IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Vital NSHIMIRIMANA : « Abasoda b’Abarundi nibatahe nabo batabare (...)

Vital NSHIMIRIMANA : « Abasoda b’Abarundi nibatahe nabo batabare ababo»

lundi 1er Ruhuhuma 2016, par egide

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryaraye rimenyesheje ku mugaragaro ko ritazorungika inteko mvamakungu kugarukana amahoro mu Burundi, kiretse gusa Reta y’Uburundi ibisavye. Mu runani FORSC rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bavuga ko bisa nk’aho abakuru b’ibihugu vy’umuryango w’ubumwe bwa Afrika babwiye abarundi ko bokwibako.

Vital NSHIMIRIMANA, arongoye urunani FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile) amenyesha ko bitangaje kubona ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryivuguruza, akavuga ko mu gihe uno munsi n’Uburundi bufise inteko mu bindi bihugu zagiye kugarukana amahoro, zotahukanwa.
«Ntiboja gufasha abandi natwe Afrika yanse kudufasha. Nibatahe nabo batabare ababo. Ntiboja gutabara abandi mu gihe ababo bariko baragandagurwa.»

PNG - 444.8 ko
Vital NSHIMIRIMANA, arongoye urunani FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile)

Umugambwe SAHWANYA FRODEBU nawo ubona ko habaye ukwivuguruza

Kubwa Ferederiko BAMVUGINYUMVIRA, icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, kwanka ko haza inteko mvamakungu gucungera umutekano w’abanyagihugu vyerekana ko abakuru b’ibihugu bafise ugushaka guke canke batazi akazi kabo mu vyerekeye ibibazo vy’umutekano.
Uwo yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu avuga ko abatari bake muri abo bakuru b’ibihugu bakorera inyungu zabo, bakibagira iz’abanyagihugu.
Nk’uko bishikirizwa na BAMVUGINYUMVIRA, abo bakuru b’ibihugu benshi muribo birabagora gufata ingingo kubera ivyo barimwo bisa n’ivyateye ibibazo mu Burundi (ubwicanyi, ukwiyongeza ibiringo, guhindura amabwirizwa shingiro n’ibindi).

JPEG - 10.2 ko
Ferederiko BAMVUGINYUMVIRA, icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU

Bitegekanijwe ko hazorungikwa mu Burundi abarorerezi (Délégation de haut niveau), mu gihe naho Reta y’Uburundi yovyemera, inteko za Afrika zikaba zorungikwa gufasha mu kwaka ibirwanisho ababitunze batabifitiye uruhusha, gukorana n’igiporisi c’Uburundi mu gukingira abanyagihugu, kworohereza abaharanira agateka ka zina muntu mu bikorwa vyabo, hamwe n’ugucunga imipaka Uburundi buhana n’ibindi bihugu.


IGIHE

Messages

  • ngivyo ivyiymviro vy, incabwenge. nibo bari bakenewe abicanyi ntibabe aribo bafata ijambo.

  • Kwisi ari ibintu bitangaje gose ubwo UA mwibaza ko itegekwa na vital,Frederic,nyangoma,cimpaye n,abandi barirwa bavuga yamuhe
    None ico mwashaka vyari ibiki?gerageze mumenye ko muri mumasbirajamwe kandi mwige gusonera inzego babonye ko atandero mugira nico gituma nivyo muvuga batabiha agaciro,umukuru wigihugu ni umwe tuzi kandi n,amakungu niwe kazi ni nyakubahwa Nkurunziza
    Nimwumve ijambo Mugabe yashikirije muriyo nama niho meomenya ko nabarundi twashishwe nabo bazungu mumenye neza muburundi hari millions yabarundi bari mugihugu mushaka batabare abantu bari murwanda bagiye bafise pass port bagongesheje kumupaka ngo bahunze basha za muritonda mwebwe murahunga mukaja mundege murara muma hotel meza meza ngo muri mubuhungiro
    Mbe nyangoma igihe yahunga igihugu ubwambere kwatagiye mumashirahamwe avugire kuma radio nkivyo ariko aradebagura ubu?wewe yanashaje ubwenge bwamusize
    Abo bazungu binjebagi mwirirwa murabwira utujambo jambo nibigugu nkamwe abantu ntibanamaramara nka Frederic nimba arwaye mumutwe bishinze ubusambanyi naba leonce amahera bayamiragura nkibinini ngo muzosubira kuba abakuru bibihugu,abandi ngo abakuru binama nshingamateka muragowe nukuri guma hamwe ubukene bubakubite mpaka mushaye
    Nyakubahwa prezida raba neza ahubwo ntimwugare ama compte gusa n,amazu yabo nimuyafate abe ya leta jaa no muma micro finance murabe aho bashize imitahe mubifate amahera muyakoreshe mubikorwa vyigihugu izo njavyi zirindire nabo igihe bazoza muriyo transition bakeneye
    Nyakubahwa umuntu wese agumuka muri ayo ma quartier twacumbikiyemwo abatutsi babanyarwanda nafatwe abo bebshi nibabuzukuru babatutsi babanyarwanda basigaye muza ngagara cibitoke mutakura musaga bafate mubasubize iwabo abandi mubapfunge izombwa
    Murakoze dushaka ko igihugu cacu gitekana abo banyarwanda bataha iwabo

