USA isaba Reta y’Uburundi kwemera amatohoza yigenga

Yanditswe na IGIHE
Kuya 22 Nzero 2016 saa 02:24
Yasomwe : 28746
0 0

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zihamagarira Reta y’Uburundi kwemera amatohoza yigenga,inyuma y’icegeranyo cerekanye ko hari ibikorwa vyo guhonyanga agateka ka zina muntu bibera mu Burundi.
Mw’itangazo rya Reta Zunze Ubumwe za Amerika,isaba Reta y’Uburundi kwemera abarorerezi b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,kugira bagire amatohoza ku bivugwa ko hari ugusinzikaza agateka ka zina muntu ku rugero rukomeye,kandi bareke guhungabanya igikorwa cabo.
Muri iryo tangazo,Reta Zunze Ubumwe za Amerika (...)

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zihamagarira Reta y’Uburundi kwemera amatohoza yigenga,inyuma y’icegeranyo cerekanye ko hari ibikorwa vyo guhonyanga agateka ka zina muntu bibera mu Burundi.

Mw’itangazo rya Reta Zunze Ubumwe za Amerika,isaba Reta y’Uburundi kwemera abarorerezi b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,kugira bagire amatohoza ku bivugwa ko hari ugusinzikaza agateka ka zina muntu ku rugero rukomeye,kandi bareke guhungabanya igikorwa cabo.

Muri iryo tangazo,Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko abantu bose bakorera amabi abarundi bazoshikanwa imbere y’ubutungane kandi babibazwe kandi bavyishure.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zisaba ko ibiganiro atawe bikumira kandi ataco bisavye vyotangura mu maguru masha hagati y’impande zose zegwa n’ikibazo c’Uburundi.

Kuva mu kwezi Munyonyo umwaka wa 2015, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zarakuye uturusho ku Burundi,mu bijanye no kwinjiza canke gusohora ibidandazwa muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.


Kumenyekanisha

1
Benjamin 24-01-2016 à 18:44

Mbega Muburundi Vyifashe Gute?Hazova Iryane Zokuryanira Igihugu Ryari? Ntiyorekura Atakirinze Gusabwa!

2
Swing Lov 23-01-2016 à 09:49

Nivyo Impanuro Zirakunda.Ariko Iyovyase Inguvu Zirakoreshwa?Erega Uwutoso Ifuku Yamiza mwakast.

3
Mpozamarira Erias 23-01-2016 à 03:00

Ntaguye ngushimira reta zunzubumwe Zamerika nkungingo mwafashe nzokurungika, abazoza gukora amatohoza kumabi ariko arakorerwa mugihugu cacu.Ariko tunasaba kwo ngerezinguvu, mukugondoza Nkurunziza na karwi kiwe gafukamye igihugu munda, Asante.

4
nyakanga 22-01-2016 à 22:53

tubandane twihenda hazogera igihe aho tuvuga ngoiyo menya nayo amatwi y’impene yunva yokeje

5
INTAGOHEKA 22-01-2016 à 19:45

EWE AMERICA WATAY UMUTWE AHOGUTOHOZA INGENE ZANDEGE ZANYU ZAGONGANYE MURI SIRIYA MUGOMBA GUTOZA MUBURUNDI?KURAJE ARIKO MUZOSHIRA NKIFU YIMIJISA NDABARAHIYE KUKO INKONA NTIYARUZWA

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha