Accueil > Amakuru > u Burundi > USA yasavye abanyagihugu n’abakozi bayo kuva mu Burundi
USA yasavye abanyagihugu n’abakozi bayo kuva mu Burundi
lundi 14 Kigarama 2015
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zasavye abanyagihugu bazo kutinjira ku butaka bw’Uburundi,zisaba kandi abakozi bazo basanzwe bari mu Burundi ariko badakenewe cane,kuva mu Burundi bigishoboka.
Iradiyo y’abongereza BBC imenyesha ko kuri uno w’Imana igenekerezo rya 13 Kigarama 2015, Amerika yasavye abanyagihugu bayo bidakunda ko bava mu Burundi kuguma mu mazu yabo ntibaje hanze.
Iryo tangazo rya Reta Zunze Ubumwe za Amerika ryasohotse inyuma yaho kuwa gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama 2011,amakambi atatu ya gisirikare aterewe n’umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho,umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi yise umwansi mw’itangazo yasohoye inyuma y’ibitero.
Ivyo bibaye mu gihe,mu kwezi guheze kwa Munyonyo umwaka w’2015,Ububirigi bwasavye abanyagihugu babwo kuva mu Burundi. Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya naryo ryagabanije abakozi bakorera mu gisagara ca Bujumbura ivy’agateganyo kandi rirungika imiryango yabo hanze y’Uburundi.
Icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kimenyesha ko n’imiburiburi abantu 240 bamaze gupfa abandi bababa ibihumbi 200 barahunga,kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane,bimenyekanye ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azosubira kwitoza ngo arongore Uburundi.
Messages
14 Kigarama 2015, 16:33, par Avec
None Amerika iciye ishavura kubera abajejwe umutekano i Burundi barwanije umwansi bakamubuza gushika kucoyashaka?
14 Kigarama 2015, 18:59, par Pontien
EWe wiyita avec, abarundi bavuga ngo rwishe abandi rutakwibagiye... akaje ntikazira umwe... inkubarabije ntuvuge ngo mara umwasi kuko n’uwawe vyojana!
uwicisha inkota nawe azicishwa inkota, uko biri kose abantu mukwiye kumenya ko hari umucamanza mukuru,Imana nzima itarenganya kandi itarya ingurire izobacira urubanza mwese.
Reka gupfa ubusa kuko vyose n’ubusa!
14 Kigarama 2015, 20:02, par Gabarer Mesure
Wy USA REQUEST THEIR PEPEOLE TO LEAVE BURUNDI’S COUNTRY? THERE NOT ANY THING INSIDE THAT ?USA GIVE US LIGHT YOU ABANDON US ? CAN WE LEAVE OUR COUNTRY WE ARE TOO TRAMBLING ! BUT WE MISS THE MEANS!
14 Kigarama 2015, 20:10, par Nzitonda
America Izohinyuka Aho Ihengamiye N’urwanda Rwamenyekanye Kwarirwo Ruvamwo Abatera Uburundi!Muzohinyuka Namwe!
14 Kigarama 2015, 20:14, par Deo Ndikumana
None Amerika Iratayeabarundi
14 Kigarama 2015, 21:36, par turarushe
nibigire dusigare turahona nkabana b,inkoko bahavuye uburundi bwacu umenga n,Imana yarabuhevye mukubuha abategetsi batanezwe abanyagihugu
14 Kigarama 2015, 22:22, par Irishura
Jewe Ayo Makungu Angeze Ahantu Kandi Arantangaza.None Twatewe Bashaka Tureke Kwivuna?Emweee Bizoteba Ivy’ayo Makungu Imana Izobagaragaza Ukuri Kumenyekane.Turakeje Inzego Z’Ukwivuna Abansi N’iz’ Umutekano Kugikorwa Ciza Bakoze Co Gutuza Umwansi!Tubasabe Ntibacanemwo!Komera Kumuheto Muri INTWARI
14 Kigarama 2015, 22:25, par Irishura
Jewe Ayo Makungu Angeze Ahantu Kandi Arantangaza.None Twatewe Bashaka Tureke Kwivuna?Emweee Bizoteba Ivy’ayo Makungu Imana Izobagaragaza Ukuri Kumenyekane.Turakeje Inzego Z’Ukwivuna Abansi N’iz’ Umutekano Kugikorwa Ciza Bakoze Co Gutuza Umwansi!Tubasabe Ntibacanemwo!Komera Kumuheto Muri INTWARI
15 Kigarama 2015, 09:33, par BlG Joe MUHUta
jehova natabre abrund usa nne icduheb?hoktugum haf ntaknd nahman trhona kk abibza ko bdi artong ryab ar bnsh.mana tabraa trahonye.!!!!
15 Kigarama 2015, 21:00, par Jean Bosco
None Ko Amakungu Abajana Kunguvu,yibazako Petero Ariwe Kibazo.Ikibazo Kiri Kuribo Bakokeje Bibaza Ngo Bica Bigenda Uko Bavyibaza.Ikibabaje Gusumba Ikindi,nurwanda Ruriko Gwigishirizwamwo Abatera Igihugu Cacu N’amakungu Abafasha.