IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushingamateka wo mu mugambwe CNDD-FDD yahunze igihugu

Umushingamateka wo mu mugambwe CNDD-FDD yahunze igihugu

samedi 6 Ruheshi 2015

Umushingamateka Aime Nkurunziza wo mu mugambwe CNDD-FDD yahora arongoye umurwi wo mu nama nshingamateka ujejwe ibibazo vya politike,intwaro n’imigenderanire,yarahunze igihugu. Yahunze kuko yabonye umutekano w’abanyapolitike badashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza udakwiye.

Mu kiganiro yagiranye n’iradiyo Contact FM yo mu Rwanda,Aime Nkurunziza yavuze ko icatumye ahungira mu gihugu c’Urwanda, ari uko ibintu bitameze neza mu gihugu,aho bamwe bicwa,kandi hari ukutumvikana kwatanguye kwibonekeza mu gisirikare no mu gipolisi,kandi abanyapolitike badashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza bahigwa abandi bakicwa.

Aime Nkurunziza yavuze ko ikindi catumye ahunga, ari uko yabonye ko igikorwa co gusubiriza abakenyezi babiri bari mu bagize umurwi ujejwe gutegura amatora CENI kiriko kirakorwa bidakurikije amategeko, yanka kuyahonyanga ayazi bica bituma ahunga.

Aime Nkurunziza yahunze inyuma y’abandi bahunze igihugu harimwo icegera c’umukuru wa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro,icegera c’umukuru w’umurwi utegura amatora CENI hamwe n’uwarajejwe ubutunzi mu murwi CENI.

Biragoye kwemeza ko amatora azoba mu muco

Ku bijanye no kumenya nimba ahari icizere ko amatora ashobora kuba,Aime Nkurunziza yavuze ko mu bisanzwe ibikorwa vy’inama nshingamateka vyaheze mu kwezi kwa Kane kw’uyu mwaka bikaba bitegekanijwe ko habanza gutorwa iyindi izokorana n’umukuru w’igihugu azotorwa akarahira kw’igenejkerezo rya 16 ukwezi kw’umunani nkuko bitegekanijwe mw’ibwirizwa nshingiro ry’igihugu.

Ariko rero, Aime Nkurunziza avuga ko ibi ataco bitwaye kuko Umukuru w’igihugu afise uburenganzira bwo gutumako inama nshingamateka mu kiringo kidasanzwe,ari navyo ashobora gukora kugira ayihe amazina yemeza y’abazosubirira abavuye mu murwi utegura amatora CENI.

Aime Nkurunziza yavuze ko aho ibintu bigeze mu Burundi bigoye kwemeza ko amatora yoba mu muco no mu bwigenge kandi abatavuga rumwe na Reta baranse gutanga ibisabwa kugira bitoze mu kibanza c’umukuru w’igihugu,abarundi benshi barahunze n’imyiyerekano ikaba ibandanya,abantu nabo bakabandanya gupfa.

Umushingamateka Aime Nkurunziza yarangije asaba umukuru w’igihgugu kureka kwitoreza gutwara Uburundi ku kiringo ca gatatu,hanyuma abanyapolitike bakagira ibiganiro vyotuma barabira hamwe ingene amatora yoba mu muco no mu bwigenge..

Messages

  • MANA HEZAGIRA IKIGIHUGU CACU

  • KOMERA KWIBANGA MUTAMA AIME .MUJAZA MURAHANURA KUGIRANGO IGIHUGU KIVE MURIZI NGORANE IMANA IGUFASHE. NOHANURA NABANDI NTIBATINYE KUVUGA UKURI KUVYO BABONA BITAGENDA NEZA NGO BOPFA.

  • Nabandi Bazohunga Kuko Banka Kuta,igihugu Mukaga Babibona

  • kuki imigambimibiyababagabo icijahabona?NYAKWUBAHWA watowenabanyagihugu ukaba utemeyeguhemukira Imana nabagutoye ndagukeje,komerakwibanga.ese nabandiborabirakurimwebwe.arikondavyizeye.IMANA,ntizorekuburundingobubicicarocabadayimoni!Nkeburenabandi mwigirekuraba.

  • Bagenzi dusenge Imana abariyo yikorera muriki gihugu cacu

  • Urarivuze NKURUNZIZA must step down so that Burundian can hav peace. Police ar killing innocent peaple’n the gvrnmnt is jst watching,the constitution clears upthat burundian hav right to go on the street as long as they see sth wrong in the gvrnmnt. But the police ar using power, some hav been shot others killed while ar fighting for their right wher is"democracy?"

