IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwego rw’igipolisi ruhamagarirwa gukorana ishaka n’ubutwari

Urwego rw’igipolisi ruhamagarirwa gukorana ishaka n’ubutwari

samedi 5 Gitugutu 2013

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yasavye intwazangabo zo kw’ishure rikuru ry’igipolisi ry’i Bubanza zaraye zironse impapuro z’umutsindo, ko zokwitwararika umutekano w’abanyagihugu kurusha ikindi cose, zirushuriho kurwanya imikenyuro y’abicanyi n’abagizi ba nabi.

Kugira ibikorwa vyo kubumbatira umutekano w’igihugu bishikweko, Petero Nkurunziza yamenyesheje ko hakenewe igitigiri c’abapolisi bakwiye kandi babushitse, abagabo n’abapfasoni b’incabwenge kandi b’inkerebutsi bashobora guhangana n’icoba kije cose.

Muri ivyo birori vyo gutanga impamyabushobozi ku ntwazangabo za mbere z’ishure ry’igipolisi, vyariko bibera mu ntara ya Bubanza ku munsi w’ejo kuwa gatanu, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarashimiye ibihugu bigenzi vy’Uburundi bidahengesha gufasha yaba mu nyigisho canke mu myimenyerezo y’urwego rw’igipolisi. Aho yavuze nk’Ubufaransa ari nabwo bwatanze imfashanyo yubatse iryo shure, Ubudagi, Ububirigi, Pays Bas, Leza zunzubumwe z’Amerika hamwe n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu nka PNUD (Programme des Nations Unies pour le Developpement). Bose yabasavye kurwiza imfashanyo kuko atari mu Burundi gusa bakenewe, no mu makungu bahora baja guhagararira amahoro aho yahungabanye.

Kubw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, iyo igihugu gifise abapolisi b’intwazangabo bazi igikorwa cabo mu buzima bwa minsi yose, ibikorwa vyabo biba ngirakamaro ku banyagihugu bose, ari naco gituma Leta yiyemeje kwubaka igipolisi giteye imbere, gifise ubuhinga kandi cegereye abanyagihugu. Ivyo vyose bigashoboka iyo hari indongozi zo muri urwo rwego zishobora gutunganya akazi neza.

Mu gihe abicanyi n’inkozi z’ikibi ziguma zirwiza kandi zigahindura uburyo zikora, Petero Nkurunziza yasavye intwazangabo zari zihejeje kuronka impapuro z’umutsindo ko zokorana ukwitanga kwinshi, ntizishire imbere inyungu z’amafaranga, ahubwo zishire imbere ineza y’abanyagihugu barindiranye igishika ubumenyi izo ntwazangabo zahawe.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.