IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urugendo n’ugutanga amaraso ku munsi wahariwe ubwigenge bwo kumenyeshamakuru

Urugendo n’ugutanga amaraso ku munsi wahariwe ubwigenge bwo kumenyeshamakuru

dimanche 27 Ndamukiza 2014

Mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyeshamakuru, haratunganijwe urugendo hamwe n’igikorwa co gutanga amaraso nk’uko bishikirizwa na sendika y’abamenyeshamakuru UBJ.

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru UBJ ryasohoye itangazo rimenyesha uko ibikorwa vyo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyeshamakuru biringanijwe muri ino ndwi buca dutangura. Ivyo bikorwa bizomara hafi indwi yose, bizotangurirwa n’urugendo ruzobera hano mu gisagara ca Bujumbura. Urwo rugendo ruzohera ku cibutso c’ukwikura ku munsi wa kabiri, abamenyeshamakuru bazokwiyegeranya guhera igihe c’isaha zibiri n’igice.

Ibikorwa bizobandaniriza mu kigo c’abamenyeshamakuru ‘’Maison de la presse ‘’aho hazoca hakorwa umurimo wo gutanga amaraso ku magenekerezo rya 29 na 30 Ndamukiza. Mw’ishirahamwe UBJ basavye ko abazoja muri urwo rugendo ari abazoba bafise amakarata y’akazi, gusa canke abazoba bafise amakarata yatanzwe n’iryo shirahamwe. Mu gihe ivyo bikorwa bizotangura ku munsi wa kabiri, abamenyeshamakuru bazoba babitumiwemwo hamwe n’abandi bantu batandukanye kugira ngo uwo munsi uhimbazwe, hakaba hategekanijwe ibikorwa bitari bike.
Tubibutse ko uwo munsi mukuru mpuzamakungu w’ubwigenge bwo kumenyeshamakuru uhimbazwa ku genekerezo rya 3 Rusama.

Bamwe mu barongoye amashirahamwe yo kumenyeshamakuru bakaba bashima intambwe Uburundi bugezeko naho intambamyi zitari nke zicibonekeza aho batanga uturorero tw’abamenyeshamakuru bamaze iminsi barengutswa agasakisaki.


Floxella Karire

Messages

  • ngo iryo shirahamw ryatanze amakarata ryari? Mbe abamenyeshamakuru bigenga ntibokwifatanya na bagenzi babo? cak uwudafise ikarata ntazo kwifatanya na bagenzi babo? muratubariza yemwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.