Accueil > Amakuru > u Burundi > UNICEF : Uburundi burabangamiwe n’ugufungura nabi kw’abana
UNICEF : Uburundi burabangamiwe n’ugufungura nabi kw’abana
mercredi 7 Rusama 2014
Mu cegeranyo casohowe n’ishirahamwe UNICEF ku bijanye no gufungura nabi mu Burundi mu mwaka w’2013, ku mwaka ku mwaka, Uburundi butakaza imiriyoni 102 z’amafaranga y’amadorari bivuye ku gufungura nabi kw’abana bari munsi y’imyaka itanu.
Ishirahamwe UNICEF ryitaho amagara y’abana kw’isi, rimenyesha ko ikibazo co gufungura nabi mu Burundi gihagarika iterambere ry’ubutunzi, kikonona n’imitahe Reta yari gushira mu bindi bisata, nko mu gisata c’amagara y’abantu, mu gisata c’uburimyi n’ubworozi hamwe no mu gisata c’indero.
Johannes Wedenig aserukira UNICEF mu Burundi, avuga ko mu guhangana n’ikibazo co gufungura nabi mu Burundi kugira gikemurwe, hoshingwa uburyo bukingira imibano hamwe no kwongerereza inguvu mu gushira imitahe mu bisata vya nkenerwa, na cane cane mu gisata c’amazi, indero n’amagara y’abantu. Ivyo akaba yabivuze mu nama yari yatunganije kuri uwu wa kabiri wa 6 Rusama 2014 mu gisagara ca Bujumbura.
Ishirahamwe UNICEF rikaba ryiyemeje kuguma rikorana na Reta y’Uburundi hamwe n’abandi bashobora gushigikira mu gukemura ico kibazo cugarije igihugu c’Uburundi gituma gihomba amafaranga atari make ku mwaka.
Mariella Bukuru