IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urunani rw’amasendika COSYBU na Leta bashitse ku mwumvikano

Urunani rw’amasendika COSYBU na Leta bashitse ku mwumvikano

mardi 21 Rusama 2013

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, icegera c’umukuru wa w’urunani rw’amasindika(COSYBU) yamenyesheje ko ashima intambwe bagezeko na Leta ku biganiro bagiranye kuva kwezi kwa Ruhuhuma gushika ubu, aho baraye bashitse ku mwumvikano hagati y’impande zose.

Nk’uko vyashikirijwe na Eulalie Nibizi, kuva mu ntango z’umwaka w’2014, hisunzwe ivyavuye mu mwumvikano hagati y’abaserukira abakozi na Leta, nta mukozi azoja musi y’amafaranga ibihumbi ijana vy’amarundi. Aho ni mu rwego rw’abakozi bafise amashure abayabaye, umushahara ukuzoca uza uraduga bivanye n’urupapuro rw’umutsindo rw’umukozi, hatibagiwe uburambe mu kazi.

Hakaba hari ubushikiranganji butazokwegwa n’izo ngingo ziri muri ayo masezerano ku kiringo c’imyaka ibiri kuko abakozi babwo basanzwe bahabwa agashahara kari hejuru ugereranije n’abandi bakozi ba Leta. Akarorero ni nk’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, ubushikiranganji bw’intwaro ibereye, abapolisi n’abasirikare.

Twobamenyesha ko niyaheza kwigwa mu nama nshikiranganji ku genekerezo rya 5 n’irya 6 Ruheshi 2013, ayo masezerano azoca atangura gushirwa mu ngiro mu ntango z’umwaka w’2014 buca dutangura.

Abahurikiye muri CONAPES basanzwe bari muri yegereyegere kuva ku musi w’ejo igenekerezo rya 20 Rusama ntibari bitavye ico kiganiro, bakaba bari mu nama n’umushikiranganji w’abakozi ba Leta.

Eularie Nibizi, icegera c’umukuru wa COSYBU agasaba abashikiranganji kwiga ico cegeranyo kugira mu gihe ca vuba abajejwe integuro y’amafaranga Leta izokoresha mu mwaka w’2014 bazobikorereko.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.