  • NONE MWARABONYE UMUNTU YIMENA IGIHUTE? IVYUBURUNDI BIZOSHOBORA ONU KUKO ABAPRESIDA BABANYAFRIKA BAZI GUHINDURA IBWIRIZWA NSHINGIRO NA MANDAT GUSA.COTE D,IVOIRE ,LIBYA,NIBINDI BIHUGU NTIHAKOZE ONU?RERO NUBURUNDI NUKO

  • Ebagabo emeramushire ahintahe ishize kunkurunziza arabasumba we vital nabomwese murikumwe none gabasha ubuhomurabigiragute?Intenderi yaraye isheshumuti nimuze musabe ikigongwe president kuko mwarihenze ahubworero nimwitondekuko carafashwe bagabo mwarimurindiriye ingabomvamakungu twarazase n’africa yaraye ivyase hewe nyenimbugita nuwuyifashe kukirindi

  • Haburana 2 hagatsinda 1.kandi uwutsinzwe ntibatsindaho.niba inteko mvamakungu zitemewe ubwo hari izindinzira zindi zokoreshwa,kugira ibintu bigende neza.

  • VITAL NAREKUZE UBWO BWINYO HEJURU NGO ARI NIVYO ARIKO ARADUSIGURIRA TWEBWE ABANYAGIHUGU. NONE ASUMVYA UBWENGE BARYA BOSE BARAYE BAFASHE IYO NGINGO? NI AMARAMARIRE HIYO!!

  • Ariko sha vital wananiwe nokwiyogoshesha Ugo rushatsi ubona ufite ijambo wobwira abantu bakakumvira? Teshwa mute nakarwi kanyu nabanyangoma ivyo bi vyari Rane vyihutuye ntakubona twebwe abahutu tubaha indaro mu gihugu cacu cuburundi mwame musara ati igihugu nicanyu. muza tuba bona nkabacagero mushaka kutwomora ntaco muzoshikako tuzababarata uwindege kumbure mutekereze intabwirwa yabwiwe nuko amaso atukuye.

  • BIZO Ukwo ni guta wakuba kweli. Pole sana.

  • Ni babure kuza gucunga imiryango yabo harya umenga ntibumva erega imbere yuko baba abasirikare na bantu na bantagihugu, none bizobamaririki kuguma bakoteshwa na nya buhera babahendesha bakazoburya bonyene imiryango yaraheze. nibaze bagwanire aba gore na bana babo boye kuzokwicwa ni ntuntu bari baraburiwe. canke ni bapfirayo harico bazoba bafashije umuryango ko ubu ata musoda canke umu police bapfa bose bavugako bagiye mu bagwanyi kugira umukenyezi nabana ntibaze ku babaza ibisigi. basirikare bakunda igihugu kumbura mwihe iteka sinovuga ko hageze hararengeranye.nta mpusha zo kuvugana muronka hari gufungwa gusumba uko. ayo mahera azotinda arure mudahwe sindababesha.

  • UMENYE WEW UHANURWA UKAGAMIKA IZOSI UZOVUNAGURWA UTAGRA GTBARA KND NGWEH NDAJE VUBA KUJANA ABITEGUYE

  • Kumumenji VITAl. Ibyobabyita kubwejagura. Baze gutabara nde kandi uburundi amahoro ari guhinda. Kenyera usome kubuhungiro nurangiza imyaka ibiri abo bose bagushuka bazitahira . Gusa wowe Kimwe na Pacifique na Sinduhijwe ntimuzapfa musubiye i Burundi vuba. Politique muyirekere abayiza nka Nyamitwe hanyuma mukomeze mwiyahure n’ibiyeri nka Kiramvu. Muzapfa mubuyera nkuko Kiramvu aherutse kubyivugira abwira Pacifique.

