IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize yahunze igihugu

Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize yahunze igihugu

vendredi 18 Ndamukiza 2014

Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize yahunze igihugu, abo mu muryango w’abashingwamanza bakamenyesha ko ahunze inyuma y’aho amenyeye ko hari umugambi wo kumugandagura yagirizwa ko ariwe yatumye umugambi w’uguhindura uko agafashanyo gatangwa muri Kaminuza udashoboka.

Amakuru atangwa n’abashingwamanza bagenzi ba Dieudonné Bashirahishize amenyesha ko ahunze yari amaze iminsi abwirwa ko hari umugambi z’ukumugandagura. Muvyo yoba yagirizwa, harimwo ko yoba ariwe yatumye umugambi wa Reta w’uguhindura uko agafashanyo kahora gahabwa ku banyeshure ba Kaminuza za Reta udashoboka. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize yoba yagirizwa ko ariwe yahora yereka abanyeshure ba Kaminuza ingene bariko bararenganwa mukubaka agafashanyo bafitiye uburenganzira. Mu gihe Dieudonné Bashirahishizeyigeze kuba ariwe arongoye ishirahamwe ry’abanyeshure ba kaminuza ASSER (Association des Etudiants de Rumuri) akiri umunyeshure muri Kaminuza y’Uburundi, yoba yagira azizwe ko ariwe yagumye arindisha abanyeshure, abereka ingene bofatana mu nda mu kurwanira uburenganzira bwabo bw’uguhabwa agafashanyo.

JPEG - 18 ko
Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize

Muvyo Dieudonné Bashirahishize yoba yagirizwa, nk’uko bivugwa n’abashingwamanza bamwegereye, hoba harimwo ko ari mu bashingwamanza bitwariye intwazangabo zo mu giporisi zari ku ngoro y’umugambwe MSD, ku genekerezo rya 8 Ntwarante 2014, umunsi abanywanyi ba MSD bashamirana n’abajejwe umutekano, abaporisi bakahava babasukamwo amasasu.

Imbere y’uko ahunga igihugu, umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize yasize abwiye abamwegereye ko yari amaze iminsi abona abantu atazi bagendagenda ku rugo iwe, bakaba mbere barafashe isanamu y’imodoka yiwe. Yarahinduye aho yahora aba, ava mu Carama, yimukira mu Kinanira. Mu nyuma yaronse amakuru ko hari inama zikoreshwa zo kumugandagura, ariko guca anyaga amagara ahungira ahantu hataramenyekana.

Abashingwamanza bari kumwe na Dieudonné Bashirahishize mu rubanza bitwariyemwo izo ntwazangabo zo mu giporisi basaba Reta ko yokwubahiriza umutekano wabo, yibuke hagize ico baba, ariyo izobibazwa, kuko Reta ariyo itegerezwa gukingira umutekano w’abaharanira agateka ka zina muntu.


Egide Nduwimana

Messages

  • Navugeko ashyaka kwironkera ubusugire bwumugambi wa EMPIRE HIMA TUTSI nayo ikibazo cyabobanyeshule ciyamirijwe nabeshyyi rwose, arise nukuberiki mwinominsi abarundi bamwe barikubeshya bikagaragara cyane! Njendashaka kwibwirira abarundi ko bakwiye kwifatanira munda kubera harumwe aherutse kuvugako ibyobirwanisho barikuvuga ngobyahawe urubyiruko rw’Imbonerakure ataribyo ngwahubwo ngonibirwanisho vyariko bitwarwa murwanda kugira hazatangizwe intambara, ngonubungubu byarambaze gushika mu Rwanda ariko nanone ntabwobizabarivyogukora Genocide mu Rwanda bakavugako arumugambi wogukuraho ingoma yigitugu ahubwo ahubwo nkagirubwobako abategetsi bu Rwanda kubera badakunze gushishoza bashobora kuzacyabacora Genocide.

  • @Rukoko
    We mynya rwanda sha, kura ng’aha ivyo vya ma "EMPIRE HIMA TUTSI" bitagira umutwe n’amaguru. Ko ata tohoza (enquête) yabaye wamenye gute ivyo uvuga ? Ahubwo, saba iryo tohoza ribe vuba. Tugire amahoro.

  • uyu munyarwanda Rukoko yanditse ibicuramye. najye avuga ibyiwacu mu Rwanda ibyabarundi abyihorere. none se ibyo birwanisho avugo byagiye murwanda niwe wabirungitse? ko umwicanyi kagame turihafi kumugira nka kadafi. usibye ko kagame tumufashe twamuca amatwi, amaguru ndetse tukanamuvanamo amaso hanyuma tukamwihorera... ariko twabanje kumukona nkuko nawe yirwa akona abahutu.

  • We sha Rukoko, biraboneka ko ubwenge bwawe bucuritse. Urakwiye kuvuzwa, naho ubundi buca wiruka mwibarabara. Ngo umugambi wa empire hima tutsi? Aho rero, nawe ngo wamenye inkuru...Genda uze uraderedembera ku bandi, Abarundi ubahe amahoro...Urabona....

  • RUKOKO ntago urumunyarwanda nubwo washatse kuyovya abasoma commentaires nahubundi ivyo wandiko biragararagaza neza ko utazi kwandika ikinyarwanda naho iyo empire Hima Tutsi ni ijambo abahutu dusigaye dukoresha ngo urwanko rubandanye hagati yabahutu nabatutsi kandi ntaciza na kimwe tuzokurayo uretse amarira nintuntu yo kubura abacu. Amahoro ku batutsi,kubahutu no kubatwa.

