Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UNICEF : Uburundi burabangamiwe n’ugufungura nabi kw’abana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UNICEF : Uburundi burabangamiwe n’ugufungura nabi kw’abana

UNICEF : Uburundi burabangamiwe n’ugufungura nabi kw’abana

mercredi 7 Rusama 2014

Mu cegeranyo casohowe n’ishirahamwe UNICEF ku bijanye no gufungura nabi mu Burundi mu mwaka w’2013, ku mwaka ku mwaka, Uburundi butakaza imiriyoni 102 z’amafaranga y’amadorari bivuye ku gufungura nabi kw’abana bari munsi y’imyaka itanu.

Ishirahamwe UNICEF ryitaho amagara y’abana kw’isi, rimenyesha ko ikibazo co gufungura nabi mu Burundi gihagarika iterambere ry’ubutunzi, kikonona n’imitahe Reta yari gushira mu bindi bisata, nko mu gisata c’amagara y’abantu, mu gisata c’uburimyi n’ubworozi hamwe no mu gisata c’indero.

Johannes Wedenig aserukira UNICEF mu Burundi, avuga ko mu guhangana n’ikibazo co gufungura nabi mu Burundi kugira gikemurwe, hoshingwa uburyo bukingira imibano hamwe no kwongerereza inguvu mu gushira imitahe mu bisata vya nkenerwa, na cane cane mu gisata c’amazi, indero n’amagara y’abantu. Ivyo akaba yabivuze mu nama yari yatunganije kuri uwu wa kabiri wa 6 Rusama 2014 mu gisagara ca Bujumbura.

Ishirahamwe UNICEF rikaba ryiyemeje kuguma rikorana na Reta y’Uburundi hamwe n’abandi bashobora gushigikira mu gukemura ico kibazo cugarije igihugu c’Uburundi gituma gihomba amafaranga atari make ku mwaka.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.