IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Uturwi duhungabanya abanyagihugu ntituzihanganirwa mu karere ka (...)

"Uturwi duhungabanya abanyagihugu ntituzihanganirwa mu karere ka EAC"

mercredi 13 Munyonyo 2013

Uburundi n’ibihugu bigize umuryango w’Afrika y’UBuseruko ntibizihanganira uturwi turara abanyagihugu ku mugono. Ivyo bikaba vyashikirijwe na Busokoza Bernard, icegera c’umukuru w’igihugu mu bikorwa vyo kwugurura inama igira kabiri y’amahoro n’umutekano mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Muri iyo nama rero bigaragara ko yitabwe n’abanyacubahiro batandukanye barimwo abarongoye inama nshingamateka na nkenguzamateka, umuhuza w’abarundi, abashikiranganji bajejwe iyinjira ry’ibihugu vyabo muri EAC, abari mu nzego zirongoye iryo shirahamwe, n’abandi banyacubahiro batandukanye. Umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri EAC, yavuze ko icivugo c’uyo munsi kigira kiti:’Gukomeza umuco w’ikiyago no guhariranira mu gukinga amatati" kiri mu nzira nziza yo gutsimbatariza amahoro n’umutekano mu karere k’Afrika y’Ubuseruko. Leontine Nzeyimana rero akaba avuga ko inzego zijejwe umutekano mu karere ka EAC zoguma zironswa inyigisho mu ntumbero yo gukinga amabi yose yo kwaduka.

Mw’ijambo nyamukuru ryashikirijwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Busokoza Bernard, yavuze ko akarere k’Afrika y’Ubuseruko kagiye karahura n’ingorane zitandukanye kuva mu kinjana ca 21. Aha akaba yavuze intambara zabaye mu Burundi, ihonyabwoko ryabaye mu gihugu c’Urwanda mu mwaka w’1994, imirwi yama idogoya abanyagihugu bo mu Buraruko bwa Uganda, indyane zadutse mu gihugu ca Kenya inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2007, eka n’ugushamirana guhora kwibonekeza mu gihugu ca Tanzaniya bivanye n’ukudahuza mu kwemera kw’abanyagihugu. Ku bw’ivyo rero, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu akaba avuga ko uturwi tudogoya abanyagihugu tutazihanganirwa na gato mu karere ka EAC.

Busokoza akaba yavuze ko ikiyago, umwumvikano n’ibiganiro ari bimwe mu nkingi z’amahoro. ivyo bikaba bikinga indyane zose zokwaduka kubera ukutumvikana ukwo ari ko kwose. Amahoro n’umutekano rero muri EAC bitegerewza gukomezwa, hagakingwa ico cose cokwadukana indyane mu bonse rimwe, umugambi wo gukomeza ibiganiro n’uguhariranira mu gukinga intambara bigakomezwa ku neza y’Akarere kose.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu akaba yavuze mu gusozera ko umuntu wese aho ari, akwiye gukora ibishoboka kugira amahoro n’umutekano bitsimbatare aho aherereye kuko ata mahoro nta terambere, ata mahoro n’amarira n’amaganya vyuzura mu mitima y’abanyagihugu,ubwicanyi bugahekura abavyeyi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Kwifatanya n’abandi ku neza ata karigangamuhogo n’ayandi matiku, ni vyiza kandi ni ivyo gushigikira. Ari ibijanye n’iterambere ry’abanyagihugu, ivyo birashobora kurabwa ukugene vyoshirwa mu ngiro. Ariko nk’ibibazo nkoramutima bijanye n’ubwicanyi, inyuruzwa ry’itunga rya Leta, ivyo ni ukuvyitondera. Hari abashaka kwinyegeza usange bikwegeye mu kaga abandi. Nkiyumvira ko ari ngombwa ko igihugu kimwe kimwe cose cobanza gukura amatati n’izindi nzitizi zikibangamiye imbere ko cifatanya n’ibindi bihugu bibanyi. Gufatira kivunga ibintu ni ivyo vyazingamishije igihugu c’u Burundi, abategetsi n’ubutungane ata jambo bagira bakura mu kanwa. Kuvuga ko ubwicanyi mu Burundi bwabaye 1972 na 1993, ni ca kinyoma abantu bagomba kunyegeza no kujuragiz’abantu. Gufatira ibintu mu kivunga akaba ari bwo buryo babona kandi bworoshe ko izo nkozizikibi zitomenyekana. Uburorero tukaba tutabubuze-Kajaga na Arusha

  • Bavuga ngo ubwenge burarahugwa . None jewe nagira ngo ukwifatanya n’abandi n’ukubigako ivyiza biri iwabo ? Ikindi naco, igihugu cacu caciye mumakuba meshi ntitwokwihebura ariko bisaba inguvu nyishi. Ariko twova muvyo guterana amajambo twokogorora umwe wese akamenyako ategerezwa guterera mukubaka igihugu cacu . Uburundi n’izina, Igihugu ni jewe na wewe twese dutegerezwa kubukingira ! IZERE EJO .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.