  • ibya empire hima tutsi byo RUKOKO NTABWO ABESHYE muzasome disikuru museveni yavugiye murwanda ejo bundi. YAVUZE KO BARUSHA LES BANTU UBWENGE KO BASHATSE BABARIMBURA BAKABAMARAHO.....

  • Mwihangane mwese mutanezerejwe na comment yajye, ariko icyomukwiyekukenya, jyubundi ndumwe womubwoko bwabatutsi nashoboye kumenya uwomugambi wa EMPIRE HIMA TUTSI, mazegushishoza rwose nabonye ntacyobyamariranjye kiretse kwiteranya nayandimoko, ninacyogituma njyenabandibatutsi bataribake dufatikanije nayandimoko, turiko tubyiyamiriza twivuyinyuma icyontabahishya abakuru buwomugambi naba president Kagame na Museveni ngiramwumvise mugenziwacyu Mutabazi koyatwibukije ibyo Museveni aherutse kuvugira mu Rwanda, nagombarwose kubabwirako uwomugambi twaridukwiye kuwurwaniriza hamwe twese abatutsi,abahutu,nabatutsi, ikindikandi uwomugambi tuwuretse ugakomeza ingarukambizawo zizakora kubatura bihugu byomubiyaga bigari byombi kurinjyerero umwanziwanjye nuwowese ashyigikira uwomugambi wa EMPIRE HIMA TUTSI, kutawurwanyarero nikwogushyira amacyakuriri mubaturagerwose.

  • Rukoko.ivyo uvuze n’ukuri.naho mbona bamwebamwe bagomba kukwiyamiriza ngo ntubavugire ibintu,barahumba twebwe abahutu twabibonye kera,intumbero abo bahima batutsi bagamije turayibona,ariko ntamahigwe babaifisemwo.basaze natwe tuzosarana nabo tukosorane,ahubwo ivyiza bogenza buke buke nayahandiho intumbero ya kagame na museveni,na bo bagamba bamwebamwe babanya bururi turayibona,ntantambwe bazoduterana ndakurahiye.umuhutu waho hambere hahaise siwe wunomusi,twarahumutse tubona kure.

  • Aho sha Sebibondo. Abantu nkamwe mubaye benshi, ibihugu vyinshi vya Africa vyotera imbere, ureke ivyo bijuju ngo ni Rukoko na Mutabazi!!! Amacakubiri yuzuye imitima yabo baze bayagumane iwabo, no mu miryango yabo...

  • Rekigihugu gikene abavugizi mwabaye benshi nabahutu dusigaye dufise abavugizi???Karashizingani no mumashuri mushiremwo ivyamoko???Ntimubonako mugomba kwisamburirako nkimpene.nimurekeivyamako twese twavuye mwishusho y’Imana.

  • Wewe wanditse mwizinaryanje ryitwa Mama usigura ibijanye nivya EMPIRE HIMA TUTSI, ntabwarivyiza kwandika ukoresheje izina ryuyundimuntu asanzwe akoresha mugutanga iciyumviro ciwe. Wewerero urafise uburenganzira bwokwandika icowiyumvira, ariko ntufise uburenganzira bwokwandika ukoresheje izina ryuyundimuntu ritarirwawe, jewerero sinase iciyumviro cawe naseko wakoresheje izina ryanje. Imana ikomeze kukuzigama ubonako nivyowanditse vyumvikana canke arimpanuro zitomoye. Komera Imana ibanenawe.

  • Mufasoni MAMA nanje uyumuntu yiyitiriye izina ryawe namubonye,mbere nabonye ari umuvukanyi waho mugwanda,ngira ngo vyiza namba atwunva yoraba agahindura irindi zina,kuko wewe wandika mukirundi,ntakinyagwanda mpora mbona wandika,ariko mufasoni nokumenyesha ko iciyunviro ciwe yatanze canyunguye vyinshi,nkaje ndi umushakashatsi ngiye kugikorerako.bibaye ngombwa kuzonfasha kumenya vyinshi kwiyi ampire huma Tutsi,intumbero bafise,iconemera coco nuko ukwo gushiranako kwa museveni na kagame,nabanyabururi harimwo uwuherutse kubogozwa mumabanga1vice p,hoba hari uko gufatanya mwuyo mugambi mubi.

  • twese twari dukwiye kubitura NYAGASANI maze tukabigira igisabisho ntacotuma bidahera,noku ntumwa y’imana muhd ko atamoko yarahari bari babanye neza!abarundi dukwiye kumenya ko turi umwe nkuko igihugu camavukiro yacu ari kimwe

  • @GIRAMAHORO komera, nanje nkukubivuze uwomuntu yanditse mwizinaryanje nabibonye kwarumuntu muzima kandi ivyiyumviro yatanze vyanyunguye vyishi mubwenge, kuzobikorerako ntikuzobarukwihenda. Gusandababaye kubantashoboye kumushimira nkoresheje akazinakiwe.

  • Abantu "b’abagabo" si abatera amavoka gusa. Jean de Dieu,Dieudonne hamwe n’abandi bari mu barundi bagwaniye agateka ka benshi bataravye amoko. abaciye kuri kaminuza y’uburundi barabizi.

  • Mbega mu burundi nikuki hari abagomba kwiyumvira ko aribo bafise agaciro kuruta abandi?uwutari umushingwanza rero ninyagupfa?mbega uwo dieudonne ntiyopfuma yemanga ko ari umu MSD akareka kwinyegeza inyuma yabashingwamanza?iryo samaza abo bashingwamanza bitwaza barahinyutsee!

  • barundi mutwara iki gihugu.gerageze muhagarike gutoteza abantu.none uyo Dieudonnée we azira iki ,Dieu est làet il voit tout.ivyo mugirira abandi namwe buca bibabako.

  • yezu urakiza uburundi na barundi.bugeze habi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.