  • Ko mutaravugako na Clotilde Niragira nawe yoba yahunze!!ibiriko biraba muri cndd fdd ni nk’inkono iri kuziko iriko irabiragira,biriko biraza buca bija ahabona vyose.ntakibi cigeze gitsinda iciza. merci

  • Aime ni vyizako utinze ukabona ko mwashigikiye ikibi kuva kera. ww na Nduwimana Edouard ibi vyose murabifisemwo uruhara runini. aho Nduwimana yasambaguriye imigambwe,mwarawucanye hagezeko waks none muriko murahunga!mwaturiye igihugu mushigikira amafuti ya cndd fdd none rurageranyeko!!!

  • None ko mumukeza kandi ariwe yari kugumayo kugira bakize ibindi,aho yisamburiyeko nk,impene abo nibabatutsi bafise ivyiyumviro bishaje
    Ubu rero mwebwe muti agize neza?sha uyumwaka birabatekurukana imitego yose cndd fdd yatezwe yose yarayiteguye nukuri nohanura umukuru w,igihugu kutadohoka kuko amatora araba naho bose bogenda abo nibamwe bameze nkayankware irisha kumusozi agatima kari mumwonga
    Nkurunziza komera kuko abarundi isinzi turinyuma yawe

  • mushingantahe aime urintwari kebura nabagenzawe bagukurikire muriyo nzira nziza wafashe. mbendabibarize. umwe yiyita vuganeza yoba yamenye iyinkuru? ko ataco arabivugako? nuko ivyiyumvir vyiwe amazekubonako bipfuye? umurundi wese wumutima arabonako nkurunziza yateguye guhonya ubwoko mbesha vuganeza kowavuze ngo abahutu baja zimbabwe aime niyoyaroye? mwena shobuja muzosigara mwenyene mwayo macakubir yanyu. tamwomoke bigikunda.kuko amacakubiri yamoko yarataye igihe muragowe mwena nkurunziza wisangije

  • Burya uyo usanga ari mu bateguye coup d’état ,bahunze ubutungane none ngo umutekeno wabo ntiwubahirijwe,abahutu mureke guhendwa,wari mu bateguye irya pusth c’est normal nta mahoro ugira,ahubwo abo benshi bahunga ntakwirigwa umuntu abaza ,bari mubateguye coup d’etat,nukuduhuma amaso,vous ne trouvez pas ça bizarre ko bose batanguye guhunga kuva aho irya coup d’eta ipfiriye,barya bagore bose usanga hari ico biyotsa,bareke kuduhenda twabahinyuye!

  • IMANA IFISE INZIRA NYISHI IYO ISHOBORA KUBA IMWE YAHISEMWO KUGIRA ITABARE ABARUNDI N’IBINDI BIRACAZA

  • Aimé NKURUNZIZA naho ntari Imana kazoza keza kiwe karagoye! Ayo majambo mwe muyumvirije ntimwumva ko arayo yatamitswe? Yaraguzwe uwo ni mpemuke ndamuke! Utwo dufaranga bamuhaye ntaco buzomumarira!

  • Komera Nkurunziza!Invuga Kuri Nkizo Nizo Zikenewe Muburundi

  • Urutaro ruriko ruragosora ibihumbwa vyose biriko bijana n’umuyaga murwanda.

  • Mbega wewe viateur wasanze uci icongereza kurusha abandi bariko bashikiriza ivyiyumviro vyabo mukirundi nkuko na kino ninhamakuru canditswe mukirundi?

  • AHUBWO UBUHUNGIRO BARABUBAZA UMENGO NTABWO BAZI NUKO BAFISE IBIFARANGA VYOKURIRAYO NONE MUGWANDA SIKWISI? NABURE GUSENGA IMANA

  • Barundi bene wacu ndi umuhutu ariko atagira amoko ndagira nsabe Nkurunziza areke gucanishamwo abarundi kuko ivyo akora ni kunyungu ze n’akagroupe kiwe k’abanyavyaha kandi twebwe abahutu bashira mugaciro ntitumushigikiye nagato arike gucafuza ubwoko bwacu namwe mufite ivyiyumviro nkivya Vuganeza ndabakebuye mureke kwisiga amaraso kuko yica nabi erega ayo magambo muvuga ni ikimenyetso kivuga ko mwishe benshi ariko Imana iracari kuntebe y’imbabazi arabasha kubababarira gose

  • UWO YAHUNZE YABONYE KOKUDETA YABANKIYE NTAKUNDI BOBIGIRA ,BAREKE BAGENDE.

