IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Umurwi Simba Sport wararonse umumenyereza mushasha

Umurwi Simba Sport wararonse umumenyereza mushasha

mercredi 2 Nzero 2013

Umurwi w’umupira w’amaguru Simba Sport wo muri Tanzaniya wararonse umumenyereza mushasha nawe Patrick Liewig ava mu gihugu c’UBufaransa.

Umumenyereza w’umufaransa Patrick Liewig yarasinye amasezerano yo kumenyereza umurwi wa Simba Sport wo mu gihugu ca Tanzaniya mu kiringo c’amezi cumu n’umunani. Uwo mumenyereza akaba azwi cane kuko yamenyereje imirwi yo mu gihugu ca Côte d’Ivoire, Algerie no muri Tunisie.

Inyuma yaho yirukaniwe mu murwi wa MC Alger mu kwezi kwa myandagaro inyuma y’amezi ane yonyene agenwe ngo awumenyereze,akirukanwa kandi mu murwi EGS Gafsa wo muri Tunisie mu kwezi kwa cumu na rimwe kw’umwaka uheze,uwo mufaransa Patrick Liewig w’imyaka 62 yateye igikumu ku masezerano yo kumenyereza umurwi Simba Sport uheruka gutahukana ikibanza ca mbere mw’ihiganwa ryo muri Tanzaniya mu kiringo c’amezi cumi n’umunani.

Twobamenyeshako Patrick Liewig yaje gusubirira umumenyereza ava mu gihugu ca Serbe Milovan Cirkovic, nayo mu gihe ihiganwa ryo muri Tanzaniya rizosubira gutangura mu mpera za kuno kwezi kwa mbere,bitegekanijwe ko umurwi Simba Sport uzotana mu mitwe n’umurwi wo muri Angola Recreativo de Libolo kw’itariki 16 z’ukwa kabiri n’itarki ya mbere mu kwezi kwa gatatu mu nkino zihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.