IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > USA: Paulina Vega umwigeme wa mbere mwiza kw’isi (raba Video (...)

USA: Paulina Vega umwigeme wa mbere mwiza kw’isi (raba Video n’amafoto)

lundi 26 Nzero 2015

Umwigeme w’imyaka 22 avuka mu gihugu ca Colombiya niwe yaraye yambitswe ikanga ry’umwigeme mwiza kw’isi mw’ihiganwa ryabereye i Miami.

I Miami mu ntara ya Florida rongoye na Buramatari Rick Scott iri mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, haraye hatowe umukobwa wa mbere mwiza kandi aciye ubwenge. Uwo nawe avuka mu gihugu ca Colombiya, yitwa Paulina Vega afise imyaka 22 y’amavuka. Yatsindiye ihiganwa rigira incuro ya 63.

Igitsibo gikozwe mu butare bwa Diamants yacambitswe n’uwo akuye ku ngoma Gabriela Isler wo muri Vénézuéla yari yatowe mu myaka uheze. "Miss Univers" wa Colombiya yakurikiwe n’uwo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’umwigeme wo muri Ukraine

Paulina Vega yatanguye gutorwa nka Miss Brabant Flamand hanyuma atwara ikibanza ca mbere mw’ihiganwa rya Miss Belgique aho yasubirira Laurence Langen mu mwaka w’i 2014.

Mwomenya ko Paulina Vega yahiganywe n’abigeme bagera kuri 90 bavuye mu mihingo itandukanye yo kw’isi.

Ihiganwa rya Miss Univers ryatangujwe n’uwitwa Donald Trump, mu guhiganwa abigeme batangura kurengana imbere y’abarorerezi n’abatanga amanota bambaye uduhuzu two munsi dupfuka igitsina n’udupfuka amabere gusa(bikini), hanyuma bakagaruka bambaye amakanzu maremare bita " robe de Soiree" ari naho baca batangura kubazwa ibibazo bitandukanye aho rero haheza hagatorwa uwa mbere n’abandi babiri bamukurikira.

Raba uko ibirori vyagenze


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.