IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwego CNC ruragabisha ibimenyeshamakuru bibeshuza amakuru bitatohoje

Urwego CNC ruragabisha ibimenyeshamakuru bibeshuza amakuru bitatohoje

mercredi 25 Ruheshi 2014

Hari ingeso imaze iminsi yibonekeza mu bimenyeshamakuru bimwe bimwe, aho usanga hari ikinyamakuru kimwe gikora inkuru, hama ikindi kigakora iyo kuyibeshuza, kandi ata matohoza yakozwe n’uwo aba ashaka kubeshuza. Mu rwego CNC bavuga ko ibihano bigiye kuzofatwa.

Richard Giramahoro, umukuru w’urwego CNC (Conseil National de la Communication) rujejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi yibutsa ko umumenyeshamakuru afise uburenganzira bwo kuja gutohoza inkuru, akayishikiriza yayiboneye. Mu gihe rero hari abamenyeshamakuru babiri bovuga ibihushane ku nkuru imwe, kandi vyitwa ko babonye bimwe, haba harimwo umwe atariko arubahiriza amategeko y’ukumenyeshamakuru, kuko muri vyose ukuri kuguma ari kumwe. Kuri abo bamenyeshamakuru barindira ko bagenzi babo batohoza amakuru, kugira bace bakora nabo ay’ukuyabeshuza, kandi batayatohoje, Richard Giramahoro, umukuru w’urwego CNC, asaba abo vyoshikira kuzokwitura urwego CNC, kugira abo bamenyeshamakuru bahindura inkuru bagashikiza ibinyoma bafatirwe ibihano.

Umukuru wa CNC ahanura abo bamenyeshamakuru bahemuka, abibutsa ko amategeko agenga umwuga w’ukumenyeshamakuru azobafata, mu gihe batohindura ingendo.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nyakubahwa urongoy CNC, murarabe ntibabate mu mitego kuko hari abashikiriza inkuru bashikuza ni ngobwa rero abayumvise bakayigirako amakenga bayitohoza na bo bakagira ico bashikirije. Ico twokwemeranya n’uko bigaragaye ko iyo nkuru haje igihushane cayo mwoca muhamagara abo bompi babiri bayishikirije kumbure namwe mugaca muronderamwo uwavuze ukuri cank uwabeshe kandi uwo bigaragaye ko yabeshe agahanwa bimwe vyakarorero mbere agafutwa muri urwo rwego kuko aba agomba guta mu manga igihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.