IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uwukorera RPA mu ntara ya Muyinga yarungikiwe uwundi mutahe wo (...)

Uwukorera RPA mu ntara ya Muyinga yarungikiwe uwundi mutahe wo kwitaba

samedi 18 Ndamukiza 2015

Alexis Nimubona akorera RPA mu ntara ya Muyinga, yasubiye guhabwa uwundi mutahe wo kwitaba umushikirizamanza wa Repuburika muri iyo ntara.

Alexis Nimubona akorera RPA i Muyinga

Alexis Nimubona rero akavuga ko yatangaye rwose kubona umutahe yarungikiwe bisa naho uwo yari yarungikiwe ubwa mbere yanse kuwitaba, kandi ico gihe c’igenekerezo rya 16 Ndamukiza, yari yivuganiye n’umushikirizamanza ko yafatiriwe, uwo nawe, aramwishura ko ikindi gihe c’ukwitaba, azobaza abandi, gurtyo agahabwa isango rindi. Alexis Nimubona rero akaba yarungikiwe umutahe wo kwitaba kuri uyu wa 21 Ndamukiza uwu mwaka, ku mvo z’amatohoza.

Spes Caritas Kabanyana akorera radiyo Isanganiro mu ntara ya Bubanza

Alexis Nimubona, akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko ariko aburagizwa ku makuru yatanze, ku nyandiko zitagira imikono zariko zizunguruka ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga, zivuga ko abatazotora umugambwe CNDD FDD bazibonerako. Uwo mumenyeshamakuru wo mu ntara ya Muyinga, akaba yatumweko, mu gihe uwuserukira ISANGANIRO mu ntara ya Bubanza we, amaze guterwa incuro zibiri zose ku muhana iwe, aho mbere n’amabati y’inzu yiwe yahevye akanatoborwa n’abo bamutera mw’ijoro, bagaterako ibintu bimeze nk’ivyuma.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona na CNC (Conseil National de la Communication), rivuga ko, CNC ikurikiranira hagufi umutekano w’abamenyeshamakuru, kandi ko umumenyeshamakuru wese afise uburenganzira bwo kuba mu Burundi, hamwe n’ubwumutekano wiwe. CNC kandi ikaba iteye ivyatsi yongera yiyamiriza ibitero bimaze iminsi bigirwa ku bamenyeshamakuru, na cane cane igitero cagizwe ku mupfasoni Spes Caritas Kabanyana, akorera ISANGANIRO i Bubanza, igasaba kandi ko hogirwa amatohoza ataho yegamiye, kugira abagira ivyo bitero bamenyekane, bahanwe.

Richard Giramahoro arongoye CNC

Aristide Nizigire

Messages

  • Amatohoza ataho yegamiye,kabisa!!Ayo maradio y’abatutsi birigwa baturira igihugu,bagira amarementanya,yuzuyemwo aba sans echecs,bagwanya umuhutu ku mugaragaro,ntibahishako bafise aho begamiye,ariko bagashakako hakorwa amatohoza ataho yegamiye vraiment!!Ivyo bitero ni montage zabo,ayo mabati ni we ayitoborera mwebwe abatutsi murababwigwa,bamuteye botobora amabati?Ayo ma grenades yose aterwa ni montages zikorwa hagati yabo ,et ils s’arrangent ntihagire uwupfa,igihe cose ntawupfa,murabona biratangaje!,nimuture imibe basha ,umunsi mwahuye n’uwuje aje kubatera ntazotobora amabati canke ngo grenade ibahushe,nimuze murisaza ariko mumenyeko ikinyoma kimara umunsi kitamara umwaka,twarabahinyuye,bandanya mugura ivyo bigwanisho ,imana ihora ihoze hari igihe ayo ma grenades muzosanga abana banyu bayiyugururiyeko murakitwara agahanga mwa bagesera mwe!

