Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Uruhara rw’umukenyezi mu muryango ni ntasubirizwa
Yanditswe taliki ya 8-03-2016 - isaha 12:21' na IGIHE

Mu gihe isi yose ihimbaza kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 8 Ntwarante umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi, dushimye kugaruka ku ruhara rw’umukenyezi mu rugo. Muri uwu mwaka w’2016, icivugo c’uwo munsi mukuru mu Burundi ni : Burundi 50 - 50 gushika mu 2025 : dukomeze inzira n’ukunganisha ibitsina.

Umukenyezi n’uwo yaremanywe igitereko. Umupfasoni ashobora kurera ibibondo, akitaho urugo n’umuryango, yaba uwo mu gisagara canke uwo hagati mu gihugu. Ariko, igikunze kubatatandukanya n’inyifato n’imigenzo bagenderamwo.
Nta tandukanirizo ryari rikwiye kuba ku mukenyezi wo mu gisagara n’uwo hagati mu gihugu, kuko uruhara rwabo mu muryango ari rumwe. Ariko, ibihe vyagiye bitandukanya inyifato z’abakenyezi bivanye kandi naho baba. Akarorero, abakenyezi baho bambere, bo mu kinjana ca 19, ntibifata nk’abakenyezi bo muri kino kinjana turimwo ca 21 haba kunyifato, haba mu kwiyumvira canke kunyambaro. Ab’ubu, barashaka kwitiranya uruhara rw’umugabo n’urwumukenyezi. Hari bimwe bimwe bikorwa n’abakenyezi b’ubu, bitakora abakenyezi bo hambere, aho twovuga nko kwamabara amapantaro, gukara, kuduza ijwi hejuru imbere y’umunega, n’ibindi.

Uruhara rw’umukenyezi rwari rukwiye kuba rumwe ku mukenyezi wese wo kw’isi ataravye ngo ava mu gihugu iki canke kiriya. Uruhara rw’umukenyezi si ukuvyara gusa, ariko ahanini ni akamaro agirira umuryango. Muti none uruhara rwiwe rwoba uruhe mu muryango ? Umukenyezi muri kamere kiwe, yarakwiye kuba umuntu yumviriza no gutahura abandi. Hari ibihugu bitari bike kw’isi, usanga agateka k’umukenyezi gahonyangwa ntashobore no kugira ijambo mu rugo. Iyo batagira rero ijambo mu rugo, ntibaheza ngo babe mu kibanza cabo. Ariko iyo borohewe mu ngo zabo, usanga izo ngo zitekanye, hagaragara ubuzima kurusha mbere yaba hari umugabo.

Hari agacamugani kavuga ngo :« Iyo weretse ko ukunda umugore wawe, akuzanira ijuru mu rugo. Iyo umucinyije naho, ukamwaka agateka kiwe, akuzanira umuriro udahera mu rugo rwawe ». Umukenyezi rero kugira ashobore gukora ivyajejwe mu rugo, ni uko agateka kiwe kaba kubahirijwe. Umukenyezi nk’uwo, mu ruhara rwiwe, n’ukuba umugore, kuba uwuvyara akaba na nyina w’ibibondo. Muruhara rwiwe, ategerezwa kuba ari umuntu yitaho urugo n’ibibondo. Ivyo navyo bikaba bitaraba igihugu avamwo canke imico yoba yakuriyemwo.

Aho hambere, uruhara rw’umukenyezi kwari ukuvyara, kurera abana, kwitaho umugabo no kuraba udukorwa two mu rugo gusa. Ariko ubu, ikirengeye kuri ivyo vyose, ab’ubu, barifatanya n’abandi, bakaja mu mashirahamwe y’iterambere abungura ubwenge, ari nabwo butuma n’umuryango utera imbere gusumba.
Ikibabaje, nuko abagabo benshi badatahura abagore babo igihe bagiye mu mashirahamwe kuko bibaza ko igihe boja muri ayo mashirahamwe yungura ubwenge, bazohava babaganza, mu kwanka kuganzwa, mu gihe vyari kugirira ikimazi umuryango mu gihe umukenyezi yunguye ubumenyi, kuko azoca ashobora gukemura ibibazo vy’urugo. Ikindi naco, uruhara rw’umukenyezi mu muryango, ni ukugarukana amahoro n’umutekano mu gihe hadutse urwanko mu muryango kuko muribo, basanzwe bafise urukundo ndemanwa.

Umukenyezi ni isoko ry’iterambere n’ubuzima mu muryango. Hari abatavyifatamwo neza, hakubera umugisha umuryango, bawubera ingorane. Ukwo kuba ingorane y’umuryango, n’ukwo kwirengangiza ivyo wategerezwa gukora, no kwibagira uruhara rwawe. Ahanini, uruhara rw’umukenyezi mu muryango ruhagaze ku kungene aba yifata mu rugo. Ikiranga umukenyezi yipfuzwa mu muryango, ni ukuba incabwenge yuzuye ubwitonzi no kwitaho umuryango impande zose. Nakare ngo, « umukenyezi mwiza, aragwa umuryango ».