  • Imana iriko iratzbara ntabwoba rer komera uranse kury, umugayo uri umugabo.

  • bivuge vyose niwigire mbabazwa nabakwita umuguruka naho vuganeza narindire azobona ni nterahamwe zaromotse inkotanyi zitashe mu rwabavyaye mutama KAGAME komera kwakira izo nzirakarengane

  • uwo nyamitwe yiyita umuhutu.ninde yamutoye ngo aserukire ubwoko.navuge kugatwe kiwe. uwo mushingamateka agiye kwifatanya nabatinya amatora yibazako azogaruka mukigobe atamatora abaye!arihenda.

  • Nihamwe Myene Aba Dd Batumva Imana Yagerageza Kubereka Kwigihecabo Caheze. None Vyukuri Duharuye Aba Dd Bakomeye Bamazekumuvako Uwo Nkur. Piter Namaherabahawe Nkuwo Mwenedata Abivuze? Nibabe Bamaramaraneza. Harya Gusomamategeko Acuritse Haragerigihe Atebagasomwa Acuruwe! Kera Aboba Dd Bayasomacuritse Ubu Oposit. Yaberetsukuntasomwa Uwuyatahura Ahitasokoro Muribo. Mbe? Wombwira Ico Piter Yarondera Igiheyasha Guhindura Ibwirizwashingiro? Kunguvu? Tekane Ubuntitukirimwishamba Ahomwatwazigikemye. Ubumurimugihugukirimwabantu Bize.Bazamategeko. Ingorane Zamyu Mufatamategeko Yumugambwe Mugashakakwariyo Igihugucubakirako. Igegutandukamyibintu

  • uwo nyamitwe yiyita umuhutu.ninde yamutoye ngo aserukire ubwoko.navuge kugatwe kiwe. uwo mushingamateka agiye kwifatanya nabatinya amatora yibazako azogaruka mukigobe atamatora abaye!arihenda.

  • Aime Nkurunziza, comme Koffi ANNAN, ont raison: le Président a perdu sa legitimité, il doit démissionner, il a commis plusieurs fois " l’abus de confiance qui le fait déchoir des fonctions d’autorité dont le peuple l’avait chargé àdes fins absolument opposées", "le pouvoir fait retour au peuple, qui a le droit de reprendre sa liberté originelle et d’établir telle législature nouvelle que bon lui semble pour assurer sa sûreté et sa sécurité, qui sont la fin qu’il poursuit dans l’état social. » citation: JOHN LOCKE. Le President de l’Assemblée Nationale devrait assurer le pilotage des elections paisibles et transparentes.

  • Senga Kko Ibindi Bizoshira

  • Senga Kko Ibindi Bizoshira

  • Nuko Afise Iyahungira.Nn Abanyagihugu Nabo Yaserukira Yagiye Abahunganye?Ntagitangaje Kandi Ntabaye Uwambere!Kukaba Nkako Ahagwaniye Impfizi Zibiri Ivyatsi Nivyo Bihasigara.Mbega Kobaheza Kudabaga Ibintu Bakihereza Za Murekarengane Nimiryango Yabo?Uyumusi Raba Ababanyepolitique Bose B,abarundi Abana Babo Bariko Bariga Muga Twebwe Abanyagihugu Abatishwe N,amasoro Bishwe N,inzara?Mbega Abanyepolitique Bose Ntibaruha Bategwa Isoni Naho Igihugu Kigeze?Impande Zose Ngosindekura!Nn Nindarinyuma Y,abanyagihugu?Mana Garukira Uburundi!

