IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji wa mbere wa Somaliya ari mu rugendo mu Burundi

Umushikiranganji wa mbere wa Somaliya ari mu rugendo mu Burundi

jeudi 11 Ndamukiza 2013

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Somaliya, Abdi Farah Shirdon, ari mu rugendo rw’imisi itatu mu Burundi, aho hategekanijwe imibonano azogira n’abategetsi batandukanye bagize Leta y’Uburundi.

JPEG - 30.7 ko

Igihe yashika ku kibuga c’indege ca Bujumbura kuri uyu wa kane igenekerezo rya 11 Ndamukiza umwaka w’2013, yakiriwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Therence Sinunguruza ari kumwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana, umushikiranganji Leontine Nzeyimana, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi: Somaliya, Kenya, Tanzaniya, Uganda.

JPEG - 40.3 ko

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Somaliya, Abdi Farah Shirdon yamenyeshe ko aje mu rugendo rwo gutsimbataza ubucuti n’imigenderanire igihugu c’Uburundi gifitaniye na Somaliya. Yibukije uruhara abasirikare b’abarundi bafise mu kugarukana amahoro, aho mbere yakeje ubutwari bwabo, amenyesha kandi ko bigenza neza cane.

JPEG - 36.9 ko

Urwo rugendo rwa Abdi Farah Shirdon rukaba ruzorangira ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 13 Ndamukiza umwaka w’2013

JPEG - 40.7 ko
JPEG - 43 ko

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.