IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuryango wa Ntare 5 usaba ko yoshinguranwa iteka

Umuryango wa Ntare 5 usaba ko yoshinguranwa iteka

mardi 30 Ndamukiza 2013

Mu nkuka y’imisa yo kwibuka umwami Ntare 5 Ndizeye Charles n’abarundi isinzi bahitanwe n’ubwicanyi bwakurikiye mu mwaka w’1972, yosomwe kuri Cathedrale Regina Mundi, umuryango wiwe n’abandi bari bitavye ivyo birori bashikirije Imana abo bahisi bagandaguwe bazira ubwoko bwabo.

JPEG - 5 Mo

Mu nsiguro umusaserdoti yatanze, yasavye abari ngaho kwisunga akarorero ka Yezu Kristu, gutyo kahise bakabone co kimwe, ivyo bikazobafasha gutegura kazoza keza.

JPEG - 4.8 Mo

Mu majambo yashikirijwe n’abaserukiye umuryango wa Ntare 5 Ndizeye Charles inyuma y’inkuka y’imisa, basavye ubutegetsi gufasha kugira umwami Ntare 5 Ndizeye Charles ashinguranwe iteka, bongera basaba ko amatohoza yokorwa ukuri kukamenyekana ku bijanye n’urupfu rw’umwami Ntare 5 Ndizeye Charles.

JPEG - 4.4 Mo

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.