  • NKURUNZIZA AIME URUMUGABO UBONA HOBNEKA 2O NKAW BAKAVUGUKURI ABARUNDI TWOSHIMA

  • haha kwakagamehi ntahugiye rindura gato naho uturature ivyo vyomugisirikare niwe ubivuze nimvo zoguhunga genda uturugo nakare wahembwa menshi uziburaryayo

  • Jewe Abanyeporitike Barantangaza Nitwebwetwabatoye Mugabobabonye Bitagendaneza Bacabahunga Nonekobadusabamajwi Bavugakobadukunda Arikomuguhungantibatubwire Ngonatweduhunge?Eregamwababanyepolitikentanumwe Yiyumvira Abanyagihugu Mugabo Ivyanyubizoja.Ahabona

  • Ariko jeho ndumiwe ugasanga iyo muriko muradusaba amajwi ngo muradukunda ihiii Bambewe!!! None mwatwayiki? Kwababatoye mwabasize iburundi yewe abene gihugu turakwiye gukanura kuko mudukunda rwamumpekure

  • mwirirwa muradurumbanya ibintu mwabona byanse mugaca mugunga,nabanyagihugu bato bato mujye mubaha amahera nabo babone ayo bajyana bahunze kuko muca mujya kwibera muma hotel meza ikigali naho bo bakicwa ninzara na bwaki muma kambi.abanye politique muri abantu babi sana kuko munyura hejuru y’ibiziga vyabantu kugira muronke ivyicaro mukigobe. Imana izobibabaza.

  • Mwa banyepolitikemwe, amashure mwize azoteba ahinyuke. Twe tutayaciyemwo turi banyagupfa? Ubu abahutu,abatutsi kuwutembera twarabahinyuye tuzofatana munda. Muzoteba mumaramare. Gite ariko ntituzohera ngo inaga icumba ntibura ubukoko. Naho mwize mufise ugutinya kurenze agahugu nakatwebwe bato muturya mutwicayeko. Uhoraho we! Abo waturagije baduhevye uradutabara

  • Jewe namanumva abantubavugako hariho abantu bavugako mu Burundi hariho abantu (abanye politike) baharanira inyunguzabo badaharanira inyungu zabene gihugu nkagiranukubesha ariko mwinomisihoho biribonekeje cane. Akarorero nuyumugabo, umvanamwe umwanyayarimwo wubushingamateka yawuhawe nabenegihugu, none abonye imyaka baribamugeneye kwazowumaramwo iheze none nimurabe icabahemvye!? Ivyonavuzenavyo koharihabantu baharanira inyunguzabogusa ntibaharanire inyungu zumwenegihugu ngirango murabona kwuyumugabo wewe biribonekejeneza kwaharanira inyungu ziwe gusa, kuko iyaba ataharanira inyunguziwegusa ntiyarikubona imyaka yokubamwicokibanza iheze ngwace arondera ivyo adambikanya muntumbero yokudashakako uwuzosubiza ahoyariri yobaho anezerewe nkukonawe bamuhaye amahoro akabamwuwomwanya atawardyawangura, ariko iconomubwira nuko azokwicuza ejohazoza ariko nuko gusaba imbabazi bikibaho mwinosi.

  • none ko abakorana na nkurunziza bamuhezeko bahunga kubwamanyanga arimwo, ntiyobiheba akabaho nk’abanyagihugu?Isumba vyose izikorere mpaka amanike amaboko!

  • korotirida niragira nawe yaciyehoooo hhhhhaaaaa

  • korotirida niragira nawe yaciyehoooo hhhhhaaaaa

  • none ko abatuts gusa aribo bariko bahungira mu rwanda none burya i gihe bagira coup d’etat bari bazi ko abarundi bahumirij niyumve ingene guhunga bimeze. ahubwo iyaja mwikambi iyo bene nyina bari, barabahenze!!

  • Umushingamateka Aimé Nkurunziza Nakomere Yari Yaranatevye.Yanse Kuba Umuja Wa Petero Nkurunziza.

  • @Vuganeza

    Abantu nibagutahure kandi bakwubahire agateka kawe ko GUTERA IGERE RYA NYUMA ibintu biyangaye Hahaha. Abagumyabanga bose basigaye muri dd barantwenza iyo babuze ico bishura. Ntibabura ico bavumbukana co kwagiriza uwowese abamaramaje. Abagumyabanga b’umutima bazi ico bisobanura kwitwa umurundi, Nibamwe bakugwa mumabanga yabo bahowe Akaranga mutima. Nivyiza ko Aime Avuyeyo, Ariko avuyeyo kuko abonye ko habavye. Nawe nyene azohanwa mubandi. Guhunga ubu ntaco bitubwiye.

