Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urwego CNC rwavuniye akagohe abamenyeshamakuru - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwego CNC rwavuniye akagohe abamenyeshamakuru

Urwego CNC rwavuniye akagohe abamenyeshamakuru

samedi 8 Ruhuhuma 2014

Urwego CNC (Conseil National de la Communication) rujejwe gucungera itangazamakuru rusaba abamenyeshamakuru gukora bisunze amategeko, hamwe n’ukwirinda kujana n’intumbero z’abanyeporitike bamwe bamwe bafise inyungu baharanira.

Muri kino gihe hibonekeza ingorane mu mugambwe UPRONA, ku kibazo kimaze iminsi cerekeye ikurwa n’isubirizwa ry’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, mu rwego rujejwe itangazamakuru CNC bavuniye akagohe abamenyeshamakuru, aho babasaba gukora bisunze amategeko ajanye n’umwuga wo kumenyeshamakuru, na cane cane mu ngingo ya 17 isaba umumenyeshamakuru gutanga amakuru mu gihe yumvirije impande zose kandi yatohoje neza. Ikigo CNC gisaba abamenyeshamakuru ko mu gihe cose bakeneye insiguro bakwiye guhamagara abahinga kugira birinde gutanga insiguro zisa nizihengamye, canke zifise ibindi zishaka gushikako.

Mwomenya ko Petero Bambasi asanzwe atwara urwo rwego CNC atigeze atunga agatoke ikinyamakuru na kimwe ku vyerekeye ukwo guhengama. Ahubwo yamenyesheje ko ari akamo kugira bakinge abohava batwarwa, bagahengama kubera inyungu kanaka z’abanyeporitike. Petero Bambasi abandanya avuga ko mu gihe umuntu yofata umwanya akwihweza neza ashobora kubona abo kaciyemwo, ugasanga ntibisunze amategeko y’umwuga abagenga.


Floxella Karire

Messages

  • Naze nyene aratanga izo mpanuro nayo ahandi ho hariho ibinyamakuru bimwe bimwe n’amaradiyo usanga bidakurikiza akarangamutima kavyo bigatanga amakuru ahengamiye kuri uyu canke uriya. Muri ico gihe uwuyumvirije ntamenya aho ukuri kuri, ivyo binyamakuru rero bihengamye birabe vyikebuke!

  • Jewe mugushigikira Bambasi nashaka naya makomantere dutanga bazebarayajonjora nkakarorero nkumuntu yanditse ngo umushikiranganji Nduwimana akwiye kwiyahura ico ciyumviro nticarigikwiye kurengana kuko nkatwebwe abarundi umushikiranganji yiyahuye ryobaribara kubarundi bose.

  • Mama none ushaka umu menja nka Nduwimana ko tiha akagozi yenene canke ubuki ace aja mugitanda? Kuko kuri twebwe tubona akwiriye no kutitwa izina ryumurundi. Ahubwo yarakwiriye kuja kuba mu Rwanda kuko niho hakorerwa ibikorwa vyububisha nkivyi wiwe. We ko ushaka kumuvugira urazi ibibi akorera abahutu? Please dear nivyiza ko wi huramira. Naho kubijanye no kumenyesha amakuru, ushaka abamenyeshamakuru ko bashigikira iyo Leta yaba bandits mumakosa. Abarundi benshi turashigikiye abamenyeshamakuru havuyemwo abo baswaganyi BA Rema FM.

  • kuko bariko bavuga ubutegetsi bwaguhaye none ngo ibere rirayaze, emwe turacagowe none nakariho ntikavugwa ?

  • Josua ivyowifuriza ikiremwa muntu caremwe nkawe ngo numumenja ngoyihe akagozi yenene canke ubuki, wihangane ararushe abarundi bacumugani ngo urucira mukaso rugatwara nyoko.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.