Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi CNIDH usaba abategura amatora gushira imbere inyungu z’abanyagihugu (...)
Umurwi CNIDH usaba abategura amatora gushira imbere inyungu z’abanyagihugu bose
jeudi 25 Kigarama 2014
Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu urabona neza ko ugutirigana mu ndinganizo y’ukuntu igikorwa c’amatora cotegerejwe kugenda bituma haba canke hongerekana ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu. Uwo murwi usaba abo vyega ko bovyirinda mu gushira imbere inyungu z’abanyagihugu bose, aho gushaka gukingira inyungu z’uturwi tumwe tumwe.
Mw’itangazo basohoye kuri uwu wa gatatu, umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu (CNIDH : Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme) umenyesha ko gufata ku rugero rumwe abahiganwa bose mu matora ari ikintu gitegerezwa kuguma ari umwitwarariko woranga ibihe vyose vy’amatora. Kubw’umurwi CNIDH, harakenewe ibiganiro bihuza abegwa n’ikibazo c’amatora vyoguma bitunganwa, kuko ariho igihugu coshikira amatora ashingiye vy’ukuri mu ntwaro rusangi. Uwo murwi urashimishwa n’abantu hamwe n’imirwi iri ku kivi mu ntumbero y’ugucungera amatora, kuko ari igikorwa gikenewe, kugira ibizova mu matora vyemerwe ata gahigihigi. Uwo murwi uhamagarira abari muri ico gikorwa kwigisha abanyagihugu akaranga k’umunyagihugu mw’itunganwa ry’ivy’aho abaye, hamwe n’ibijanye n’iyubahirizwa ry’ukwishira n’ukwizana kw’abanyagihugu, kuko arivyo vyofasha abanyagihugu kwijukira amatora babona ihangiro ry’iyo igihugu kiriko kiratumbera.
Uwo murwi ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi usaba abari mu mashirahamwe yigenga adaharanira ivyicaro vya poritike, ko yokwama atunganya ibikorwa vy’ukwigisha abanyagihugu ibijanye n’amatora, hamwe n’inyifato nziza ibereye umunyagihugu mu bihe vy’amatora. Abo muri ayo mashirahamwe bakaba basabwa kandi kuremesha ibiganiro bitanga inyigisho zerekeye iyubahirizwa ry’ukwishira n’ukwizana kw’umunyagihugu.
Egide Nduwimana
Messages
26 Kigarama 2014, 13:43, par Nwari
nguyo umurwi wigega pe uwomushigantahe wijambo atarya umunwa??kiretse vyabirogorye ,ndayicariye
26 Kigarama 2014, 17:49, par Quetion
IBIROGORYE?
29 Kigarama 2014, 18:02, par matana
MUKOZI W’IMANA WUKURI HANURA IGIHUGI NTIKIRWE MUMANAGA.