Accueil > Amakuru > u Burundi > Umumenyeshamakuru Paggio Patrick wa RPA yahatswe kwicwa
Umumenyeshamakuru Paggio Patrick wa RPA yahatswe kwicwa
samedi 27 Ndamukiza 2013
Mu gitondo co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2013, umumenyeshamakuru Paggio Patrick Niyonkuru, akorera iradiyo ijwi ry’abanyagihugu(RPA) yahatswe kwicwa arashwe n’umupolice ahitwa kuri Gare Routiere mu gihe yaratashe ava mu rubanza n’abagenzi biwe.
- Umumenyeshamakuru Paggio Patrick wa RPA ari aho arwariye muri Hopital Militaire
Nk’uko vyashikirijwe n’abari muri ico kibanza yarasiwemwo, imvo zatumye araswa n’uko yaciye aho abapolisi bariko batoza ruswa abagesha amakinga. Yahagaze abaza ko ayo mafaranga yoba ariko atangishwa biciye mu mategeko. Uwo mupolisi amaze kumenya ko ari umumenyeshamakuru, yaciye atwarwa n’ishavu ry’uko amakosa yariko arakora yagaragaye, aca aramurasa.
Imana yakinze urwo rusasu ntirwamuhitanye, rwafashe ukuboko. Yaciye ajanwa mu bitaro vy’abasirikare mu Kamenge, aho ariko aravurirwa ubu.
Umuvugizi w’igipolisi Eliya Bizindavyi yamenyesheje ko uwo yakoze iryo bara yamaze gufatwa, agahava ashikirizwa ubutungane.
Twobibutsa ko Paggio Patrick wa RPA abaye umumenyeshamakuru agira kabiri ahohotewe mu minsi itarenga ibiri inyuma ya Willy Abagenzinikindi wo ku mboneshakure Renaissance yatewe n’abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana ku rugo iwe muri komine Nyakabiga. Uretse ibikoresho vy’akazi bagiye bamwivye, Imana yaramukingiye abo bagizi ba nabi.
- Umumenyeshamakuru Paggio Patrick wa RPA
Joel Sengurebe
Messages
27 Ndamukiza 2013, 08:01, par Didier
Twosaba ko hoshirwaho umurwi ujejwe amatohoza tukamenya icatumye uwo mupolisi amurasa hama ubutungane nibumucire urubanza vyihuta muri bimwe bita ikibiriraho. Ndasavye kandi ko abarundi n’amakungu batokwitiranya ivyo vyabaye n’icuka kibi kiri muri Leta n’abamenyeshamakuru kuko uwo mupolisi yabikoze ku giti ciwe, ntawamutumye, eka noneho ntiyarazi ko baza guhura na patrick Paggio.
28 Ndamukiza 2013, 02:46, par sahinku emme
mubyukuri uwo munyamakuru yararenganye cyane gusa uwo muporisi wamugiriye nabi ahanwe !pe nabandi babonereho kuburyo batazongera kugira uwo bahohotera
28 Ndamukiza 2013, 02:46, par sahinku emme
mubyukuri uwo munyamakuru yararenganye cyane gusa uwo muporisi wamugiriye nabi ahanwe !pe nabandi babonereho kuburyo batazongera kugira uwo bahohotera
28 Ndamukiza 2013, 02:47, par sahinku emme
mubyukuri uwo munyamakuru yararenganye cyane gusa uwo muporisi wamugiriye nabi ahanwe !pe nabandi babonereho kuburyo batazongera kugira uwo bahohotera
3 Rusama 2013, 05:09, par Joyeuse
Les salauds....! Les salauds.....! Les salauds....! Mille millions de fois .... Les SALAUDS....!
3 Rusama 2013, 05:14, par Joyeuse
Les SALAUDS...! Ces tueurs écervelés! Ces flics écervelés paieront très cher.