IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umunywanyi wa MSD yoba agira ajanwe gupfungwa atarakira

Umunywanyi wa MSD yoba agira ajanwe gupfungwa atarakira

mardi 27 Rusama 2014

Umunywanyi w’umugambwe MSD, Muhizi Roger yari amaze amezi abiri arenga arwariye mu bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore yandikiwe ko yosohoka ibitaro. Abamuburanira baramutabariza kuko umutahe wo kumuhagarika wamaze gusohoka, kandi ubwiwe avuga ko yumva atarakira neza mu kuboko aho bamurashe kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante, mu mishamirano hagati y’igiporisi n’urwaruka rwa MSD.

Muhizi Roger, ni umwe mu rwaruka rwafatiwe mu ngoro y’umugambwe MSD ku genekerezo rya 8 Ntwarante 2014. Amaze umunsi umwe afashwe, yaciye ajanwa kuvurizwa ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, kuko yari yarashwe ku kuboko kw’iburyo, ubu ukwo kuboko kukaba kurimwo icuma. Mu muryango wiwe bamenyesha ko batangajwe n’ukubona umuyobozi w’ibitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore asohora urupapuro rumurungika muhira, rugashikira rimwe n’umutahe wo kumuhagarika. Kuri urwo rupapuro rwo kurungika Muhizi Roger, umuganga yanditse ko uko iminsi itatu izohera azokwama agaruka kwivuza, bigatangaza ingene yokwama ahabwa urwo ruhusha, kandi n’abandi banywanyi ba MSD bajanwe mu Mpimba bakirwaye, n’ubu batararonka uruhusha rwo kugaruka kwivuza.

JPEG - 1.1 Mo
N’aho avuga ko akirwaye, Muhizi Roger yandikiwe gusohoka ibitaro n’umutahe wo kumufata wamaze gusohoka

Umushingwamanza Amedé Nzobarinda, umwe mubaburanira urwaruka rwa MSD rupfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba amenyesha ko mu gihe uwo aburanira, Muhizi Roger yojanwa ku nguvu mw’ibohero kandi atarakira, bizobazwa abasohoye umutahe wo kumuhagarika, hamwe n’umuganga yategetse ko yosohoka ibitaro, kandi ubwiwe avuga ko atarakira. Gushika isaha zitandatu zo kuri uwu wa kabiri, abari bazanye umutahe wo guhagarika Muhizi Roger nta ngingo bari bwafate y’ukumenya namba bahava bamujana muri sentare bamuteruye, kuko ubwiwe yavuga ko atanashobora n’uguhagarara.

JPEG - 1.1 Mo
Umushingwamanza Amedé Nzobarinda, umwe mubaburanira urwaruka rwafatiwe ku ngoro y’umugambwe MSD

Abo baburanira uwo munywanyi wa MSD basaba ko mukurindira ko akira, yoba aragumizwa mu bitaro. Bavuga kandi ko bagiye kwandikira inzego zibijejwe, basaba ko hoba isuzuma ryerekana namba uwo murwayi yoba vy’ukuri yakize, canke akirwaye kuri ukwo kuboko kwarashwe, kugira ntahave aja kuborera mw’ibohero.

JPEG - 1.1 Mo
Muhizi Roger yandikiwe gusohoka ibitaro, kandi ubwiwe avuga ko akirwaye

Egide Nduwimana

Messages

  • Iyi niyopicture nyakuri y’ubutegetsi n’ubuttungane bw’uburundi:CORRUPTION

  • MWENEWACU MUHIZI ROGER NDABABAYE KUBONA UVUNDIYE AHOHANTU SINDUHIJE NAWE ARIKO YEGERANYA AMAYERO IBULAYA!!!!!!!!!!!!! NCUTI NIWIGUMYE KUKO WEMEYE KWIGURA IBITUMBURA NURUMOGI, NONE URYAMUSI IYO BATABATESHA UBONA MWARI GUSENYURA LETA KOKO????????????????? UWUZOTEGA UMUTEGO LETA NIWE AZOWURWAMWO!!!!!!! UWUZOWATSA NAWE, BAZOCA BAWUMUZIMIRIZAKO!!!!!!!!!

  • SIHO URI NYENE AHANDI HO NTIWARI KWASAMA GURTYO!!!!! IMANA NAMWE NTIZOBIHANGANIRA KUKO NTAHO VYABAYE ATARI ADOPHE N IZINDI NYESHAMBA ZIKORA UKO..!!!!

  • SIHO URI NYENE AHANDI HO NTIWARI KWASAMA GURTYO!!!!! IMANA NAMWE NTIZOBIHANGANIRA KUKO NTAHO VYABAYE ATARI ADOPHE N IZINDI NYESHAMBA ZIKORA UKO..!!!!

  • Nagende akurikiranwe bikwiye yibajije ko bizoherera kuri karya kajagari bateye nyene!! Nagende acigwe urubanza ubu si ugufyina si kera aho twabon ikint tukacigumizamwo asha naje mu mpimba !!!

  • igikuru s’ugucukizanya kuko nimba uwo muganga atize atricha arazi ico akora ntiyonone la déontologie ngo n’uguca aho yirigwa kuko nkejo MSD igiyeho igaca igera kurugwo rugero vyoba bibi , nimba umucamanza yize neza ada tricha nakore ico ajejwe uko yacize

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.