Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi CNIDH urarajwe ishinga n’icuka kihari muri poritike hamwe (...)
Umurwi CNIDH urarajwe ishinga n’icuka kihari muri poritike hamwe n’umutekano
vendredi 20 Ntwarante 2015, par
Umurwi CNIDH urarajwe ishinga n’ukutihanganirana mu vya poritike n’impari zidahera biguma vyongerekana uko amatora yegereza, ataco zungura abanyagihugu. Uhamagarira nyabuna abanyamigambwe n’abandi baharanira ivyicaro vya poritike gushikiriza abanyagihugu uko babona kazoza k’Uburundi hamwe n’imigambi babafitiye.
Mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uno wa gatanu, Furera Emmanuel Ntakarutimana arongoye uwo murwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, atanga uturorero nk’ivyerekeye ugushangashirwa kwa bamwe bamwe gutuma baterana amajambo, ukurondera ukuzimanganya ubuzima bw’abadasangiye ivyiyumviro n’inzira ya poritike, ugupfunga abanywanyi b’iyindi migambwe mu buryo bunyuranye n’amategeko, ukwankira imigambwe imwe imwe canke abandi bari mu vya poritike gutunganya amanama, ukwonona ibimenyetso vy’imigambwe canke ingoro z’imigambwe, itungwa ry’ibirwanisho bicira umuriro hamwe n’abanyagihugu bo mu ntara ya Kirundo batanguye guhunga mu gihugu kibanyi c’ Urwanda aba n’abandi bakaba batabona kimwe ico kibazo.

Umurwi CNIDH urarajwe ishinga kandi n’uko mu gihugu ata biganiro bishemeye bishikiriza uko abanyeporitike babona kazoza k’ Uburundi hamwe n’imigambi yubakitse ugasanga birirwa mu mpari ata karusho zizanira igihugu.
Muri iryo tangazo rya CNIDH babandanya bavuga ko kandi ko, barajwe ishinga n’impari z’urutavanako zifatiye ku kuntu aba na bariya basigura ingingo zimwe zimwe zo mw’ibwirizwa nshingiro hamwe n’ikibanza cohabwa amasezerano y’i Arusha mu Burundi aha agatanga uturorero ku bivugwa vyinshi vyerekeye ugusaba ubutungane bw’ingingo butunganiriza abaharanira agateka ka zina muntu, na babikira batatu bicirwa muri komine Kamenge, amasendika asaba gutunganirizwa hamwe n’ivyerekeye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu. Umurwi CNIDH uvuga ko wizera neza ko amatora meza ashoboka ari uko habonetse intererano ya buri muntu wese, na cane cane abaharanira ivyicaro vya poritike , ari naco gituma bahamagarira Reta kwirinda ico cose coza gihungabanya umutekano w’abanyagihugu.
Umurwi CNIDH usaba Reta gukingira abanyagihugu kandi igakora uko ishoboye rwose kugira ngo hamenyekane inkozi z’ikibi zagirwa n’ivyaha. Wibutsa kandi abarongozi b’imigambwe ko bategerezwa kuguma batumbereza inzira ibereye abanywanyi bahurikiye mu migambwe yabo, na cane cane abari mu mihari y’urwaruka ikomoka kuri iyo migambwe yabo. Uwo murwi kandi urasaba ko umunyeporitike wese agomba guhiganwa ategerezwa guhabwa ikibanza agahiganwa n’abandi.
Umurwi w’igihugu ujejwe agateka kazina muntu, usaba abanyamigambwe n’abandi baharanira ivyicaro vya poritike gushikiriza abanyagihugu ukuntu babona kazoza k’Uburundi hamwe n’imigambi bafise yo kwubaka kazoza , maze ivyo bimurikire abanyagihugu mu kubaza umutima hageze gutora . Umurwi CNIDH usaba kandi urwego rw’ubutungane kuraba neza urugero rw’umugenzo w’ukudahana mu Burundi maze rufate ingingo zose zibereye .
Mu murwi CNIDH barasaba kandi inzego zijejwe kwivuna abansi hamwe n’urw’umutekano gukingira abanyagihugu bose mu mice yose y’igihugu ku rugero rumwe kandi abagize izo nzego birinde kugira aho bahengamira mu vya poritike.
Floxella Karire
Messages
22 Ntwarante 2015, 21:10, par kado
burya ababona kure ibara rirashobora kurwa muBurundi.ico twokora nuko tworeka kwihorana kuko ubu si hambere.