IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urugendo rw’umukuru w’igihugu mu ntara ya Rutana

Urugendo rw’umukuru w’igihugu mu ntara ya Rutana

lundi 22 Ndamukiza 2013

Kuri uyu wa gatanu,igenekerezo rya 19 Ndamukiza 2013,umukuru w’igihugu c’u Burundi Petero Nkurunziza, yari mu ntara ya Rutana aho yari yagiye kwifatanya n’abanyagihu mu muri komine Bukemba,mu bikorwa vyo kwubaka ishure ryisumbuye rya komine Bukemba.

Ivyo bikorwa bikaba vyari bihagaze gutegura ama beton nokwagura ibirasi bitatu vyo kuri iryo shure ryisumbuye.

Petero Nkurunziza yarongeye arafatikanya n’abanyagihugu b’iyo ntara mu kwegeranya amabuye azokwubaka umushinge w’uruzitiro w’ikibuga c’umupira w’amaguru ca Gihofi kiri muri komine Bukemba.

Ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 20 Ndamukiza 2013,yaciye afasha mu bikorwa vyo kwagura ishure rikuru rya komine Kinzanza no gusasa amabuye hasi mu birasi bibiri vy’iryo shure.

Inyuma yaho,yaciye agenda ku murwa mukuru w’intara ya Rutana,kwifadikanya n’abanyagihugu baho mu bikorwa vyo kwongereza inyubakwa yaho bibarukira, mu ntumbero yo kwagura ibitaro vyaho.

Muri urwo rugendo rw’iminsi ibiri yamaze mu ntara ya Rutana,Petero Nkurunziza ntiyafashije gusa mu bikorwa vy’iterambere,yaranatanze imfashanyo y’imuceri ku miryango y’abatwa,abahungutse n’abahontishoboye bo mu kigo Yozefu Mweranda bo mu Kivoga muri komine Bukemba,atibagiye n’imbohe ziri mw’ibohero rya Rutana.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.