Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umusore yakoresheje amahera menshi kugira amere nka Kim Kardashian
Umusore yakoresheje amahera menshi kugira amere nka Kim Kardashian
vendredi 19 Kigarama 2014
Jordan Parke w’imyaka 23 aturuka mu gihugu c’Ubwongereza yakoresheje amahera angana n’amadorari 150.000 ($ 150.000) mu myaka ine kugira ase n’umunyamuderi Kim Kardashian

Nk’uko amafoto avyerekana, uyo musore akaba yarakoze ukwo ashoboye kugira ahinduke ase na kim Kardashian naho ari umugabo. Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru The Sun aravuga ko akunda cane Kim Kardashian, ko ari umugore w’akataraboneka kandi ko urukoba rwiwe, imishatsi wiwe, n’ibimugize vyose ari vyiza cane. Ivyo akaba arivyo vyatumye yihindura kugira ase na Kim vyongeye, bikanamutwara n’amahera angana n’amadorari 150.000 ($ 150.000) mu myaka ine irenga.


None mubona ivyo yaharaniye yarabishitseko? Yoba yarahindutse agasa na Kim Kardashian nk’uko yabishaka?
Cherif Nkeshimana
Messages
19 Kigarama 2014, 14:32, par Venant
Oya vraiment bamuririye amafranga y’ubusa ntibasa na gato!
19 Kigarama 2014, 18:04, par uidqsbnsdb@yahoo.fr
baramubeshe kabisa
19 Kigarama 2014, 20:59, par ikebuke
Ahubwo yarakwiye kwihana agashika kumusaraba hama agaheza agashima uko yaremwe asa!!!
20 Kigarama 2014, 12:59, par PAPA FR
AZOBANZE AKUZE IVYOBINWABIRINKINGURUBE PUMBAFU.
20 Kigarama 2014, 13:40, par Joshuah
hahahahahaha !!Emwe satan nabamukorera bose ni ibipfu kwihindura ngwase n’umuntu aho gushaka gusa na Yesu Kristo . Agayiye Uhoraho Uko Yamugize.Aragatsindwa Ahubgo Uhoraho Amuhe Kumumenya Nayoho...Arabonye Ishano"kandi Ntibasa Nagato.
20 Kigarama 2014, 21:10, par sophony kaparo
Aranza atware ivyobinwa kuri merezi babigabanye bireke gusesa isupu uwoswa
21 Kigarama 2014, 14:06, par Nwari
Jewe ngiye nabona umuntu aganya ubwenge naba DD kuko nabonyene hasigaye ko bihindura bakavugA ko ari abazungu
21 Kigarama 2014, 16:36, par kabuga
jewe mbona ari refoulement kabisa kuko biraboneka ko yamukunze akabura ingene amushikira hanyuma agahitamwo gusa nawe yibaza ngo azoca yumva iyo nkuru maze amwiyegereze. Yarihenze iyo ni manque ya gramma. Terrible
22 Kigarama 2014, 10:45, par luc
Aratukishije abahungu ico kimena banga.N’ubu ntibasa ivyo binwa nki ngurube
arabikuzako.
24 Ntwarante 2016, 07:01
ntibasa na gatoya