Accueil > Amakuru > u Burundi > UNHCR isaba imiriyoni 207 z’amadorari yo gufasha impunzi z’abarundi
UNHCR isaba imiriyoni 207 z’amadorari yo gufasha impunzi z’abarundi
samedi 23 Rusama 2015
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi UNHCR riri kumwe nabo bakorana risaba imiriyoni 207 z’amadorari yo gufasha impunzi z’abarundi zahungiye mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi.
Nkuko umuvugizi w’ishirahamwe UNHCR yabimenyesheje iradiyo y’abongereza BBC,ayo mafaranga bayasaba mu ntumbero yo kwitegurira ibishobora gushika mu mezi atandatu ari imbere,muri Tanzaniya.
Umuvugizi wa UNHCR Karin De Gruijl yavuze ko ayo mafaranga ari igitigiri ngereranyo bakorerako,kuko bizeye ko ibintu bishobora guhinduka mu gihe amatora yoba mu Burundi,agahengwe kakaboneka.

Karin De Gruijl yavuze ko naho bariko barasaba ayo mafaranga ata menshi bararonka,ari naco gituma bariko bayasaba amakungu na cane cane ama Reta abafasha mu gihe ibihugu bihana urubibe n’Uburundi vyamaze gukora ibishoboka vyose.
Kubwo umuvugizi wa UNHCR,bazokorera ca mu gihugu ca Tanzaniya n’Urwanda kuko ariho hamaze kwibonekeza abahahungiye benshi.
Mwomenya ko Urwanda rumaze kwakira impunzi zishika ku bihumbi 27 mu gihe igihugu ca Tanzaniya kimaze kwakira abashika ibihumbi 64.
IGIHE
Messages
23 Rusama 2015, 16:20, par bucumi
Izo zose ningorane gusa none abahora babafasha ko bakuyemwo akarenge,umuti ugiye kuba uwihe! Imana ihora ihoze!
23 Rusama 2015, 21:08, par VAN DAMME
AHUBWO NIMUTABARE IZO MPUNZI ZIRIKO ZICWA NAKORERA.
24 Rusama 2015, 18:28, par macumi
mwamenyere kurya ibyubusa umuntuvuka arya imitsi ya UNHCR akazarinda apfa akirya ibyubusa mwagiyemugafata amasuka mukarima kuburundi aribunini, muhungire mukadomo nku rwanda kataboneka kwikarita haaaaaaaa birababaje
24 Rusama 2015, 18:40, par Iyamuremye Janvier
JE SUIS REFUGIE DU CAMP DE MAHAMA :NOUS LES REFUGEES ,NOUS VOUS PRIONS DE FAIRE TOUS DE CHOSES POUR QUE NOUS PUISSIONS RETOURNER DANS NOTRE PAYS LE Bdi .EN ATTENDANT VOUS POUVEZ NOUS AIDES DANS LE DOMAINE DE L’EDUCATION,DE LA SANTE,DE LA PROPREJE POUR LUTTER CONTRE LES MALADIES DES MAINS SALLES AINSI QUE DES BESOINS PRIMAIRES .MERCI BONNE COMPREHENSION