  • Kabisa Nibareke Kubaburagiza Kuko Aho Ngeza Kuraba Mbona Barangura Umwuga Wabo Neza.Babonye Ukuri Ntiboreka Kukuvuga.Je Mbere Nkavuga Ati:<komereza Aho>.

  • Birateye isoni ibigirirwa abamenyeshamakuru!Ndibaza nimba arigihugu kirimwo Democratie canke atayiriho?

  • Vuganeza un vrai Hutu umunyamacakubiri anuka kumutwe no kumunwa ..abamenyeshamakuru bose muriko muratoteza ko ari abahutu b,iwanyu!! Bob hutu......Mbonimpa hutu Rufyiri Hutu .....Uzibe iyo Wc yawe rero..mbe mwe ako mwishamba ntigahera!! No tusti no hutu ubu n,Intambara ya HUTU HUTU

  • Mani ndakwiyamye,abo bahutu muvugira uko umuntu nugutohoza neza ,uwabatumye ninde,ntivyumvikana ingene babeshera abahutu bene wabo,nuko bakorera utugwi tw’abatutsi tutigeze dushaka ko umuhut atwara,kanatsinda ayo maradio ni ayo mwakuye muvyo mwatunyaze murabakoresha,kandi mwene abo bari abasuku b’abatutsi,abo rero bakwiye kuzimangana ntaco batumariye kuko mwabagaburiye ibirozi qu’ils aillent au diable déjàen s’associant àvous baramaze gushika kwa lucifer,mushobora kubesha abandi ko ari igwano entre hutu hutu,mais au contraire ni ingwano entre hut-tutsi!Ariko ntaco abatutsi ndabizeye ndaziko muzobaha icigwa batazibagira nibabandanye babasase ibizuru imbere!Kandi hari benshi bamaze kubitahura,nca nibuka kuri meeting za mporona muri 93 hari aho abaporona bajana abahutu babuze ababo72,bagashika aribo babakorera meeting bakavuga ngo jewe abavyei banje bapfuye 72 ngo mugabo ndi muri mporona,abanyagihugu barabumviriza bagasigara baridoga,n’ubu niko biri biri masqué n’amaradio ariko nubu bariko barabitahura!

  • Uyo yiyita Vuganeza ngo yoba ari Nyamitwe? Ubwoba buratekeye. Imisi isigaye ni mike cane. Mugiye kuriha amabi yose mwakoze.

  • @amadéus
    Ubwoba bw’iki?j’aimerai bien voir ça!qui va nous faire payer vos inventions!

  • @ Vuganeza

    Ibi bintu wandika vyo gusubiza igihugu inyuma, Ngo nuko atawukubona aho inyuma y’iyo computer, NTASONI?? Burya urazi ko izo mvugo uzozibazwa kuri wa munsi? Abandi tugerageza kwiyunga kugira dutegurire generation iri inyuma igihugu giteye imbere, kandi gitahwa na bose, none sinari nzi ko igihugu tugisangiye n’abantu nka wewe umengo bagendana ubwenge bwabo mumifuko y’inyuma kunyo. NDAKUGAYE PE. Wotuma uguma imuhira ugahora nimba wabuze iciyumviro co guterera. Mbega imbere yo kwandika ntiwabonye aho hantu havuga ngo "ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU"? Je narondeye ahavuga ngo andika iciyumvira c’ukuntu twosambura igihugu ndahabura. Uri ikimaramaza ndakubariye. Mbega Ya demokarasi aba DD twagwanira irihe? Erega Demokarasi ntabwo ari icivugo; N’ibintu bishigwa mungiro. Mbega ugomba uvuge ko uwudashigikiye ikiringo ca gatatu kidahuye n’amategko wese ari umwansi w’abahutu? Jewe mbona ko nimba NKURUNZIZA asigaye ashigikiwe n’abantu biyumvira nka wewe, basi ageze ahatemba Pe! Ko twari dufise abandi bahutu benshi mumugambwe, Kuki batarungitswe? Canke nimba ikikuraje ishinga ari gutora umuhutu, Genda utore Rwasa. Wewe aho ubona n’ikiyabu kitogutwenga uko kuntu ubwenge bwawe bucuritse? Kandi nibagiye kukubwira; Jewe ndi Umuhutu akunda UBurundi hamwe n’abarundi bose, kandi yipfuza kubona igihugu gitera imbere mumpande zose. Nimba umuntu ananiwe no kwerekana ico ashoboye kumarira igihugu mumyaka cumi (10), ntakundi twomugira. Ariko uyundi ategerezwa kumufasha. Niko Tubigenza hano Iwacu mu Burundi. Uwanse nawe aba ahemukiye abarundi hamwe n’amakungu. Yanse kuvako aciye mumuryango, mukumukurako tumucisha mugitoboro kuneza y’igihugu. Nyarutsa rero wiruke mubitaro vy’abasazi bakuvure hanyume uze udufashe.