  • Mwanyankaburundi mwe mwamenyereye kurya ivyagusa guma hamwe mube ababoyi babobazungu natwe toucher=jouer kugihugu lmana yari yaraturaganiye

  • ngizo zanyanka burundi mwumvu!! we Vital ubwo ntubonako mutamba mwirerera!. burya akataretse kaba gasema. wewe nabomurikumwe muzoguma mutagaciro mugere kuri zoro. ibiziga vyabarundi mumaze imisi mudandaza bizobahumire..uryincuti ukinovora intuntu......

  • erega nico kimwe. Abo nyene bitwa ngo bavuye kugarukana amahoro somalia nibo bashika bakoreshwa mu kumara abantu. Ex ba Darius na ba Rusheshe

  • mbaze aba senared mbega mwiyumvura ko arimwebwe mutegeka ubumwe bwa Afrika erega burongowe nimvugakuri bazi politike ya Afrika .ibihugu bishika kuri 5o vyafashe iyongingo mubdonako atapolitike bazi baravye umutekano wabanyagihugu beshi senarede we mufise 0.1 bwabanyagihugu hanyuma gwintekozize .emwe muracagowepe .reka dusabe inama nkenguza mateka na shingamateka mwongereze inguvu muhe uburyo bukwiye .Wili yirukange gusigirira amakugu ko muburundi amahoro angana nkumusenyi watanganika muburundi bwa cu aba dedemba nabo nibakomeze mbega kiramvuwe yanani nubumenyesha makuru aza kurota kumurango akana tuka umukuru wigihugu ubushigwa manza ni bumurondere amanze avuge uwamutumye gutuka izego abanyagihugu twitore amahanga namakungu birorera .na 2020 abasenarede ntimuzoronka nijwi narimwe ninde yobatora mwaturiye abantu mumapine izuba riva

  • Yewe Vital Warasaze I Vyo Uracavyiyumvira Kwivyo Vyaheze Twe Ubu Turikukazi Uwomutekano Nawo Niwe Atawufise Kuko Ivyowakoze Kuko Mufise Ivyomupfa Nankurunziza Uraza Mubimar Nayo Ntiwitwaz Abenegihu Ntitwagutumye

  • Cyecyeka wowe,ibyobita kubwejagura nibiki?wowe wumva ukwijije mumutwe wawe.nkawe ngowanditse!icyobikoze urarutse.ese vital urigutuka ubona mungana wamukaritasiwe?cyecyeka ntusubire kuruka.igicyucyu gusa.

  • nagomba mpanure umuntu wese acokora ibivyarirane yitonde kuko ubutegetsi nubwacu,mumenye ko turabarundi nkabandi ikindi nitwe bahuza ba barundi kuk nta muhutu canke umututsi twoshima aruko apfuye mbona igihe hoba umuntu ariko arashikiriza iciyunviro kwatoza aratukana,murakoze

  • vital.abatamuzi,nibamubone.mbegamwabantumuhendwa.mumuravye. haraho ataniyenumweyavugako bobo,ariabanabisirayeri

  • VITAR JE NBONA TWOMUREKA GUKO NUMUGWAYI ARWAYE MUMUTWE ABAKURU BIBIHUGU VYAFRIKA NABAGABO BABONYEKO UBURUNDI TWIKUKIYE ABANYABURAYA NTIBADUCEMWO IBICE TURIKWIJE MURI AFRIKA BADUHA KUKO DUFISIVYO TUBAHA MUJERI MURAHIYE MUKWAHA PEEEE

  • Izo njavyii, ivyo binwamaraso ,abo bamenja bandika bavuga ngo banejerejwe ningingo ya UA bibwira ko bazoguma bamena amaraso ukobigombeye baraja ngaho ngo ikibazo caheze reka kwitwenga ico ndababwiye NTAKIBURA UMUKENYURO INZIRA ZIRACARIHO

  • komera turi inyuma zanyu

  • komera turi inyuma zanyu

  • Ahaaa!!!? Abanye politique Benshi Banezerezwa Nuko Abanyagihugu Bama Mumarira Barariwe Munda Kuko Bumvise Ukuri Kwaciye Aho Kuri.

  • Eka reka mwene wacu vital ,ibocangero nkurumbi yarungitse muri somalie ntibakagaruke nibagumeyo aba all shabab babakosore

  • Nikuryanyene inkona ntiyaruzwa.

