Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi Valentin BAGORIKUNDA avuga ko atazi ibirego vyatanzwe muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha n’abashingwamanza bavuga ko batumwe kuburanira imiryango yabuze abayo.
Valentin BAGORIKUNDA yamenyesheje ko ivyaha n’ububisha vyakozwe mu ntureka ziri mu Burundi bikiri mu matohoza kugira abazovyagirizwa bashengezwe mu butungane. Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika asaba imiryango ivuga ko yabuze abayo ko yokwitwara mu butungane bw’Uburundi, igatwara n’ibirego hamwe n’ivyemeza, kugira amatohoza ashobore kubandanya.
N’aho biri uko, Valentin BAGORIKUNDA amenyesha abashingwamanza baheruka kwitwara muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha nabo bafise ivyaha bagirizwa, kandi ko baronderwa n’butungane bw’Uburundi.
- Valentin BAGORIKUNDA, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi
Urunani rw’abashingwamanza babatu bituye sentare mpuzamakungu mpanavyaha hamwe n’umukuru w’igisata kijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU (Haut commissaire de l’ONU aux droits de l’Homme), bakaba bituye ubutungane mu guserukira imiryango y’ababuriye ababo mu bwicanyi ndengerabutungane, bagasaba ko abakoze ubwo bwicanyi boshengezwa mu butungane mpuzamakungu.
Mw’itangazo ryasohowe n’abashingwamanza batatu bituye ubutungane aribo Armel Niyongere umukuru wa ACAT (Action des Chrétiens pour l’Abolition de la Torture), Léon Lef Forster wo mu Bufaransa hamwe na Bernard Maingain wo mu Bubirigi, bamenyesheje ko abajejwe intwaro bagandaguye abanyagihugu, ari naco gituma imiryango igera kuri 60 yabituye kugira bayiserukire mu kwitura ubutungane.
Armel NIYONGERE, umwe muri abo bashingwamanza amenyesha ko iyo miryango 60 ariyo imaze gushika ibirego vyayo, n’abandi babaka bakibitororokanya kugira bishikirizwe ubutungane.
WO bimenya gute none ? mutagisohoka mugihugu wowe na nkurunziza mwirire uburobe navoka mubone uko mwica ntakindi.