  • NDAMUSHIMA NIYIHUNGIRE ABAGISHIGIKIYE NABO TUZORABA IHEREZO RYABO

  • Aha na bado buriya aba cndd bimirije gukora nkivyo ni benshi kuko burya ba ranizwe vyarabonets e wamusi wa coup d’etat irementanije er ega nta mugambwe winjiramwo ntuwuvem wo igihe ushatse ibi bibabericigwa canyum ububarabibonye. Nibaze dukorereham we tumuhinde hanyu ma ibiringo bize birub ahirizwa.

  • mbega wohunga ataco wiyagiriza?ko ba Rwasa badahunga?kuki about batutsi bose bahungira mu Rwanda?duhereye kubagerageje coup d’etat Bose Niyo bibereye.urumva rero yabonye ko nawe ategerezwa kuryozwa ubugome bari bateguye.nn niyigire gashiga izomugarukana

  • Aba Dede Bajabemerakobemejwenuwabavuyemwononeharayandimashura Amakungu Akirondera Ngiradatawanjebucabemerakoukuriguhayekumenyekana Uwoyemeyeguheba Umusahara Agahunga Nikijuju Nabandinibakanurebabone Nayahandi Ubutungane Burabarindiriye

  • Vyase bikunze abagize uruhare mwirya kudeta bateverezwa kuzokwiyerekana vyasebikunze.

  • Je Mbona Abigaragamvya, Abanye Politique na President afatwa nkinkwezi yamarere bagire icobahurijho akajagari kave mu gihugu amakaritiy yose atungane ibikorwa vyiterambere bikorwe nkuko vyamye. Guhunga Haba Abo Munzego Canke Abanyagihugu Bihere Twubake Igihugu Cacu. Congere Cihe Ishusho.

  • Ntimwishinge abo banyepolitike twoye gupfa ubusa baturonderamwo inyungu zabo bose. Dusenge uhoraho azobadukiza. Bagenda nimiduga tweho nitwasenga azotwambutsa nk’abo yajabukije ikiyaga gitukura. Mana ndakwinginze ukize abarundi. Ameni ameni

  • biraboneka abobagabo
    bangaja,abaja mumihanda
    babuzukuri muribo nayama
    hera yoguhemba abigaraga
    mbya muburyo butari bum
    we barayafite,sibyizana
    mba kwisenyera, kubwa
    mahera. kubera kohamwe
    nahamwe ikinyoma gifata
    umwanya, byinshi mubiko
    ra mugamije gusebya ubu
    yobozi, byinshi turagend
    a tubiba vumburamo,
    ntacyo bamwe mutere
    ibiremakavuyo,Yesu ate
    ribizanamahoro.abazibyo
    twishime, abatabizi barir
    e kandi baruhe,imituma
    yabo ihoremubwoba,kuko
    bishakamubugome gusa,

  • @Okay
    Abashaka mwese mubakurikire,kandi kibere icigwa peter azomenye abo yiyegereza dans l’avenir.Ico nokubwira okay,ntagere ndiko ndatera duhagaze neza aba dd kandi si ejo na hirya yejo turiko ducibwa intege n’abariko barahunga,ubuhungiro ubwaribwo bwose ni bumwe,twe turi ba musigwa musangwa,iyicitse iryinyo arimwe ntibuza izindi kurisha,rero ntimuje ngaho ngo mutambe ngo bariko barahunga ,uburundi burimwo abakenewe,n’abandi batutsi mushaka mugende mumukurikire muvuge ivyo mushaka,ishavu ry’imbwa riherera mu murizo!Uno munsi yumva ari umu star,ejo azoba yibagiwe,kumwe kwa bob rugurika n’akaguma kakurikiye ifungurwa ryiwe,ubu ari he?Nuyo nabo bandi bakecuru ejo bazoba bibagiranywe twebwe akazi karabandanya!

