Accueil > Amakuru > u Burundi > UNICEF isaba ko abanyeshure bokwubahirizwa mu Burundi
UNICEF isaba ko abanyeshure bokwubahirizwa mu Burundi
mercredi 8 Ruheshi 2016, par
UNICEF, igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU citaho abana, kimenyesha ko gitewe umutima uhagaze n’abanyeshure bahagarikwa, abirukanwa mu mashure hamwe n’abakomerekera mu mashure y’Uburundi.
UNICEF ihamagarira impande zose zegwa n’indyane za poritike mu Burundi kwubahiriza uburenganzira bw’abana bwo kuja mu mashure kandi bakabakingira ubwicanyi.
Ivyo vyamenyeshejwe kuri uwu wa kabiri mu nama yama iba uko indwi zibiri ziheze, i Geneve mu Buswise.
UNICEF ibicishije ku muvugizi wayo, Christophe Boulierac, imenyesha ko ku magenekerezo ya 26 na 27 z’ukwezi kwa Rusama 2016, abana 334 birukanwe mu mashure yo mu Ruziba, mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, bakaba bahowe gusibanganya ibitabo vy’ishure birimwo isanamu y’umukuru w’igihugu. VOA dukesha iyi nkuru ivuga ko kuva ico gihe bahamagawe gusubira kwiga ariko bamwe baratinya gusubirayo.
Kw’igenekerezo rya 3 Ruheshi 2016, UNICEF imenyesha ko abanyeshure batari bake bo mu mashure atatu yisumbuye mu ntara ya Muramvya bahagaritswe ku mvo nk’izo nyene z’ugusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu iri mu bitabu bigiramwo, mbere batanu muribo bakaba bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Muramvya.
Umuvugizi wa UNICEF, Christophe Boulierac avuga kandi ko abana barenga 300 bapfunzwe, mu gihe abashika kuri 30 bamaze kwicwa kuva indyane zifatiye kuri poritike zitanguye mu Burundi mu kwezi kwa kane umwaka w’2015.
IGIHE
Messages
9 Ruheshi 2016, 12:19, par johnsonymaro@gmail.com
👪None abobanyeshure banyaze itunga ryuburund? Ko nabarikwicha iterambere ry,uburnd atocho baba gira! Twe abarundi twibaze iki? Tufateko uburund gut? OK nanje ndumunyeshure vyabaje chane kuko igihano chabanyeshure kirahari ndasavye uburundi twikubite urushi twisubireko nibara mugihugu chamata nubuki
9 Ruheshi 2016, 12:24, par Johnson james
👪None abobanyeshure banyaze itunga ryuburund? Ko nabarikwicha iterambere ry,uburnd atocho baba gira! Twe abarundi twibaze iki? Tufateko uburund gut? OK nanje ndumunyeshure vyabaje chane kuko igihano chabanyeshure kirahari ndasavye uburundi twikubite urushi twisubireko nibara mugihugu chamata nubuki
9 Ruheshi 2016, 13:07, par MAJAMBERE PROSPER
ABANA MUBURUNDI BARABANGAMIWE AMAKUNGU NAHAGURUKIRIKIKIBAZO KIRIMUBURUNDI .
11 Ruheshi 2016, 20:30, par jewe
ego nivyo
13 Ruheshi 2016, 21:29, par IRATUBONA
MBABAZWA N,ABANA NINZIRAKARENGANE BADASIBA GUPFA
14 Ruheshi 2016, 21:26, par P ANTOINE
ahubwo ntihagire numwe barekura umwana winzoka nawe ninzoka