IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza abarundi washizweho

Umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza abarundi washizweho

dimanche 18 Gitugutu 2015, par egide

Itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/46 ryasohotse kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 17 Gitugutu 2015 rishiraho umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro hagati y’abarundi (CNDI : Commission Nationale de Dialogue Interburundais).. Reta y’Uburundi ntivuga rumwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ku bijanye n’uwo murwi.

Uwo murwi ugizwe n’abantu cumi na batanu, abagabo cumi hamwe n’abagore batanu.

Umukuru w’uwo murwi ni Musenyeri Justin NZOYISABA

Icegera : François NKEZABAHIZI

Umunyamabanga : Imelde SABUSHIMIKE

Abandi bagize umurwi ni : Félicien NDUWUBURUNDI (yahora ari umukuru w’abashingamateka ba CNDD FDD), Gérard NDUWAYO, Patiri Pascal NIYONKURU, Jacques Ya’coub NAHAYO, Ir Déograsias NAHUMUREMYI, Anitha Zamda IRAKOZE, Jeanne NDIMUBANDI, Eric NIRAGIRA, Aimable BARANDAGIYE, Colonel Rémy SINKAZI, OPC1 Carine Jeannette NZEYIMANA hamwe na Chantal GIRUKWISHAKA .

N’aho ubutegetsi bw’i Bujumbura buvuga ko ivyo biganiro bitegerezwa kubera mu Burundi, bigahuza abarundi gusa ata munyamahanga n’umwe arimwo, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rimenyesha ko ivyo biganiro bitegerezwa kubera hanze y’Uburundi, kugira abo vyega bose bazovyitabe, harimwo n’abatakiri mu Burundi. Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rikaba risaba ko ivyo biganiro vyohagarikirwa n’umukuru w’igihugu ca Ouganda.

JPEG - 79.5 ko
Musenyeri Justin NZOYISABA, umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza abarundi
JPEG - 37.3 ko
OPC1 Carine Jeannette NZEYIMANA

IGIHE

Messages

  • Bari bakwiye gutumako bose bahunze igihugu hamwe nabanyeportice bose bakaza hama peter agaca atanga ivyinviro afise kubera igihugu cacu kiguma gisubirinyuma mwiterambere

  • Murahenda ibijuju bitazi politique yanyu! Uko nukugira mupfukapfuke amabi mwakoreye abarundi? Yamara Imana yoyo izi vyose kandi ibona vyose ntizobura gukiza igihugu cacu mwatabaguye maze cibere amahoro!

  • Ivyo Nivyo Guhuma Amaso Abarundi Ntacobivuze.Ninkinamico Nkamatora Aherutse.

  • None ga Peter nkurumbi wewe wibaza ko ari wewe ufise ubwenge kurusha abarundi bose?mbe wewe ko wari waciriwe urwo gupfa kumabi wakoze mugabo ko BUYOYA na DOMITIEN bemeye kuguha igihugu?nimba wanse kuganira na CNARED icara reka abapfa bapfe rekana nizo nkina mico zawe,ahubwo mugore wawe Denise muhe uwo umurwi awurongore,abanyagihugu mwaduhenda kera izo nda zanyu ubu twarabahinyuye basha.

  • MANA TABARA UBURUNDI.MBEGA JUSTIN NZOYISABA YANANIWE N’IKIBAZ C’ISHENGER YIYITA KO ARONGOY NAHO ATARIVYO.YOSHOBORA ATE GUTUNGANYIRIZA IGIHUGU?ICO ASHOBE NUGUSESA AMARAR YANYESHENGERO MUKUBAREKURIRAKO IGIPORISI NO MUKUBAFUNGA.NON UBUNAHO AGOMB ASESE AMARASO YABARUNDI BOS EWE EMBU URAGOWE!

  • IVYO SIBIGANIRO.AHO MUBURUNDI BIGEZE BO UBWABO NTIBAKIBISHOBORA.NDABAKURIYE INKONI KUGISHITSI ATAMUNTU ATARI UMURUNDI ARI HAGATI YABO NTIBIKUNDA,KANDI NUBUTEGETSI BW’IBUJUMBURA BURABIZI UKO NI UKWITEZA UTUNYONI.TURACAPFUYE!

  • Umurwi uzofutwa udakoze

  • vyobarivyiza ngirango amahoro yoboneka igihugu kigasubira kuba nyabagendwa nkakera

  • vyobarivyiza ngirango amahoro yoboneka igihugu kigasubira kuba nyabagendwa nkakera

  • Ariko harya ishirahamwe ryubumwe bwa afrika rirongowe nabantu mumitwe bamaze kononekara? Aho bararaba bakabona ko MUSEVENI yohagararira ibiganiro nawe agishaka gupfira kubutegetsi? Umuhuza ari uwibinyoma arimunzira araje kandi ninawe mucamanza aruta abandi bose mumurindire nakanya gato abo bose bigira ibihangange tuzohurirayo!

  • Ntawupfa Adasamvye Bageze Kukanyuma.Bibagiye Ko Abarundi Benshi Kandi Bijambo Barinyuma Yigihugu?Ntibate Umwanya.

  • ndibaza ko ibiganiro birimwo abakozi bimana ko birotomora tuvyitege ikizovamwo tuzocakira uko kizoba kije

  • Nibatahe bababone ntavyogutwirigihugu bazi,icobazi nugusahura itunga nyigihugu,bonukugandura abenigihugu,izingorane ziriko ziraba nzatewe nabagomba kuba basamurarwa bigihugu,ivyovyiyumviro vyabo vyarataye igihe,nibasubire kwishure bigire ivyogutwara, kukwivyobize vyohuhonya benewabo, nakare ivyobaribarize kwarugukina umupira.

