyeshamakuru Paggio Patrick wa RPA yahatswe kwicwa

Umumenyeshamakuru Paggio Patrick wa RPA yahatswe kwicwa

samedi 27 Ndamukiza 2013

Mu gitondo co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2013, umumenyeshamakuru Paggio Patrick Niyonkuru, akorera iradiyo ijwi ry’abanyagihugu(RPA) yahatswe kwicwa arashwe n’umupolice ahitwa kuri Gare Routiere mu gihe yaratashe ava mu rubanza n’abagenzi biwe.

JPEG - 45 ko
Umumenyeshamakuru Paggio Patrick wa RPA ari aho arwariye muri Hopital Militaire

Nk’uko vyashikirijwe n’abari muri ico kibanza yarasiwemwo, imvo zatumye araswa n’uko yaciye aho abapolisi bariko batoza ruswa abagesha amakinga. Yahagaze abaza ko ayo mafaranga yoba ariko atangishwa biciye mu mategeko. Uwo mupolisi amaze kumenya ko ari umumenyeshamakuru, yaciye atwarwa n’ishavu ry’uko amakosa yariko arakora yagaragaye, aca aramurasa.

Imana yakinze urwo rusasu ntirwamuhitanye, rwafashe ukuboko. Yaciye ajanwa mu bitaro vy’abasirikare mu Kamenge, aho ariko aravurirwa ubu.
Umuvugizi w’igipolisi Eliya Bizindavyi yamenyesheje ko uwo yakoze iryo bara yamaze gufatwa, agahava ashikirizwa ubutungane.

Twobibutsa ko Paggio Patrick wa RPA abaye umumenyeshamakuru agira kabiri ahohotewe mu minsi itarenga ibiri inyuma ya Willy Abagenzinikindi wo ku mboneshakure Renaissance yatewe n’abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana ku rugo iwe muri komine Nyakabiga. Uretse ibikoresho vy’akazi bagiye bamwivye, Imana yaramukingiye abo bagizi ba nabi.

JPEG - 35.5 ko
Umumenyeshamakuru Paggio Patrick wa RPA

Joel Sengurebe

Messages

  • Twosaba ko hoshirwaho umurwi ujejwe amatohoza tukamenya icatumye uwo mupolisi amurasa hama ubutungane nibumucire urubanza vyihuta muri bimwe bita ikibiriraho. Ndasavye kandi ko abarundi n’amakungu batokwitiranya ivyo vyabaye n’icuka kibi kiri muri Leta n’abamenyeshamakuru kuko uwo mupolisi yabikoze ku giti ciwe, ntawamutumye, eka noneho ntiyarazi ko baza guhura na patrick Paggio.

  • mubyukuri uwo munyamakuru yararenganye cyane gusa uwo muporisi wamugiriye nabi ahanwe !pe nabandi babonereho kuburyo batazongera kugira uwo bahohotera

  • mubyukuri uwo munyamakuru yararenganye cyane gusa uwo muporisi wamugiriye nabi ahanwe !pe nabandi babonereho kuburyo batazongera kugira uwo bahohotera

  • mubyukuri uwo munyamakuru yararenganye cyane gusa uwo muporisi wamugiriye nabi ahanwe !pe nabandi babonereho kuburyo batazongera kugira uwo bahohotera

  • Les salauds....! Les salauds.....! Les salauds....! Mille millions de fois .... Les SALAUDS....!

  • Les SALAUDS...! Ces tueurs écervelés! Ces flics écervelés paieront très cher.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.