Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
USA yasavye abanyagihugu n’abakozi bayo kuva mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > USA yasavye abanyagihugu n’abakozi bayo kuva mu Burundi

USA yasavye abanyagihugu n’abakozi bayo kuva mu Burundi

lundi 14 Kigarama 2015

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zasavye abanyagihugu bazo kutinjira ku butaka bw’Uburundi,zisaba kandi abakozi bazo basanzwe bari mu Burundi ariko badakenewe cane,kuva mu Burundi bigishoboka.

Iradiyo y’abongereza BBC imenyesha ko kuri uno w’Imana igenekerezo rya 13 Kigarama 2015, Amerika yasavye abanyagihugu bayo bidakunda ko bava mu Burundi kuguma mu mazu yabo ntibaje hanze.

Iryo tangazo rya Reta Zunze Ubumwe za Amerika ryasohotse inyuma yaho kuwa gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama 2011,amakambi atatu ya gisirikare aterewe n’umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho,umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi yise umwansi mw’itangazo yasohoye inyuma y’ibitero.

Ivyo bibaye mu gihe,mu kwezi guheze kwa Munyonyo umwaka w’2015,Ububirigi bwasavye abanyagihugu babwo kuva mu Burundi. Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya naryo ryagabanije abakozi bakorera mu gisagara ca Bujumbura ivy’agateganyo kandi rirungika imiryango yabo hanze y’Uburundi.

Icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kimenyesha ko n’imiburiburi abantu 240 bamaze gupfa abandi bababa ibihumbi 200 barahunga,kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane,bimenyekanye ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azosubira kwitoza ngo arongore Uburundi.

Messages

  • None Amerika iciye ishavura kubera abajejwe umutekano i Burundi barwanije umwansi bakamubuza gushika kucoyashaka?

  • EWe wiyita avec, abarundi bavuga ngo rwishe abandi rutakwibagiye... akaje ntikazira umwe... inkubarabije ntuvuge ngo mara umwasi kuko n’uwawe vyojana!
    uwicisha inkota nawe azicishwa inkota, uko biri kose abantu mukwiye kumenya ko hari umucamanza mukuru,Imana nzima itarenganya kandi itarya ingurire izobacira urubanza mwese.
    Reka gupfa ubusa kuko vyose n’ubusa!

  • Wy USA REQUEST THEIR PEPEOLE TO LEAVE BURUNDI’S COUNTRY? THERE NOT ANY THING INSIDE THAT ?USA GIVE US LIGHT YOU ABANDON US ? CAN WE LEAVE OUR COUNTRY WE ARE TOO TRAMBLING ! BUT WE MISS THE MEANS!

  • America Izohinyuka Aho Ihengamiye N’urwanda Rwamenyekanye Kwarirwo Ruvamwo Abatera Uburundi!Muzohinyuka Namwe!

  • None Amerika Iratayeabarundi

  • nibigire dusigare turahona nkabana b,inkoko bahavuye uburundi bwacu umenga n,Imana yarabuhevye mukubuha abategetsi batanezwe abanyagihugu

  • Jewe Ayo Makungu Angeze Ahantu Kandi Arantangaza.None Twatewe Bashaka Tureke Kwivuna?Emweee Bizoteba Ivy’ayo Makungu Imana Izobagaragaza Ukuri Kumenyekane.Turakeje Inzego Z’Ukwivuna Abansi N’iz’ Umutekano Kugikorwa Ciza Bakoze Co Gutuza Umwansi!Tubasabe Ntibacanemwo!Komera Kumuheto Muri INTWARI

  • Jewe Ayo Makungu Angeze Ahantu Kandi Arantangaza.None Twatewe Bashaka Tureke Kwivuna?Emweee Bizoteba Ivy’ayo Makungu Imana Izobagaragaza Ukuri Kumenyekane.Turakeje Inzego Z’Ukwivuna Abansi N’iz’ Umutekano Kugikorwa Ciza Bakoze Co Gutuza Umwansi!Tubasabe Ntibacanemwo!Komera Kumuheto Muri INTWARI

  • jehova natabre abrund usa nne icduheb?hoktugum haf ntaknd nahman trhona kk abibza ko bdi artong ryab ar bnsh.mana tabraa trahonye.!!!!

  • None Ko Amakungu Abajana Kunguvu,yibazako Petero Ariwe Kibazo.Ikibazo Kiri Kuribo Bakokeje Bibaza Ngo Bica Bigenda Uko Bavyibaza.Ikibabaje Gusumba Ikindi,nurwanda Ruriko Gwigishirizwamwo Abatera Igihugu Cacu N’amakungu Abafasha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.