Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Igiporisi cerekanye uwiyemereye ko azi ukuri kw’iyicwa ry’umuhungu wa MBONIMPA
Yanditswe taliki ya 23-03-2016 - isaha 08:06' na IGIHE

Igiporisi c’Uburundi cerekanye uwundi munyagihugu avuga ko yishikanye ku nzego z’umutekano, uwo ari mu minwe y’igiporisi akaba avuga ko afise ukuri kw’igandagurwa rya Welly NZITONDA, umuhungu wa Petero KARAVERI MBONIMPA umukuru w’ishirahamwe APRODH.

Epitace INGABIRE niwe avuga ko yishikanye ku bajejwe umutekano, akemeza ko azi neza ibijanye n’urupfu rwa Welly NZITONDA, mbere akavuga ko yari umugenzi wiwe bari basangiye « urugamba. »

JPEG - 142.7 ko
Epitace INGABIRE niwe avuga ko yishikanye ku bajejwe umutekano

Kubwa INGABIRE Epitace, Welly Nzitonda umuhungu wa Petero Karaveri MBONIMPA yahuye n’abaporisi kw’igenekerezo rya 6 Munyonyo 2015 bari mu gikorwa c’ugusaka ibirwanisho, nawe akaba yari afise gerenade mu mufuko y’ipantaro yiwe, ageze kw’ibarabara rya 12 rya Cibitoke, mu gisagara ca Bujumbura.
Welly NZITONDA akaba yarashwe n’abaporisi mu gihe yagira abatere iyo gerenade ariko arahunga.

Epitace INGABIRE akavuga ko abaporisi batamurashe kubera ari umuhungu wa MBONIMPA, kuko batari bamuzi, ahubwo yishwe kubera ari inkozi y’ikibi yagira itere gerenade abajejwe umutekano, akavuga ko bagiye kumenya hanyuma uwariwe, baravye ku bimuranga.

JPEG - 60.9 ko
Imva ya Welly NZITONDA, umuhungu wa Petero KARAVERI MBONIMPA

Epitace INGABIRE arahindukira ariko akamenyesha ko imbere y’uko yishikana ku bajejwe umutekano, yigeze kubwira ishirahamwe Human Right Watch ibitandukanye n’ivyo ashikirije ubu kw’iyicwa rya Welly NZITONDA. Asigura ko ico gihe yari akirwana, kandi akaba atari bwafate ingingo y’ukwishikana.
Epitace INGABIRE avuga mbere ko ico gihe yari yahawe amafaranga.

Ivyiyumviro vyanyu

Mbe ko muvuga ngo namarementanya ibinogo birirwa barerekana navyo namarementanya.Kandi aho nyene muri ba sindumuja.

27.03.2016 à 14:06
Dodo

HEMWE ABARUNDI TUZOKWICANA KUGERA RYARI ? MANA GARUKIRA UBURUNDI TUGEZE HABI.

27.03.2016 à 13:38
MOÃ SE

Mbega Basha Neza Iki Gihugu Kirabaye Ico Abebeshi Gusa .Ahoho Nuwaturiy Isoko Mumisi Bazovuga Ko Yishikany

27.03.2016 à 07:57
Irakoze

Ariko umenya muba mubwira injiji zitazi ubu go me bwanyu !cg mubaze mwabuze icyo mwandika ?nkurumbi rindira imana izakwereka ko itanganya ubushobozi nawe !nawe ubwawe uzirangiza !

25.03.2016 à 08:22
ruvuto

Mushigaje kuvuga ko MBOBIMPA Nawe bamurashe afise grenade !! None wombwirako abamuhushije barikubona umuhungu wiwe bakamwihanganira ?Uwobitahura anyishure

25.03.2016 à 06:08
BIZIMANA

Leta itazi ico ikora niko ikora. Abo bategetsi barasubije uburundi inyuma nkimyaka mirongo itanu iheze. Umutegetsi yica abaturage batobato ntivyumvikana. Uravye ivyo bakora jewe ntwara uburundi sinotanga imihoho gusa ahubwo noca niyahura.