Ivyiyumviro vyanyu

Nagomba nkebure abobagabo canke imisore bagifise ivyiyumviro bishaje, kombona hariho ingo nyishi zirirwa zirasamburwa , abagore babo batari mumashirahamwe ? ariko abibereye mwayo mashirahamwe ugasanga nibo biyubashe murugo rwabo. nagomba mbabwire ntagikorwa umugabo yokora umugore atoshobora gukora, inguvu barazifise cane. nagomba bwire uwo mugabo yiyise MUZOMPINYUZE, yavuze rwiburaya niho abagore baganzaabagabo, bakabazanirako abagabo basambana. hano muburundi ubusambanyi burarenze nbega bukorwa nabavuye muburaya, shetani atembera kwisi yose, ahubwo abakenyezi ni bitehe kwijira muvyimyuga nomumashirahamwe bitezimbere, abandi bagende bakore ibibazo vyo gutwaza imiduga baronke amaperemi yogutwaza, barondere hose kuko ntamwuga udakiza. nukuba bizigirwa nibo basigaye arabizigirwa mumashiramwe.

10.03.2016 à 10:21
morodikayi.

Murabaze Abantu Bose Barihanze Mubazungu Kumugabo Waho Hari Ijambo Afise Imbere Yumugore.Naho Wosanga Ariko Arasambana Munzu Iwawe Uramurindira Agaheza Kizire Kunamukubita1)Numugambi Wabazungu Wokunyaga Ubutunzi Africa Babicishije Kubakenyezi.2) Satani Afise Umugambi Wokwifatira Isi Aciye Kubakenyezi Nkuko Yabikoze Mwitongo Rya Edeni Muguhenda Eva. Ariko Kirazira Guhohotera Umugore.

9.03.2016 à 07:12
Muzohinyuze.

Murabaze Abantu Bose Barihanze Mubazungu Kumugabo Waho Hari Ijambo Afise Imbere Yumugore.Naho Wosanga Ariko Arasambana Munzu Iwawe Uramurindira Agaheza Kizire Kunamukubita1)Numugambi Wabazungu Wokunyaga Ubutunzi Africa Babicishije Kubakenyezi.2) Satani Afise Umugambi Wokwifatira Isi Aciye Kubakenyezi Nkuko Yabikoze Mwitongo Rya Edeni Muguhenda Eva. Ariko Kirazira Guhohotera Umugore.

9.03.2016 à 07:10
Muzohinyuze.

UMUKENYEZI AFISE URUHARA RUKOMEYE MUGUKORERA IGIHUGU KUKO MUBARIMYI BAGERA KU800 TURIKUMWE MUMASHIRAHAMWE ABARENGA 700 NABAKENYEZI VYUMVIKANA BAKWIYE KWITABWAHO NDATEYE AKAMO ABAGIRANEZA BUMUTIMA WIKIGONGWE BAZODUSANGE KUKIVI KUGIRA BASHIGIKIRE ABOBAKENYEZI MUKUBARONSA IBIKORESHO VYOKURIMA NKAMASUKA NAHO BABIKA UMWUMBU NINYIGISHO YUKUNTU BOKWITEZIMBERE KUKO BIRASHOBOKA MURAKOZE TER 79928549/77743083 DUKORERA KAYANZA NA NGOZI

8.03.2016 à 21:01
mbonankira charles

NTIBIZOSHOBOKA

8.03.2016 à 20:00
LION

Vyari Vyo Mugabo Banganye N Abagabo Boca Babiganzako.

8.03.2016 à 19:55
Lion

Mukihenda canee canee abagore babategetsi nimwe muhendwa bwaca mugahimigi abagore Ngo tunganye 50-50 mbeko ibyo imana itigeze ibishinga ntimubona kwarabazungu babakoronije mbeboguma kuribyo bariko bibatwaye iki ngabo nimubarenze muzikangura intama yuriye inzu.

8.03.2016 à 19:45
karorero

NDABASETSE NGUMUGORE ANGENE NUMUKABO ?MBE MUBONA HARINGO ZOSUBIRA KWUBAKA ?TUNGANYE MUMENYE KO ATAMUGORE YOSUBIRA KWUBAHA KUK MURIBO BAFISE UGUKENGERANA NAGAHENGWE DUFISE NUKO BAZI ARITWE TUGABA NAYOHANDIHO RIBA RYARAGUYE

8.03.2016 à 13:03
KIBWA

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.