Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umurwi Cash Money woba ugiye gusambuka
Umurwi Cash Money woba ugiye gusambuka
mardi 10 Ruhuhuma 2015
Ibintu vyabaye hagati ya Nick Minaj na Birdman vyongeye ko na Lil Wayne aheruka kuvuga ko avuye mu murwi wa Cash Money vyoba vyerekana ko uwo murwi uriko urasambuka.
Mu gihe haheze iminsi Lil Wayne avuze ko ahevye umurwi wa Cash Money mbere avuga ko agomba ko Nick Minaj na Drake bomukurikira, atazobasiga, Birdman ntavyo yakiriye neza. Ivyo vyateye icuka kibi hagati ya Birdman na Lil Wayne. Ubu ni Nick Minaj yatanguye gushwana na Birdman.

Mw’ijoro hahejeje kuba ibirori vya Grammy Awards, Nick Minaj yatunganije ibirori mu butambiro i Hollywood. Nick Minaj yajanye n’abagenzi biwe hamwe n’umukunzi wiwe Meek Mill. Birdman yagiye kuza hafi isaha zibiri zo mw’ijoro baca bamubuza kwinjira mbere bamwirukana nabi bavuga ko Nick Minaj adakeneye kumubona muri ico kibanza.
Amafoto arerekana ko Birdman n’abamucungereye bagumye ku muryango batigeze binjira. Mbere hari n’igiporisi gicungereye ico kibanza kugira Birdman n’abo bagendanye ntibatere akajagari.

Ivyo bikererekana ko Nick Minaj yamaze gutora uruhande arimwo hagati ya Birdman na Lil Wayne, mugabo ivyo vyatumye abantu bavuga ko umurwi Cash Money woba ugiye gusambuka.
Lorene Nubwabo