IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umutekano wifashe neza m’Uburundi

Umutekano wifashe neza m’Uburundi

dimanche 3 Ntwarante 2013

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarakoranije kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 1 Ntwarante 2013 ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga, inama yahuriyemwo ba buramatari ,abarongoye abandi mu gisoda no mu gipolisi hamwe n’abakora mu rwego rw’ubucamanza,basanze muri rusangi umutekano wifashe neza ku butaka bwose bw’igihugu.

Nk’uko umuvugizi w’umukuru w’igihugu Leonidas Hatungimana yabimenyesheje,kuba umutekano wifashe neza vyavuye k’ugukorana neza hagati y’abanyagihugu,abajejwe intwaro,abajejwe umutekano hamwe n’abajejwe ubutungane.

Nk’uko Leonidas Hatungimana yabandanije abimenyesha,icerekana ko amahoro atari agaseseshwa rumuri mu Burundi,ni uko abanyagihugu bashobora kuja ku mirimo yabo atawubakakaje,ikindi ni uko abarundi bose babanye mu mahoro naho nyene badasangiye ivyiyumviro vya politike,ubwoko,amadini,aho baba n’ibindi.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu yamenyesheje kandi abamenyeshamakuru, ko naho umutekano wifashe neza,abari bitavye iyo nama bamenyesheje ko hari ibintu bimwe bimwe bihungabanya umutekano w’abanyagihugu.

Leonidas Hatungimana yavuze ko abari bitavye iyo nama bamenyesheje ko hari impanuka zatumye haba ihungabanwa ry’umutekano mu mezi abiri aheze,harimwo imvura nyinshi yasanbuye amazu yonona n’imirima,umuriro waturiye isoko nkuru ya Bujumbura,kunwa ibiyayura mutwe n’inzoga zitemewe n’amategeko,kwahukana hagati y’abubatse hamwe n’abagabo bakubita abagore babo gushika aho bapfa.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ikintu nkora mutima cibonekeje ni icukurwa ry’ubutare ridakurikije amategeko n’igirishwa ry’ubutare ridakurikije amategeko bituma ababikora badatanga amakori.

Leonidas Hatungimana yamenyesheje abamenyeshamakuru ko abitavye iyo nama bafashe ingingo yo guhagarika icukurwa ry’ubutare mu kiringo c’amezi abiri kugirango ababijejwe bakosore ibikenewe kugirango bashire ibintu mu buryo ku nyungu z’igihugu kandi ko uwuzorenga iyo ngingo azohanwa vy’akarorero.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.