  • Abo bantu bitwaza amacakubiri bayafata nk’iturufu nibaza ko kabananiye. Agihe twatora ntaho batubwiye ko bagiye kwica abantu kw’izina ryacu ry’abahutu. Amaraso bakora mw’izina rya Yezu ntazankwirikirane, araja kugatwe k’abayakora n’ababashigikira n’abana babo cana cane abakura plaisir mugusesa amaraso. Ariko rero hari abaririmba bati "Iyo bakora ivyaha ariko ntibaje nogukoza agatoke mu jisho ry’Imana", ivyo bakabikora bavuga izina ry’icubahiro kirenga ivy’ita icubahiro vyoze ariryo "YEZU". Dieu ne laissera jamais le projets des hommes souilles de sang aboutir. Croyez-mois, Il est la, toujours omnipresent, omnipotent et attend que nous nous conversions. Si vs voulez que vos projets aboutissent, purifiez-vs et presentez-les devant notre Redempteur. Quand il dit la chose arive, car quand il ouvre personne d’autre ne peut fermer et quand il ferme personne ne peut ouvrir. Lisez Genese 11,1-9 et vous saurez lire les ce que Dieu vous dit.
    De grace, vous qui versez du sang de l’INNOCENT, ne pensez pas que vous le faites en notre nom (hutu ou tutsi ou twa), mais faites-le au nom de vos enfants et au nom de ceux qui trouvent du plaisir dans ce que vs faites.

  • urumugabo ndakwemeye bimwe aba DD izina ryumugabo niwewarurikwiye kabisa nabandi bohabonera akarorero

  • UWO YAHUNZE KERA,UCUBONAKO YARATAMBIKIJE,ARI MUBAMENIBANGA RYABA DD,MUBATEGUYE IMYIYEREKANO,AHUBWO AHA MUSUBIRIRA KUBUGETSI,IMANA IRIKO IBEREKA IBIHUMBWA MUZE MUMENYE UKO MWIPANGA.NAHAVYE BENEWABO MUCA MUBONAKO ATACO YAMARIYIGIHUGU ,UMUGAMBWE ATARUKWIMBA ABAHISHIVU.

  • sha vuganeza,
    aba dd bariko bavuye muri dd si abasanzwe kuko benshi nibo bari bafise imitwe dd yagenderako na bukebuke. none mubuze ba ba frondeurs harimwo abazi cane umugambwe kandi bawukoreye, mukabura rufyikiri, piyo, clotilde mubona musigaranye ba nde boteza imbere umugambwe? Nk’akarorero ruyigi, karuzi, cankuzo, muramvya, Bururi mubona musigaranye ba nde? Buja mairie na rural musanzwe atabo mufise. Niho nkibona umuntu ariko atakaza abantu bafise imitwe akavuga ngo ntaco bimutwaye. Uzobibona. Hanyuma uvuze ngo abantu bahunze ngo ntaco bikubwira? None wumva ushaka amahoro? iyo abantu benshi bahunze igihugu nturabona ko biba bitejwe n’umutekano muke kandi ko ibikurikira ari umutekano muke nyene mu gihugu? hari uwonezerwa abeneburundi bahunze ga yemwe akavuga ko akunda igihugu? Hanyuma ko abahunga benshi baja canke baca i rwanda, ni ibisanzwe kuko hariyo umutekano kandi ni ababanyi baratahura igituma abarundi bahunga.Ariko SVP nureke kwifuriza uwundi guhunga kuko birashavuza imana.

  • hhh ww uvuga k abantu baharanira inyunguzab ngo ikirung kiheze ngo akadadika kubera abona ki bazomusubiriza .ivyo uvuze c tout a fait peter arik aragir kk bagir bamusubirire ugurura amaso ubone bro!

  • AHAAAA IGIHE COSE HAZOBA UMU LEADER INDECIS BIRAGOYE GOSOHOKA MUBIHE NK’IBI .MUGA DUSHIZ HAMW YASE KUHAVANA ITEKA ARINDIY KUHAVANA IBIDASHIMISHIJ

  • Kuki bahungira my Rwanda? Baragomba kutusamburirako ariko ntibizoroha nagato

  • hhh ww uvuga k abantu baharanira inyunguzab ngo ikirung kiheze ngo akadadika kubera abona ki bazomusubiriza .ivyo uvuze c tout a fait peter arik aragir kk bagir bamusubirire ugurura amaso ubone bro!

