IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Igeragezwa ry’ibigori bita Hybride basanze ritanga umwimbu ushimishije

Igeragezwa ry’ibigori bita Hybride basanze ritanga umwimbu ushimishije

lundi 12 Nzero 2015

Umwimbu w’ibigori wifashe neza mu ntara za Bujumbura na Muramvya nk’uko vyibonewe n’umushikiranganji w’uburimyi w’ubworozi.

Mu rugendo umushikiranganji Odetta Kayitesi yagize muri izo ntara akaba yabonye ko igeragezwa ryimbuto y’ibigori bita mu rurimi rw’igifaransa maïs hybride wifashe neza. Abarimyi bo muri izo ntara bakavuga ko umwibu w’ivyo bigori wifashe neza. Bavuga ko imbere umwimbu w’ibigori wari hagati y’itoni imwe n’itoni zibiri, ariko uyu munsi kw’ihegitari imwe, umwimbu ugeze ku matoni atandatu kugeza ku matoni icenda.

Abanyagihugu bagemdewe yaba abo mu myonga ya Nyarubondo ya mbere n’iya kabibiri, canke mu Rubirizi eka mbere n’abo muri komine ya Bukeye, bose basaba umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi ko bohabwa ivyuma vyo gusya ibigori, hamwe n’amahangari yo kuvyimburiramwo. Mukamenya ko izo mbuto z’ibigori zatanzwe n’igihugu ca Kenya mu mwaka w’2012 ku wa 1 Mukakaro, aho Uburundi bwariko bwibuka imyaka 51 bwikukiye


Aristide Nizigire

Messages

  • Reta Yarikwiye Gufasha Abanyagihugu Mukubaronsa Izo Mbuto Kugiciro Kiri Hasi Kuburyo Bose Bazijukira Hama Natwe Abize Ivyuburimyi Ikaturonsa Akazi Tukababa Hafi Gutyo Ubutunzi Bukiyongera Mugihugu Cose

  • Reta Yarikwiye Gushira Budget Nini Muburimyi Kuko Hafi Ibice 95 Canke Birenga Vyababa Aha Muburundi Batunzwe Nuburimyi.Uburimyi Bwifashe Neza Ntakabuza Kindyane Zose Zohava Kuko Ziterwa N’inzara.Reta Yokwitaho Aba Agronome Gutyo Igisata C’uburimyi Kigatera Imbere.Ama ISABU,ITAB,ISA,INSTITUTIONS AGRICOLES.. Akitabwaho Bikwiye.None Habuze Infungurwa Ibisata Vyose Vyohagarara.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.