Accueil > Amakuru > u Burundi > UNHCR irahakana ibitigiri bivugwa na Reta y’Uburundi vy’abarundi (...)
UNHCR irahakana ibitigiri bivugwa na Reta y’Uburundi vy’abarundi bahunguka
mercredi 29 Mukakaro 2015, par
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi UNHCR rimenyesha ko ibiharuro bishikirizwa na Reta vy’abarundi bahunguka bava mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi atari vyo.

Umuvugizi wa UNHCR Karin DE GRUIJL avuga ko batarabona ko ibiharuro vy’impunzi z’abarundi bari hanze vyagabanutse,kuko gushika ubu bafise igitigiri ca 178958.
Umuvugizi wa UNHCR avuga ko mu gihugu c’Urwanda bishoboka ko hari ababarutse mu Burundi,ariko benshi ni abashikiye hanze y’amakambi,abo nabo basubira mu gihugu kubera ubuzima buzimvye.
Karin DE GRUIJL yavuze ko ku biharuro vyo mu makambi y’impunzi ata bantu benshi Babura,kuko iyaba bariho benshi biba biboneka baje gufata ibifungurwa.
Ku kibazo co kumenya nimba hari abava mu makambi y’impunzi binyegeje,umuvugizi wa UNHCR yavuze ko bishboka ,ariko ko igitigiri gishikirizwa na Reta y’Uburundi atari co,kuko ku bantu 75000 bivugwa na Reta ko bavuye mu gihugu c’Urwanda,bavuye mu makambi vyotegerezwa kumenyekana.
IGIHE
Messages
29 Mukakaro 2015, 22:02, par Kariyo
Mupfaso, Erega Dusanzwe Tuzi Ko Ari Ababeshi
29 Mukakaro 2015, 22:10
none ko reta yacu ija irabesha hasigaye ko itanga imihoho kuko biragoyegutahura.
29 Mukakaro 2015, 23:31, par James
Leta iyobowe na Nyamitwe,Bunyoni,na Aldoph na gahomera umunwa hewe burundi waragowe ugorana na banyagihungu
29 Mukakaro 2015, 23:55, par mutabazi
Iby’impunzi ndabizi .Iyo bakora ibarura umuntu umwe yibaruza nka gatanu yoza ibikumwe. Icyo nzi cyo baravuga ngo mu Rwanda hari plus de 50.000 . Gusa ikizwi cyo ntibarenze 20.000 kandi Leta y’agatsiko yo mu Rwanda yabafasheho ingwate kugira ngo ibone abo kujya yinjiza mugisoda cyo gutera grenade no gutwika abarundi
30 Mukakaro 2015, 00:00, par mutabazi
Abarundi mugize Imana ahubwo iyo mihirimbiri ikaguma mu Rwanda nibyo byiza. Abenshi bariyo ni abatutsi bo mu Ngagara bahunze u Rda muri 59. Murumva ko bageze mugihugu cy’amavukiro. Baragahamaiyobari.com
30 Mukakaro 2015, 00:56, par Twatashe
HCSR . Mbega yakinogihe ukwonikwimeze! Ngwabatagiye munkambi ngobarahunguka ngokuko babona ubuzimabwahobari buzimvye!? Nisunze ivyo HCSR IVUZE NUMVA IBAYARERUYE IGIHE ABARUNDIBAHUNGA KOBARIBABONYEKO MUBURUNDI UBUZIMA BUZIMVYE, jewe nkumuntu yigezeguhuga igihe ciyicwarya Ndadaye nubwovyarikugendagute Imana yarinze igushikana hanze yu Burundi ntiwarigusubira mu Burundi. Ubunkurikiranye imvugo yuyumuntu wa HCSR numvashaka kuvugako abarundi bahunze bafashweneza mumakambibarimwo batotaha iwabo!? Babafashenabi bocabataha!? Karabaye turagowe ko HSCR itanguyeguharanirako abahunze bidakwiyekwumvikanako batanguyegutaha impunzizirabaye urudandazwa peeee!
