IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwaruka rukwiye kwirinda abanyeporitike baruhenda rukijukira ibikorwa (...)

Urwaruka rukwiye kwirinda abanyeporitike baruhenda rukijukira ibikorwa vy’iterambere

mardi 18 Ruhuhuma 2014

Urwaruka ruva mu bihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko ruri mu nama yo kwigishwa ingene boshobora kubumbatira amahoro n’iterambere mu karere basanzwe bavamwo Mu nyubakwa Source du Nil.

Muri iyo nama ihurikiyemwo urwaruka ruje ruva mu bihugu vyo mu karere k’Afrika y’Ubuseruko hamwe no muri Amerika, igihugu ca Bresil, yatunganijwe n’ishirahamwe initiative et changement Tugendere Ubuntu, akaba ariyo gushira hamwe urwo rwaruka mu kugira bagwigishe intwaro ibereye, uburongozi bwiza, hamwe n’iterambere rirama. Abatumire batandukanye bakazorwigisha ingendo zifatiye ku burangamutima nk’akarorero kuba intungane kwama rwigenza neza, kubikorana urukundo, rukabikora no kuneza ya bose, kuko mu gihe ruhindutse narwo rushobora guhindura abandi. Inyuma y’izo nyigisho rero, urwaruka ruzoheza rutore ingendo ngenderwako rushobora gukurikiza.

Nk’uko Augustin Nzojibwami abandanya abishikiriza, mu bindi bihugu, urwaruka rurateye imbere mu vyerekeye gukingira ibidukikije, kurwanya ibiturire hamwe n’akaryo ko kurahura ubwenge ku rurwo rwaruka. Umwe mu rwaruka rwaje ruserukira igihugu ca Kenya Zachariah Muturi, avuga ko imwe mu ngorane urwaruka rufise ari uko rukumirwa mu gutora imigambi, ariko hagera gukoreshwa ibintu bibi yaba ubwicanyi, gusambura rukaba bitumwako.

Iyindi ngorane n’uko rwugarijwe n’ubukene, kubera ibura ry’akazi, gurtyo rero abenshi bakaja bihebera ubuhumbu hamwe n’ibiyayuramutwe. iyo nama ikaba ari akaryo ko kurabira hamwe ingene botorera inyishu ivyo bibazo vyose. Uwo musore agahamagarira urundi rwaruka, kwijukira ibikorwa kuko nta nyungu n’imwe urwaruka rwigeze rukura mu ndyane.

Iyo nama rero izomara iminsi, ikaba yitabwe n’urwaruka ruva mu bihugu Burundi, Rwanda, Kenya, Ethiopie, Soudani y’amaja Epfo ,Soudani ya Ruguru, Somalie, Tanzaniya na Bresil.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.