  • Ivyobiganiro vya Leta y’Uburundi ninkinamico.jewe nemera ingingo y’ubumwe bwa Afrique. bitebe bitebuke ukuri kuzotsinda. aho umuntu wese azobazwa ivyo yakoze kugatwe kiwe. atitwje ngo yatumwe na naka. murakoze.

  • uyu murwi uratomoyepe!! eherabanawe urimwo abantu bomumihingo yose abahutu abatutsi abasirikare abaporisi. kabisa turogorote ndakurahuye

  • basha Imana niyo nkuru reka turindire

  • Abo bavuga ayamuhe nababuz uk bashikir ubutegets,vyarabafyuy.felicitation di musenye

  • uyu murwi uratomoyepe kuko ugizwe nabantu bomumihingo yose rabanawe harimwo abahutu abatutsi ,abasoda abaporisi abihebeyiMama, aha tugiye kwogorora ndakurahiye kasa....

  • Musenyeri komera kwibanga uwukwanka akwandureko abadashaka ibiganiro n’abansi bigihugu imana irakunda abana bayo!

  • mbega yemwe igihugu cacu kija he? UMUNTUYANANIWE GUHUZA ISHENGERO YIVYE AFASHIJWE NABO NYENE BAMUGENYE AZOSHOBORA GHUHUZA ABANYAPOLITIQUE,EWE BURUNDI URAKWIYE AMASENGASHO AKWIYE .MBEGA AZOBAHUZA MURUHE RURIMI ?NIKO NYENE GITWARWA GICURITSE IBIJUJU NTAHANDI VYODUSHIKANA ATARI KUBIYITIRIRA IMANA NAHO ARI IBISUMA NABAMBUZI TUTIBAGIYE GUFUNGISHA UWUGIZE ICVO AVUGA KWISHENGERO YIVYE .
    EMWE UMLUSUMA ASA NUWUNDI .MBE MANWELI NA BUNYONI NTIMWOGEZAHO IGIHUGU KIKARONKA UMUHUIZA WIJUNJA NI JAMBO /NDUMIWE MBAYE NKA DODO

  • ewe Manadusenga urakomeye .Justin agiye yamanyekana kweli ;abamufashije gusambura ishengero bibaza ngo bariko baramufasha bibagirako uko inkende yurira igiti ariko igaragaza ubwambure bwayo.emwe aho yibiye atoteza abanyeshengero abagomorerako ingabo zigipolisi kumbure Imana dusenga yoba igomba imugaragaze yerekane ibibi yakoze ubusuma nubugizi bwanabi bafatanije nakarwi karimwo SINZOHAGERA EMMANWEL umusuma wambere tutibagiye MUZANEZA ANTOINE yiyita umugwizatunga ataco afise arusha abandi atari uko yamenye amayeri yokwiba igihugu akinjiza ibintu atarishe ikori ngo nivyanyashengero .

  • abarundi dukeneye amahoro uwo murwi nimba wizewe nareta nibawureke uze kuganira nabo bana bivyangazi mubugande bifuje kugaruka kwase sebarundi abagirire ikigongwe turebe ko twokwogorora ariko abazogenda bose ikiringo ntibazokoreko tureke gupfa ubusa imyaka5 nubusa nambere kugira turonke amahoro arama dusavye abo vyega bose abahutu abatutsi bicare hamwe bavugane uko bagiye kuza bahana ubutegetsi babigenze (uku abahutu imyaka1O abatutsi imyaka1O) amahoro yoboneka kuko bose aribene burundi abanyagihugu tugakontorora uwazotwara neza tukamushimira sinzi ko ivyo twandika bishikira abo vyega nsavye ikinyamakuru igihe kiyinkuru boyimpera abazoja mubiganiro arabari hanze nabari mugihugu bareke kudaza imana ibafashe x

  • Jw kuva 2006 namye mvuga ko Nkurunziza Pierre nta bgenge ni junja ni bikwiye vyose vyo gutwara igihugu, muriyi myaka 10 yari ku butegetsi yaratwariwe nabamuhanura bibijuju nkawe,ingaruka naho igihugu nabatwarwa bashitse ubu muburyo bgu butunzi na politique y’igihugu en general.Ni weje kuva aho u Burundi bgikukira ntigeze dutwagwa naba nya politique bibigugu nkubu,ubuho na kamaramaza mu kwica viole ku batutsikazi naba tutsi nabo badasangiye ivyiyumviro ba bahutu. Reka ndabibitse kuva 2006 aba FNL barishwe bunyamanswa atawamira kuko basangiye gusa ivyiyumviro kandi vyari vyoroshe kuganira igihugu kigatwarwa neza,nagire ndababaze beneburundi,mwibazako hari ikizovayo muri vyo biganiro ?ica mbere uwo Musenyeri numunya macakubiri cane gose,Ni we yagumije iragi rya Gahutu Remy,abandi bose ni mperekeza gusa.CNARED ico izosaba nuko Nkurunziza atanga ubutegetsi hakagenwa uwuzotwara transition kugira batagure amatora nu kwirukana FDRL mu gi polisi nu munzego,imbonerakure nazo zigasubizwa muntara baje bavamwo bakakwa nibigwanisho.

  • @Scott
    "Aho bararaba bakabona ko MUSEVENI yohagararira ibiganiro nawe agishaka gupfira kubutegetsi ?"
    Ewe sha Scott! Ugiye warirwako! Wasivye kurungika imikomo nkuko ubimenyereye none uravuze ukuri: jewe Nkurunziza ndamufata nk’incarwatsi, Kaguta nawe nk’isato. None abantu bakomowe n’incarwatsi bagiye kwitwara kw’isato? Ntaco bazohanoba!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.