IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Makamba : Urwaruka rwatunganije imigambi myiza rwarahawe inyigisho

Makamba : Urwaruka rwatunganije imigambi myiza rwarahawe inyigisho

jeudi 2 Nzero 2014

Ikigo CUFORE caratanze udushimwe ku rwaruka rwakwirikiranye inyigisho zo gutunganya imigambi (entrepreneuriat) muri ico kigo, nk’uko bivugwa n’ico kigo CUFORE (Centre de Formation et de Recheche en Entrepreneuriat).

Haracariho intambamyi ku rwaruka yo kuguma biruka kurondera ubuzi canke bahanga amaso Reta aho kwiyumvira ubwabo bagatunganya imigambi yo kwiteza imbere nabo bagaheza bagatanga ubuzi.
Mu rugendo ikigo CUFORE cagize mu ntara za Makamba baja guhimiriza urwaruka gutunganya imigambi ubwabo bwite, mu kigo CUFORE biyemeje gukurikirana imigambi 30 yakozwe n’urwaruka rwo ngaho mu ntara ya Makamba, hamwe na Rutana, nk’uko bivugwa n’umupfasoni Faraziya Bigirimana asanzwe arongoye ico kigo.
Urwo rwaruka rero rwatowe mu bandi 341 bari bahawe inyigisho n’ico kigo nyene ca kaminuza y’umuco y’i Bujumbura.

Tubibutse ko kw’igenekerezo rya 17 Kigarama 2013, ikigo CUFORE kibifashijwemwo n’ishirahamwe Spark bari batunganije inama ijanye no guhanahana ivyiyumviro kucokorwa, kugira urwaruka rwiyumvemwo gutanguza imigambi hamwe no kubigisha ingene borondera uburyo, kuko ari nayo ntambamyi akenshi urwaruka rukunda guhura n’ayo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.