  • nagomba nsubire guhanura uyu master ntasubire kufata nabi ib’ivyarirane kuko ivyo mupfa mwebwe abahutu na batutsi ntiturimwo ico dukora duhagaze neza,nibaze kwatokwipfuza kwica umwishwa canke umuhungu wiwe yobikora twebwe ntitwobikora.ndasubiyemwo turabahuza ba barundi.twubahane kuko tu tubahanye ntakamaro.

  • Muracotse, urudandazwa rw’imivyimba ruragiye guhomba. Jenocide mwirirwa muraririmba irabacitse. Mbega ubu naho mugiye kugurisha iki mu bazungu?

    Uburundi si Urwanda. Kagame yarababeshe ngo provoqua jenocide ni imutahe udahomba none muraburiyemwo. Mumushikire muti waraduhenze hanyuma musabe imbabazi Abarundi.

    Ikibabaje ni urwaruka mwasutse muruha inkoho ngo gende murwane n’igisoda c’Uburundi none mumiryango ari amaganya n’amarira. Ikibabaje kandi ni urwo rwaruka rwemera gusukwa: none ga basha ababatumye ntibibereye i buraya n’handi aho champagne ikura iyindi? Abana babo ntibariko bariga mwebwe namwe musamira isazi ku menyo?

    Baba bamwe canke abandi shikira ababatuma gusesa amaraso y’Abarundi muti teshwe mute baba abazungu canke baba intumwa zabo ziri ngaho i Burundi.

  • Ivyuburundi . Biragoye .Shimye Kubivugako Imana Ikize Abarundi Abasenga Nibaje Kumavi

  • African union the end to get tired, is well dissolivid the cecrt and profitable again,and the presidents the mselvis the thought as the Nkurunziza.These cantake ourselves better you are have been given the power to kill commuters slowly now,his spirits has worked,colleagues to help him to enter the hell are they doing a feast, wth enti cement of hell. there are days, we cried one of the tears.Thirdly no two times.

  • NIBIHANGANECARATUVUNYE.INKUBAZIBIRINTIZISANGRA IGICU.

  • Nibigumireyo Koko Uburindi Burikwije Turahabona. Simwebwe Mubahenda Barwa Mukaga .Amahoro Ariho.

  • Vital Nimumutware Kwa Rojanti Yasaze . Canke Uhaze Ntacoyimena?Canke Ubaye Nkawawundi Yahaga Cane Agacisa Ukuboko Mumwenge Winzu Ngo Misi Ncukuboko? Yasigaye Yicuza. Iyonamenya.

  • Vital Nimumutware Kwa Rojanti Yasaze . Canke Uhaze Ntacoyimena?Canke Ubaye Nkawawundi Yahaga Cane Agacisa Ukuboko Mumwenge Winzu Ngo Misi Ncukuboko? Yasigaye Yicuza. Iyonamenya.

  • Iyo mikenyuro mwama mwavuze, ivyo n’ibimaramare, namwe murazi ko atawiteg’inkona. Mwe nimugume mukenyura natwe tugume tubamesa.

  • Nimube mwubahana. mugire urufasoni .
    nkawewe uvuga ivyo ntasoni wumva?

  • harigihe tworondera
    amahoro menshi
    ugasanga twiatse
    ayodufise ibibazo
    biremereye uburundi
    vyozana imvamakungu
    nibihe?ahubwo uburundi nyen
    bwokwiga ukuntu bwo
    zana amahoro

  • ahariho abantu bibazako bakunda uburundi kurush abandi uciye ishami wicayeko murakorokana.mbega nkabarundi basabira ibihano benewabo bagashaka k abarundi bamarana tubite gt?ntamuzungu azokemura ibibazo vyabarundi nabarundi bonye.

  • ahariho abantu bibazako bakunda uburundi kurush abandi uciye ishami wicayeko murakorokana.mbega nkabarundi basabira ibihano benewabo bagashaka k abarundi bamarana tubite gt?ntamuzungu azokemura ibibazo vyabarundi nabarundi bonye.

  • mwabagabo mwaretse "amakungu" mukirwanaho nihehe mwabonye onu itabara abaturage, umusirikale ufite ubwenge numutima bamwicana umuturanyi numuvandimwe ariho abungana imbunda kweli ngo acunze umutekano!!!!!!
    naho abo ngo bagiye gutabara somaliya ninzererezi zananiwe kwemera ko zahunze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.