IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji w’abakozi n’akazi yatangaje umunsi w’akaruhuko

Umushikiranganji w’abakozi n’akazi yatangaje umunsi w’akaruhuko

mercredi 2 Ndamukiza 2014

Umunsi wo kwibuka umuhisi Cyprien Ntaryamira washizwe ku genekerezo rya 7 Ndamukiza, nk’uko bishikirizwa n’umushikiranganji w’abakozi n’akazi Annonciate Sendazirasa.

Guhera mu mwaka w’1994, uko umwaka utashe, igenekerezo rya gatandatu Ndamukiza, igihugu c’Uburundi cama cibuka urupfu rw’umuhisi Cyprien Ntaryamira. Ariko uno mwaka uwo munsi mukuru ukazohimbazwa igenekerezo rya 7 Ndamukiza, ku munsi wa mbere, kuko igenekerezo rya 6 rirwa ku munsi w’akaruhuko (ku munsi w’Imana). Umushikiranganji w’abakozi n’akazi Annonciate Sendazirasa, akaba yamenyesheje ko kuri uwo munsi wa mbere, ata bikorwa bihari kandi ko abakozi bazohemberwa uwo munsi w’akaruhuko kemewe n’amategeko.

Tubibutse ko umuhisi Cyprien Ntaryamira yitavye Imana biturutse kw’ikororwa ry’indege yarimwo mu gihugu c’Urwanda, ku kibuga c’indege i Kanombe, mu gisagara ca Kigali. Iryo sanganya rikaba ryahitanye kandi umukuru w’igihugu c’Urwanda Havyarimana Juvenal, hamwe na bamwe mu bashikiranganji b’Uburundi.

Cyprien Ntaryamira yamaze ku butegetsi amezi abiri gusa, kuva ku wa 5 Ruhuhuma, gushika kuwa 6 Ndamukiza 1994. Akaba yari yagiye ku butegetsi inyuma y’urupfu rw‘umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior


Floxella Karire

Messages

  • ngo ngwiki ? isanganya abarundi murateye isoni !!!!

  • Abarundi mugizeneza kwemezako muzakwama mwibuka uwu prezida wanyu yicitwe iwachyu mu Rwanda.
    Ariko nashaka rwose mbisabire mukosore ahomwanditse ngo yagiriye ISANGANYA mu Rwanda nimuvugeko yicyiwemu Rwanda (yishwenabamwe mubanyarwanda) rwose birababaje kubona abayobozi bigihugu cyacyu cu Rwanda kitarasaba imbabazi abarundi, ibyongibyo bituma nibazako abarundi mushobora kubamutwiyumviranabi kubera bamwe muritwe abanyarwanda babicyiye prezida njyemazekumenyako abarundi mudatwarirahejuru ariko bindasigurako mubamwaretse burundu icyabababaje mwebwe nobita baryicyarihose.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.