  • @vuganeza hhhhiiii hhhhaaaa naho nakagendeye unkuyeho

  • @kabwa
    Mine de rien naho tudahuza commentaires zawe sindazanka harimwo ubwenge kandi hari ivyo unyungura ivyiyumviro,ariko nanje wemere ngire ico ndabivuzeko,
    Burya mu mugambwe cnddfdd abo wibaza ngo barawumva ngo nibo bawuteza imbere ce n’est pas vrai,uyo ni umugambwe tuzi iyo wavuye,wavutse kubera abahutu bavuze bati turanse gupfa tuzira ubwoko,turanse kwangara twangazwa nk’ibikoko.Rero mon cher ami ,certe ubu bibonekeko kabaye,ata gisigaye,mais jewe nokubwira ko umuhutu neza acibuka ivyo twaciyemwo wese uyo mugambwe arawumva kandi aronse les moyens kuwuteza imbere biroroshe cane,abo benshi wandondaguriye ,uretse jeremie ,tout autre n’abandi,abo bawukurikira bari i bulaya abo rero c’est facile àremplacer kubera abafashe umuheto bawumva kurusha kuko bawutanzeko amaraso babura n’abagenzi babo ku rugamba,twebwe twaba munsi ya ma bombes tous les jours nitwebwe tuwumva kuko tuzi aho wadukuye,nokubwira na mawe yamvyaye ntihagire uwuzokubesha ngo abo wavuze bamusumvya kuwumenya,rero abo bigumuye bakaja kuwucafuza mu bansi batahari nta kibuza udatera imbere,ahubwo ngira mbe umumenebanga,uzobaze abo ba piyo na ba Onesime,abanyagihugu b’i wabo babateye ivyatsi babankira gusubira kuri liste y’abashingamateka kuko ataco bamariye abanyagihugu babo,none wumva duhomvye iki,wumva bawuteza imbere canke barawutukishije mu gihugu,baca basya batambaye ku nyungu zabo ngo ibintu birayangaye,kugira bi positionner ,reka sha kabwa reka,pour l’instant bibonekako ata bantu basigaye,abantu bakunda uyo mugambwe ni benshi cane ku buryo ivyo bibanza babivuyemwo bifatwa n’abandi kandi bo wuteza imbere kurusha,none abo bantu bari bafise imiduga y’akazi ,tous les moyens,wombwira gute ko abanyagihugu b’i wabo babiyamirije,ubona barakoreye umugambwe?Non!Abo bahunga bo mu mugambwe b’abatutsi ni abaje kuwinyegezamwo ngo bawucafuze mu makungu,ntaco si kazima twababonye,kandi sinipfuriza abandi guhunfuga nuko bonyene bahunze biterura umengo ni intambara batsinze,bagiye batuka agahugu kacu ngo na kare ntaco gafise,ngo inzara irabishe kandi tuzi nezako ari uko ari ibinebwe,none ubu ngo babayeho nabi,ubuhungiro ni uko,nibatahe,uca ubona ko batumwe n’abantu badashaka amatora!
    Gusa ico nokubwira,mbabazwa n’umuntu yafashe inkoho agwanira uyo mugamwe ngo ugire ico ushitseko ubu akaba ari dans l’impasse,ivyo navyo birandengeye sinomenya ico bivako barabizinanyimwo,ku bw’imana bozusubiza hamwe,abo bashingamateka b’abatutsi bahunga,abo ni abaje kurya ivyo batabiriye akuya none ubu harageze ko batwereka leur vrai face,musangira agahiye,akabisi karageze ubu ni tuvyaranye abo,Peter nukubimenya!!!

  • Wewe witwa Vuganeza bite?ubunaho uvugiki?rindira gato usigare kurubuga wenyene!!uwo muhaya niwe asigaye kugenda!mwihangane.ndakunda abagabo batemera gukora amafuti!!pole sana.Mukwikurayo nubita abaja.ajambo azobaherana.aba dd baheze?

  • Jewe ndamuzi kandi ivyo ashikiriza ntibitangaje. Ahubwo yari yaratevy. Vyontangaza atabikoze

  • mureke ahungu ku mututsi nkawe kwatahungiye muri tanzania?

  • @Vuganeza we bakureke uzopfa wumijwe namacakubiri!!sha ayo azokwiyicira yinyene nimba ufise nuruvyaro muzokwama mubuja bwamacakubiri mbere nokubwira kuri umu esclave wayo!!!kandi guterimbere wapi!!!ubwicanyi bukugaragarmwo wakoze nubu ukibandanya ukora niwo muvumo utuma uvuga nkidebe ritobotse!!hahahhahahah je uranyica usigaye unantera nikigogwe!!mwishamba urahakunda ngira wavuyeyo utarahaga amaraso namazirantoke mwarisha abantu,abakobwa mwasambanya kunguvu,kwiba,... none ivyo mwakora ndabona wewe uri mubabikorana umwete mwinshi gukira rero ntibabikwitegeko!!!!nagasaga witege gihenomu kuko mwe nasatani ndabona munya ayasa!!

