IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurundi umwe niwe amaze kumenyekana ko yaguye mu misunikano i (...)

Umurundi umwe niwe amaze kumenyekana ko yaguye mu misunikano i Maka

samedi 26 Nyakanga 2015

Umurundi umwe niwe amaze kumenyekana ko yitavye Imana mu misunikano yabereye mu gihugu ca Arabie Saoudite mu gisagara ca Maka,ahabereye urugendo rweranda rwabaislam kuwa kane igenekerezo rya 24 Nyakanga 2015.

Uwo murundi yitavye Imana yari azwi kw’izina rya Araraki canke Rarakiya,ariko izina ryiwe ry’ukuri ni Omar Hassan Sheikh. Yari azwi cane mu gisagara ca Gitega aho yakorera ibikorwa vyo kudandaza.

Rarakiya ava mu gihugu c’Ubuhindi yari amaze imyaka irenga mirongo irindwi aba mu gihugu c’Uburundi.Ari mu baislam bashika 717 bitavye Imana muri urwo rugendo hamwe n’abarenga amajana umunani bakomeretse.

Umuryango w’abaislamu mu Burundi umenyesha ko wakiranye umubabaro urupfu rwa Omar Hassan Sheikh.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.