Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umumenyeshamakuru yirukanywe kubera gutuka Michelle Obama
Umumenyeshamakuru yirukanywe kubera gutuka Michelle Obama
vendredi 13 Ntwarante 2015
Umumenyeshamakuru w’imboneshakure Univision yiruaknywe inyuma yo kugereranya Michelle Obama n’inkende.
- Rodner Figueroa
Mu kiganiro "El Gordo y La Flaca" co ku munsi wa gatatu ku mboneshakure Univision yo muri Espagne irabwa cane muri Reta zunzubumwe z’Amerika, herekanywe ama fotos menshi ya Michelle Obama yo mu myaka iheze. Umumenyeshamakuru Rodner Figueroa wo mu gihugu ca Vénézuéla yariko aremesha ico kiganiro, yagize ati:"Womenga Michelle Obama yarabanye n’inkende"
Imbere y’uko amasaha 24 ahera inyuma yayo majambo, uburongozi bw’imboneshakure Univision bwaciye butera ivyatsi imvugo y’uwo mumenyeshamakuru, bwongera bwikurako ayo majambo, buti :" Rodner Figueroa yabivuze ku gatwe kiwe atari k’imboneshakure". Uwo mu menyeshamakuru yaciye yirukanwa vyihuta. Rodner Figueroa bivugwa ko yari igihangange mu bijanye n’imideri aho wenyene yitazira "El Fashionista".
- Michelle Obama
Iyi nkuru yanditse ku kinyamakuru 7sur7.be
Cherif Nkeshimana