  • Jewe mazimisi nkurikirana abantubandika ngaha nkomeje kubona abanttu bavuga izina Nyamitwe ariko ntaryondabona mubandika ngaha noneho bigaheza bikanyobera iyobababarikuye sinziko bababarikuye kukindikinyamakuru Atari Igihe.Bi?

  • vyukuri ntakimbabaza nk’abarundi kutabana mu mahoro. bakibagira akaga twahitiyemwo mu1992. aho twabuze benewacu benshi cane bivuye mu migambwe. uwivugiye ng’uwukize isemu yibagira icamwirukana. jewe nta mugambwe numwe ndimwo kuko uwo nojamwo wose nohava ndabizira. nukuri ndababazwa nukuntu ubu umurundi wese ahagiye akamenyekana gusa ko ar’umurundi, yitwa umwicanyi kandi agirirwa nabi. ariko agatima kabi abarundi bagakura he? kwic’umuntu utari bumurye kandi ata naho ariwe wamugaburira! nukuri ndafise intuntu numubabaro. kandi abantu iruka nivyo vy’imigambwe, nabashaka kurya bicaye bakananirwa no gukur’amaboko mu mpuzu ngo bakore! mumbabarire mvuze vyinshi. sijewe ahubwo numubabaro mfise ku mutima w’abarundi incuti zanje.

  • kuki abatware bashaka kwunguka kugihugu aho kugiteza imbere?bakirengagiza uburundi bw’ejo! nibateshwe bate Imana niyo nkuru....

  • ndatangazwa nukuntu muhisha amazina yanyu kugira mutyozanye kandi mwese muri abarundi!ko musangiye igihugu mureka gute gusangira ivyiyumviro mukaguma mutyozanya?reka umwe wese ashikirize iciyumviro cye twibere mumahoro!contact me on 69066799

  • ALEXIS SINIBAZA KO ARI UMUMENYESHAMAKURU AZI IVYO AKORA. YAVUYE MU KAYANZA BAMWIRUKANYE KUBERA UBUBE GITO. KUWA 11/4/2015 KUKABARE KI MUYINGA KURI 09 IVYO YAKOZE NIVYO YAHAVUGIYE BIRATEYE ISONI.MBERE NINAVYO VYATUMYE VAHABWA UMUTAHE AKABESHA KO BAMUHORA AMAKURU YATANZE. AHUBWO BARATOHOZA NEZA BARABE ISANO RYIWE N’ABAKWIZW AMATRACTES MU GISAGARA.IVYO AVUGIRA MU BUBARE NIVYO BUKEYE TWUMGIRA KURI RPA AKORERA.BARAZOMWUBAKIRA AKSBAREVKUGIRA YOROJEREZWE MU MWUGA WIWE
    .NAREKEVUBUTUNGANE BUKORE.

  • abantu nkabo barakeneye kwisubirako bakareka kuvuga ivyo batazi kubera ukuvugameshi siko kuyamara harigihe bazovuga ibibakwegera batisubiyeko

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.