  • @nkwavu venant

    Sha aba dd kugira bahere sinzi uko vyoba vyagenze,uko ndabikubwira harimwo abagabo benshi bashitse,kandi ntihagire uwuzoguhenda ,bose barashoboye icarico cose,turaziko inzigo iniga ,ivyo wipfuriza aba dd ntibizopfa bishitse,iyo nduru yooooose kubera aba putshistes bariko barahunga kubera bafise ico bahunga,ako ni agahararo gaherana n’umwaka,ahubwo aho gupfuhira cnddfdd,noguhanura nti shirira nawe uze ,ijwi ryawe turarikeneye!!!

  • Hama Les DD namwe la honte ne tue pas!!!kuko aho mugeze ntimuba mugikwiye nokuvuga!!wait and see!!Imana toujours ija kuruhande rwukuri

  • sinzi icabandi ba cndd-fdd barindiriye kugira nabo bagende hanze barekudutera umutekano muke ndashimira uwoyamaze kwiyonjorora wewe araciye ubwenge gose!! yanka kwiteza urujaruja!! "ESE peter nkurunziza YOKWIHANURA AGAHEBA MANDA YA 3!! UMUNTU YAHORA AFUNGURA 1 YOFUNGURA 3 KUMUNSI!!%"

  • None sha Vuganeza,
    Ndagushimiye kuko wamvugishije neza contrairement n’iyindi misi kandi jewe ndatahura igituma mwagiye mw’ishamba. ariko ico ntumva nico vyamariye igihugu kuko traitement muriko mugirira abandi izotuma kumbure n’abandi bajayo. Urumva ko ataco vyofasha uburundi.reka ndakwibarize utubazo duke:
    Vyukuri ko dd itariko irateza imbere abahutu uko mwabishaka mukija mwi’shamba si ibigaragara? None wewe uranezerwa naho intwaro ya peter igejeje igihugu? Tureke n’ibi vyogutosekaza ivy’agateka ka zina muntu. Wewe ubona igihugu cobandanya kibaho (1) ubusuma bungana gutya kandi amahera aja mu mufuko wa bamwe bamwe ( nizere ko utari mubayagabura),(2) abafasha uburundi bagiye bose? None nk’iyi ndege iheruka kugurwa ariko idashika wewe ko numva wegereye abatwara wotubwira igituma ( na présidence yarabuze ico ibivugako).None wewe ubona dd izokoresha quelle magie pour gouverner un pays qui saigne économiquement jusqu’ àla moelle des os?
    None vy’ukuri tu es satisfait des conditions de vies des millions de hutu kubera mumaze imyaka 10 kubutegetsi? Jewe mpora mvugana n’aba dd bakomeye, batari mu ba frondeurs ( ngira kubera gutinya kuko urazi ko iyo butaba ubwoba na peter urazi ko atari we aba ari candidat), bavuga yuko bari deçu ko au départ dd bitari prevu ko itwara gutya. None sha Vuganeza, nta wundi muhutu, yokwitaho abahutu gusumba président dufise ubu mwoshira imbere? Kubera mufise n’imiduga n’ibitoro vya Leta, mwitsinda amatora n’ibintu bigahinduka mu gihugu?

  • @ vuganeza, kabwa arabizi byose nuko atwarwa n agashavu hoho byagera ku umututsi nibindi ariko jya utsinda ishavu

  • @ vuganeza, kabwa arabizi byose nuko atwarwa n agashavu hoho byagera ku umututsi nibindi ariko jya utsinda ishavu

  • NDI HAZIYO J PATRICK GIHANGA V5 AHUBWO AIME NKURUNZIZA NABO BARIKUMWE YARAHEMUTSE MBE NIBO BAZI IVYAMATEGEKO GUSUMBA CENTARE YUBAHIRIZA IBWIRIZW NSHINGIRO UWO SUMUGUMYABANGA AHUNGA IGIHUGU KIRANGWAMW AMAHORO NUMUTEKANO

  • yemwe akari inyuma karagoye kubona kuko naba CNDD-FDD ntibashigikiye ikiringo ca 3 ca Pierre NKURUNZIZA kanatsinda bamwe barahirwa buhongo abandi bagahunga igihugu c’amavuko.

  • Nuhuri Yauugane.Ingorane Bakirimuri Leta.Bashigikira.Amafuti.Iyabababivugakare.Bibabitorerwumuti.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.