IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urugendo rugira gatatu rwo gusaba irekurwa ry’umumenyeshamakuru Hassan (...)

Urugendo rugira gatatu rwo gusaba irekurwa ry’umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki

mardi 12 Ruhuhuma 2013

Kuri uyu wa kabiri, abamenyeshamakuru bo mu Burundi bagize urugendo ubugira gatatu imbere y’ingoro y’ubutungane basaba ko mugnzi wabo Hassan Ruvakuki yorekurwa. N’amashirahamwe yigenga yaje kwifatanya nabo.

N’uko vyama bigenda ku minsi ya kabiri, urugendo rwatanguye isaha zibiri zo mu gatondo gushika isaha zibiri n’iminota 30. Bazungurutse ingoro y’ubutungane.
Ryabaye irya mbere amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yifatanya n’amashirahamwe y’abamenyesha makuru mu rugendo rwo gusaba ubutungane k’umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki akorera iradiyo Bonesha FM n’iradiyo y’abafaransa RFI.

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike menshi avuga ko uwo mumenyesha makuru afunzwe hadakurikijwe amategeko.

Kubwa Armel Niyongere arongoye ishirahamwe katolika rirwanya itotezwa ACAT amenya ko kwifatanya n’abamenyesha makuru mu rugendo rwo gusaba ubutungane kuri bose ari gufata mu mugongo abo bamenyesha makuru. Asaba ko abarongoye igihugu kutivanga mu vyu butungane, akavuga kandi ko Hassan Ruvakuki afunzwe ata tegeko na rimwe rikurikijwe.

JPEG - 14.8 ko

Uwurongeye urunani rw’abamenyesha makuru yashimiye ayo mashirahamwe aho yaciye asaba n’abandi banyagihugu kwifatanya n’abamenyesha makuru nu rugamba rwo gusaba ubutungane kuri bose.

Alexandre Niyungeko, arongoye urunani rw’abamenyeshamakuru bo mu Burundi UBJ arashimira ayo mashirahamwe yabafashe mu mugongo mu rugamba rwo gusaba ubutungane kuri bose no ku mumenyesha makuru Hassan Ruvakuki. Yavuze ko urwo rugamba ruraba abantu bose.

Abamenyesha makuru bazunguruka ingoro y’ubutungane, bashitse ku biro vy’umushikiranganji w’ubutungane baciye bahagarara. Alexandre Niyungeko yavuze ko bashatse kwereka umushikiranganji w’ubutungane ko yatevye gusohora ingingo yo kurekura ivyagateganyo Hassan Ruvakuki nk’uko yabisabwe n’ababuranira uwo mumenyeshamakuru.

Amenyesha ko bazobandanya bakora ingendo nk’izo ariko ngo bazokora n’ibindi. Asaba abandi banyagihugu kwifatanya n’abamenyeshamakuru mu rugamba rwo kurondera ubutungane nyakuri.

Umumenyeshamakuru Hassan Ruvakukiamaze umwaka n’amezi abiri afunzwe. Yagiriwe n’icaha co gukorana n’imigwi igwana yavukiye muri Tanzaniya. Ubwa mbere sentare ya Cnkuzo yari yamuciriye umunyororowo guherayo ku caha co gukorana n’imigwi y’iterabwoba hanyuma yunguruza urubanza,abona gutenzurirwa.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.