24.03.2016 à 10:40
Aferky

Iyo politike mu kina ntibaha umenka ntimwize kubera mufyinira ku buzima bw’abantu n’umusazi ntiyopfa yemeye ivyo muvuga kiretse umusazi yasariye kunywa amaraso y’abantu nzira karengane

24.03.2016 à 07:51
poor politike

Iryo nirementarya rya teguwe nabo bicanyi, kuva mumwaka uheze unomusi niho babonye kuvuga ko yariyi twaje igerenade, nububeshi bwabo bamenja ni barindire ukuri kuzoja ahabona, nintahe ibone gufatijambo.

24.03.2016 à 04:53
Morodikayi Jon

je narinzi ko abicanyi cajanwa mu gasho none nibo basigaye bahabwa micro ! mbega umwicanyi ni we yoheza akavuga ukuri !

24.03.2016 à 03:06
BIRABUZE

ntanumwabiyobewe muzojugumira intahe niyafatijambo bitebebitebuke icogihe kizogera imana yo ntihendwa

23.03.2016 à 22:58
samusule

Uyo ko batarikumwe yabimenye gute, Polisi kontaco yigezibivugaho, yirire sha naya reta, nabo bayarya badashoboye nogucungera umutekano. Nibisuma gusa

23.03.2016 à 22:02
koffi

Jewe hari ikintu kintangaza. Mbega ni kuki abantu batanguye kwishikana nyuma yaho igihugu gifatiwe ibihano. Mama ngo abishe ababikira, mama ngo abaturiye T2000 mama ngo abishe Welly..., ngaho nibatubwire abaturiye isoko nkuru ya Bujumbura ndetse n,abishe Adolphe turakeneye kubamenye. Vuba ukuri kugiye kumenyekana kuko ndabona ibanga ribagora kugumya

23.03.2016 à 18:28
Gakima solange

ivyo niremenkatantanya

23.03.2016 à 17:57
kk

Iyo buba ubw’umwe bwari ikindi ! Ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka, kandi hari Imana itabesha kandi idakeneye ivyabona ! Ayo marementanya ateye isoni ! Muzogeza ryari kubesha ? HAsigaye kuvuga ko ari mwebwe mw’iremye !

23.03.2016 à 14:02
Kabisa

Iyo buba ubw’umwe bwari ikindi ! Ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka, kandi hari Imana itabesha kandi idakeneye ivyabona ! Ayo marementanya ateye isoni ! Muzogeza ryari kubesha ? HAsigaye kuvuga ko ari mwebwe mw’iremye !

23.03.2016 à 14:02
Kabisa

Ubwo bubeshi bwanyu burakabahumira

23.03.2016 à 13:41
Mara

Mwabonye ko ata misi musigaje ku butegetsi none mutanguye gutanga duke mu dufaranga musigaranye ngo babafashe kwikorera umutwaro w’ubwicanyi mwakoze, yatange bayarye yose tuzoraba ico bizobafasha umusi mwageze imbere y’intahe, inama nobagira ni uko mwoyabika mukazoyarira muri prison

23.03.2016 à 13:31
twarabahinyuye

PC Mbonimpa si ikijuju, abashatse kumwica we ubwiwe arabazi,kandi nabamuhekuye nabo arabazi, nisi yose irabazi, nimureke izo mise en scène murindire amatohoza yigenga ivyo muvuga nimba ari vyo muzoba abere,umusi PC Mbonimpa yabitubwiye we ubwiwe tuzovyemera,kuko twarabahinyuye

23.03.2016 à 13:21
twarabahinyuye

Mbega abantu nimupfume muze mwihane nivyo Imana ishaka nayo kuvuga ibi ejo ibindi muri kuzohava mwemera nibibaca imitwe.Ahubwo murahumiwe.nikataba arakaroge.

23.03.2016 à 12:05
jenifa

NONE MWIYIMISI KOHARI ABANTU BENSHI BIYEMERERA IVYAHA BAKOZE ?NIYABA ATARI IMITWE NDABONA HAGIYE KUBA ABIMANA BENSHI IBURUNDI MUMISI IZA.MAIS ?????

23.03.2016 à 12:03
PROTAIS
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.