IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abamenyeshamakuru bahimbaje umunsi mukuru hari abakizira umwuga (...)

Abamenyeshamakuru bahimbaje umunsi mukuru hari abakizira umwuga wabo

mardi 29 Ndamukiza 2014

ibirori vy’uguhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyeshamakuru vyatangujwe kuri uwu wa kabiri. Iyugururwa ryabereye mu kigo c’abamenyeshamukuru, abategetsi batari bake bakaba bari bitavye ivyo birori

Inyuma y’aho uwurongoye igisagara ca Bujumbura aburije urugendo rwari rwateguwe n’abamenyeshamakuru, bahavuye bahurira mu kigo cabo (Maison de la Presse), nk’uko vyari vyateguwe. Hakaba haciye hugururwa ku mugaragaro umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru ku civugo gikwirikira : "Ubwigenge bw’ibinyamakuru kubwa kazoza keza: "gutanga umuganda ku rutonde rw’ibikorwa vy’iterambere vy’inyuma y’umwaka w’2015". Iyugururwa ry’uwo munsi uzohimbazwa kw’isi yose ku munsi wa gatandatu w’igenekerezo rya 03 Rusama ryatewe iteka n’uwaserukiye ubushikiranganji bwo gutumanatumanako amakuru amakuru, Jerome Ndikuriyo. Yagarutse ku gikorwa cakozwe n’igiporisi mu guhagarika urugendo rwari rwateguwe n’abamenyeshamakuru kandi bari babifitiye uruhusha. Yamenyesheje ko n’aho vyagenze uko ata nzu iriko irasha hagati ya Reta n’abamenyeshamakuru.

Alexandre Niyungeko arongoye urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi, abamenyeshamakuru bategerezwa guhangana n’ico cose coza kibabuza gukora akazi kabo. Yagarutse ku ngingo ya Reta isaba abemenyeshamakuru kuvuga aho bakuye inkuru. Kuri ico yavuze ko ko kizira ko umumenyeshamakuru ategerezwa gutanga aho yakuye amakuru, aho yanatanze n’uburorero butari buke bw’ibihugu vyatoye itegeko ribuza kuvuga ahavuye amakuru nka Reta zunze ubumwe z’Amerika, ibihugu biri mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, hamwe n’ibiri mu bumwe bwa afrika, riko bigasabwa ko ayo makuru ategerezwa kuba ay’ukuri. Avuga ko uwo munsi ushitse hari abamenyeshamakuru bariko barengutswa bazira umwuga wabo, yanasavye umwanya wo kwibuka abamenyeshamakuru bamaze gupfa bazira umwuga wabo.

Iyugururwa ry’uwu munsi ryatewe iteka kandi n’uwuserukira ikigo c’abamenyeshamakuru, n’uwaserukiye ishirahamwe UNESCO.
Inyuma y’iyugururwa ry’ivyo birori, abamenyeshamakuru bavyipfuza baciye bagenda gutanga amaraso. Ibikorwa bizosozerwa ku munsi wa gatandatu, umunsi ubwigenge bwo kumenyesha amakuru buzohimbazwa mu Burundi no kw’isi yose.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.