Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umuririmvyi azoremesha igiteramo ca JELIM PREMIER EVENT yashitse
Umuririmvyi azoremesha igiteramo ca JELIM PREMIER EVENT yashitse
jeudi 12 Ruhuhuma 2015
Umuririmvyi akomeye cane mu gihugu ca Kenya ahejeje gushika mu Burundi mu ntumbero y’igiteramo yatumiwemwo. Igiteramo kiriko kivugwa cane i Bujumbura kizohuriramwo ibihangange vy’abaririmvyi b’i Burundi bazoba bari kumwe n’uwo avuye muri Kenya.
- Natacha na KANJI Mbugua
Kanji Mbugua ahejeje gushika ku kibuga c’indege ca Bujumbura, yitavye ubutumire yahawe na JELIM PREMIER EVENT kugira aremeshe igiteramo kizoba kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma, umunsi wahariwe abakundana, ku civugo "Nomukura he".
Uwo muririmvyi azwi cane mu gihugu ca Kenya azofadikanya n’umurwi w’abaririmvyi bakunzwe cane "Redemption" muri ico giteramo kizobera muri Pearl Hotel iruhande y’ikibuga ca Tempete.
Vyinsi bijanye n’umuririmvyi KANJI Mbugua nk’umuririmvyi akomeye turabibashikiriza mu masaha ari imbere.
Tubibutse ko ko igiteramo kirimwo kandi abahinga mu mpanuro z’urukundo. Ku civugo "Nomukurahe" abazoba bari mu giteramo bazoronka amahigwe yo kumenya kurondera umukunzi bashaka.



Umviriza ururirimbo "Dream Again" rwa KANJI MBUGUA
Cherif Nkeshimana