30 Mukakaro 2015, 01:01, par Falcon
Imitwe yaba DD twarayihinyuye basigaye kubesha inzoya.
30 Mukakaro 2015, 01:13, par BICE BOSE
NABARWANYI BABESHAKO BAFASHE NABOBABITERA ZAMBONERAKURE ZIVA MUZINDI NDARA BABA BAZWI BOZIFUNGA UGASANGA NGOZUNGURUJWE MUYANDI MABOHER KANDI ZITAHIYE BIKAGUMA BISAKARA NGO BAFASHE ABARWANYI UKUBESHA KWABO TWARABAHINYUYE WOFATA ABA SIRIKARE 170 NAMABOKO ? ZA MUSHIZA IRYA NIPROTIKE YARETA NIMBONERAKURE KAKARWI KINKORABARA MUGABO UMUSI UMWE UBUTABERA BUZOGARAGARA
30 Mukakaro 2015, 02:06, par fidelite
Abo bakozi ba HCR nabo ntawobatako umwanya,barinjira mu ma politiques y’ibihugu,imiduga yabo muri congo ntimwibagire ko yatwara inkoho z’abanyamurenge n’abanyarwanda baje kumara impunzi z’abahutu,ariko mubona ingene asigura avec beaucoup de force ivy’izo mpunzi,hinyegeje iki inyuma yizo nsiguro,mbega yemwe nazigumye dawega ,azozirekure haheze imyaka itanu.
30 Mukakaro 2015, 12:31, par jogingi marahwe
abo bakozi ba hcr bagomba kuguma bac amafaranga bishimikij impunzi? baratashe nyen. nimuzing uturago musubir namw iyo mwavuy ikiraka kirahez.
30 Mukakaro 2015, 13:42, par norris
Nagira mbwire uwu yitwa Mutabazi ko ivyo tuba twandika nka commentaires atarivyo bituma ukuri guhinduka.Ni vyiza rero ko tubikora muntumbero yo guterera.
1/Abahunze uravye ibitigiri HCR ifise benshi ni abahungiye Tanzanie,hagakurikira Rwanda,hama RDC,...
2/Abahunze benshi ntibagiyebava muri Mairie ya Bujumbura.Benshi bava Kirundo,Makamba,Cankuzo,..
3/Nk’uko HCR ibivuga abarundi bari bahungiye mu Rwanda bagashikira mumiji itandukanye baratahutse kuva mu kwezi kw’indwi. Ko ubuzima buzimvye biri muvyatumye bataha nubwo atari ivyo gusa nivyo.
4/Urwanda rwarakiriye impunzi z’ubwoko bwose nubw nkeka hoba hagwiriyemwo abatutsi.Uravye Tanzanie wosanga impunzi yakiriye zirwiriyemwo abahutu.Ivyo biva kuri kahise k’ibihugu vyacu.
5/HCR ikora kurya yakora kera hakir impunzi z’abarundi muri Tanzanie.Nihaba umuntu yariyandikish kabiri bigakunda nubu nticobuzako bikunda.Niyaba yatanga ibitigir bingana uku kiriya gihe nubu yobigira. Nihaba hariabiyandikisha bagataha hama bakagaruka bigakundan’ubu biraba.Nivyaba ibiharuro vya HCR bitigera bihura n’ivya Leta-kandi birumvikana kukoinyungu si zimwe- nubu birashobokako biri uko.
Nibazako iciza ari uko umurundi wese yokwiyumva amahoro n’umutekano akisanzura mugihugu iwe.Ntawo guheza rero hanze kuko urumvako uca urya nawe atubitse umukanda.
31 Mukakaro 2015, 18:29, par Mutima
Baza bataza nta kibazo bamwe bari iwabo. Ese urwanda n’uburundi mubitandikanya gute? Je mbona aricokimwe.