IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umwe mu bagize sentare y’ubahiriza ibwirizwa nshingiro mu buhungiro

Umwe mu bagize sentare y’ubahiriza ibwirizwa nshingiro mu buhungiro

mardi 5 Rusama 2015

Icegera c’umukuru wa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yarahunze igihugu. Sylvere Nimpagaritse yahunze inyuma y’aho asabiwe kwemeza ku nguvu z’ubutegetsi, ko ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza cemewe n’amategeko.

Slyvere Nimpagaritse yahunze igihugu kuri uno wa mbere igenekerezo rya 4 rusama. Ibi bishobora gutuma haba ibihinduka mu gihugu inyuma y’aho imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza iza yaratanguye mu gisagara ca Bujumbura no mu bindi bice vy’igihugu.

JPEG - 34.6 ko
Icegera c’umukuru wa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yarahunze igihugu.Sylvere Nimpagaritse

Avugana n’umumenyeshamakuru w’iradiyo y’abafaransa RFI imbere y’uko ahunga, Sylvere Nimpagaritse yamubwiye ko afise ubwoba kuko hari abamaze gutangura kumurondera babicishije ku materefone, bamubwira ko atemeje ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ashobora gusubira kwitoza ko bishobora guhitana ubuzima bwiwe n’ubwo umuryango wiwe.

Ibwirizwa nshingiro hamwe n’amasezerano ya Arusha

Naho bimeze ukwo, Slyvere Nimpagaritse yavuze ko azi ico akora, hamwe n’uruhara afise muri kahise k’igihugu. Uwo yahora ari icegera c’umukuru wa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, avuga ko sentare yatanguye kwiga kuri ico kibazo ku munsi wa kane igenekerezo rya 30 ndamukiza.

Slyvere Nimpagaritse avuga ko bari bane kuri indwi bagize iyo sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro mu Burundi, badashigikiye ikiringo gishasha c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kuko kubwiwe kwemeza ico kiringo kwoba ari uguhonyanga ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha.

Ayo makuru nyene avuga ko ku munsi wa mbere batashoboye kwumvikana baca bigiza inyuma isango ku munsi ukurikira. Ku bwa Slyvere Nimpagaritse, ni kuri uwo munsi nyene haciye hatangura iterabwoba, abahora ari abagenzi baca batangura kuba abansi biwe. Slyvere Nimpagaritse avuga ko abandi batatu barikumwe basangiye iciyumviro co kudatera igikumu ku ngingo yo kwemeza ko umukuru w’igihugu asubira kwitoza, baciye batinyirira ubuzima bwabo baca bemera guhindura ivyiyumviro.

Slyvere Nimpagaritse ati :«Mbajije umutima n’ubwenge bwanje, nafashe ingingo yo kudatera igikumu ku ngingo ifatiwe hanze kandi idakurikije amategeko.»

Amakuru ava mu karere ka Rusizi mu gihugu c’Urwanda yemeza ko uwo yahora ari icegera c’umukuru wa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yahungiye mu gihugu c’Urwanda, akaba yakiriwe mu gace ka Bweyeye ari kumwe n’abandi indwi bahunganye harimwo umukenyezi wiwe.

Mwomenya ko hari abandi babiri bahoze ari ba musitanteri mu ntara ya Cankuzo bamaze guhungira mu gihugu c’Urwanda mu mpera z’indwi iheze.


Mugisha Van Naris

Messages

  • IHUNGIRE UPFUME WITWA IMPUNZI HAKO UHEMUKA KU BURUNDI N’ABARUNDI

  • Bamucunge aba DD ntibamwibe, murumva ko ari iturufu

  • Baguhaye Ryinshi Wabonye Ko Manda Yawe Iheze Ubonayo Oposition Iguhaye Ntiwoyahusha Ibihemu Vyaramye Ntagishasha Ariko Ntikibuza Ko Bibandanya

  • Abant Nkabo Bogwira Mugihugu,uriteye Iteka Nturi Mpemuke Ndamuke.

  • Murarabe Ntibahave Bamusangayo Ngo Bamunyuruze.

  • reka ivyo bihemu vyahemukiye igihugu tuzobifatisha intoki nayo nawe igire amahoro ureke ivyo bimenabanga.

  • Tu nous surprends parce k tn histoire judiciaire était autre

  • we wakoze ico wategerezw gukora.ubona iyo abandi bose mwari musangiye ibanga .nuko wageragej gukora ivyo ushoboye,gusa urerekanye ko uri umushingantahe abushitse.

  • Abategetsi nk’aba bemera kuvuga, guharanira no kuzira ukuri nibo bari bakenewe ibihe vyose mu gihugu cacu kugira ngo amahoro atsimbatare. N’akomere umushingantahe Sylvere Nimpagaritse arabukwiye koko; nayo abandi bo ni IBIHEMU. MURAKOZE.

  • Uwomugabo avuga ukwavyiyumvamwo ntabwo yariyisunze uko ibwirizwanshingiro rivuga, kuko uwariwewese yihenze agacisha ijisho mwibwirizwanshingiro niryoricarimutegeka kuvugako Peter yemerewe kwitoza. Nayo ivyokumugiriranabi nivyabindibiharawe vyogushusha uruhigi ntasumvya abaraho kuvuga ayamuhe, nagende ukwagiye nikwazogaruka igihugu niciwe. Ariko..................

  • uyu se iyo yifata aho guhunga,uwifashe ntatore baca bamumenya,aha naho harimo igifungu kabisa.

  • Inkuru nyayo ni inkuru itohojwe, atari iyifatiwe kuushobusho umwe umwe afise. Hariho abavuze, bafatiye kukuntu masanzwe bamuzi. Hariho uwavuze histoire judiciaire yiwe, beshi bazi, hariho abavuzeko ari ibiharuro yagize, aharuye ko oppositio yomuha vyishi, canke ko yoronka une asile dorée muri amerika. Kuvugako ari umugabo, biroroshe, ariko ntivyoroshe kuvyemeza, narirya hari akarangamutima k ubucamanza kokwemera gushira aho abandi beshi bashize; Bikaba byibutsa babandi baja mwibarabara mumwaka wa 1993 Nyen icubahiro NDADAYE Melchior atowe, hamwe yoba yarimwo ico gihe ntanakimwe byotangaza.

  • La Vérité est unique et universelle!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.