IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji w’urwaruka n’imicokama yashikirije amabanga uwamusubiriye

Umushikiranganji w’urwaruka n’imicokama yashikirije amabanga uwamusubiriye

vendredi 8 Ruhuhuma 2013

Rukenkanya Adolphe asubiriye ku mugaragaro Jean Jacques Nyenimigabo mu bushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’Imicokama mu Burundi kuri uyu wa kane igenekerezo ry’7 Ruhuhuma 2013.

Inyuma y’ukumwereka abandi bakozi bahora bakorana mu bushikiranganji bw’urwaruka inkino n’ubumenyi, Nyenimigabo Jean Jacques yaciriye ku mayange umushikiranganji mushasha Rukenkanya Adolphe ibikorwa vyari bikiriko birarangurwa n’ubwo bushikiranganji.

JPEG - 42.6 ko

Ivyo na vyo ni nk’amasabukuru abiri u Burundi buriko buritegurira rimwe rizohuza ibihugu bihurikiye mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko mu Rwanda, mu rindi naho ryerekeye intambo Afrika yose ikaba izoserukirwa u Burundi burimwo.

Ubushikiranganji burategekanya kandi gushiraho iradiyo y’urwaruka nk’uko Jean Jacques Nyenimigabo abivuga, ngo hatibagiwe ikigo c’umupira w’amaguru kizokwubakwa aha mu Burundi n’ishirahamwe FIFA mu mugambi wiswe “Football for hope”.

Urukino ruzohuza umugwi nserukiragihugu w’u Burundi n’uwa Sudani muri Ruheshi ntirwahaze mu vyo Nyenimigabo Jean Jacques yariko arashikiriza umushikiranganji mushasha Rukenkanya Adolphe. Ku vyerekeye urwo rukino rwo gukuranamwo kugira ngo “Intamba mu rugamba” zishobore kuronka uburenganzira bwo gukina mu gikombe ca Afrika c’abakinyi basanzwe bakinira mu bihugu vyabo, ubushikiranganji buri kumwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ngo butegekanya gukora ibishoboka vyose kugira ngo u Burundi ntibusibe muri ico gikombe.

JPEG - 43.7 ko

Umushikiranganji wa kera akaba yanasavye abarundi bose guterera ku vyo bashoboye kugira ngo “Intamba mu rugamba” zishike kure.

“Ntibishoka bitegerwa ko umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imicokama ashobora kurambira muri ako kazi biraho. Imyaka 7 n’amezi 6 maze muri ubu bushikiranganji ndi uwa mbere, ariko ndipfuza ko ishaka n’ubukerebutsi ufise vyotuma urenza ico kiringo nari ndahamaze.

Nyakubahwa Mushikiranganji ndakwipfurije guheza iyi myaka 3 imbere y’amatora hanyuma bazokwongere imyaka 5 y’ikiringo gikurikira, uzoba uhamaze imyaka 8 kandi aho uzoba ubaye uwa mbere.” Ivyo Nyenimigabo Jean Jacques yabibwiye uwamusubiriye Rukenkanya Adolphe.

Ariko aca yongerako ati: “Ivyo sinabishoboye kubera inguvu mfise ariko vyavuye ku ntererano mwagiye muratanga mwese, abayobozi bakuru, abanyamabanga, abahanuzi, eka mwese mboneyeho akaryo ko kubashimira.”

Umushikiranganji mushasha Rukenkanya Adolphe wewe akaba yamenyesheje ko azokwama yuguruye amaso n’amatwi kugira ngo abantu bazokorana bazomufashe guteza imbere ivyo ubwo bushikiranganji bujejwe nk’uko ngo bafashije umushikiranganji yahahora gushika ku bintu bikomeye.

Muri ivyo birori vy’ukubisikanya vyatanguye isaha icenda zirenga z’umuhingamo wo ku munsi wa kane, Nyenimigabo Jean Jacques yemereye umushikiranganji mushasha w’urwaruka inkino n’imicokama Rukenkanya Adolphe ko ido n’ido ku kazi kamurindiriye bazobivugana mu misi iza.


Emile Nibasumba

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.